Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibitigiri vy’abavyeyi bibungenze bagendana umugera wa sida bari ku muti upfupfahaza vyaraduze cane

GAMAJ Copie CopieIbitigiri vy’abavyeyi bibungenze bagendana umugera wa sida bashize ku miti ipfupfahaza ikiza sida vyagera  ku bice 42%, mu mwaka w’2012, ariko mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi, ivyo bitigiri vyangana n’ibice 85%. Ivyo biri mu vyatumye Uburundi bushirwa mu bihugu vyateye intambwe cane mu bijanye no kurwanya ubwandu hagati y’abana n’abavyeyi bagendana umugera wa sida. Ibitigiri vy’abavyeyi bibungenze bagendana umugera wa sida bashize ku miti ipfupfahaza ikiza sida vyagera  ku bice 42%, mu mwaka w’2012, ariko mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi, ivyo bitigiri vyangana n’ibice 85%. Ivyo biri mu vyatumye Uburundi bushirwa mu bihugu vyateye intambwe cane mu bijanye no kurwanya ubwandu hagati y’abana n’abavyeyi bagendana umugera wa sida. Abana bandura umugera wa sida bivuye ku bavyeyi ngo vyavuye ku bice 20%, mu mwaka w’2012, ariko mu mpera z’umwaka w’2016, ngo abana bandura umugera bari bageze muri rusangi ku bice 6%, kuva bakivuka gushika baheze kwonka. Ivyo ni ivyashikirijwe na muganga Félicité Nkunzimana, ku wa 4 Nzero 2018, akaba arongoye igisata kijejwe kurwanya ubwandu hagati y’umwana avuka ku bavyeyi bagendana umugera wa sida,mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko muganga Félicité Nkunzimana yabandanije abishikiriza, ngo igisata kijejwe kurwanya ubwandu hagati y’abana n’abavyeyi babo bagendana umugera wa sida catanguye gukora mu mwaka w’2000, gitangurira muri zone Buyenzi,komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Ico kigo co muri zone Buyenzi, ngo nico cashobora gupima abavyeyi bibungeze, kikongera kikabaronsa imiti ipfupfahaza ico kiza kugira umwana azogere kuvuka urugero rw’umugera mu maraso, rwagabanutse cane, ivyo ngo birafasha kugira umwana avuke akomeye. 

Kuva mu mwaka w’2000, ngo bagiye baratera intambwe mu mugambi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza sida bafashanije n’abasanzwe bashigikira Reta, aho ivyo bigo bifasha abavyeyi bibungeze, mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi umwaka w’2017, vyari bigeze ku bantu 1107, ivyo bigo haruhande yo gupima abavyeyi bibungeze, ngo abo basanze bagendana umugera baraheza bakabashira ku miti ipfupfahaza ikiza sida.  Iyo ntambwe mu gushinga ibigo vyo gupima uwo mugera yatumye abavyeyi bashizwe ku miti kuva mu mwaka w’2012 bava ku bice 42% baja ku bice 85%, mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi mu mwaka w’2017.Vyongeye, ngo abana bandura umugera wa sida bivuye ku bavyeyi, ngo bavuye ku bice 20% mu mwaka w’2012, ariko mu mpera z’umwaka w’2016, ngo abo bana bari ku bice 6%, muri rusangi, kuva bakivuka gushika baheze kwonka. Naho ngo bateye intambwe mu gupima abakenyezi bibungenze, abo basanze barwaye, bakabashira ku muti upfupfahaza, ngo haracariho intambamyi. Izo nazo ngo zishingiye ku bagabo badaherekeza abakenyezi babo mu gihe bagiye gupimisha imbanyi, ivyo ngo vyofasha kugira nabo bace bipimisha umugera wa sida bari kumwe. Abo basanze bagendana uwo mugera, ngo baraheza bakabashira ku muti upfupfahaza, iyo umukenyezi agiye kwipimisha ari wenyene, ngo bituma uwo muti ashobora kuwufata nabi, bigatuma abana bandura mu gihe bariko baronswa.Abavyeyi bibungeze ngo bokwijukira gupimisha imbanyi zabo mu mezi atatu ya mbereBisubiye, muri ico gisata co kur²wanya ubwandu hagati y’abana n’abavyeyi bagandena umugera, ngo iyindi ntambamyi bahura nayo, ifatiye ku bavyeyi bibungeze bataratahura akamaro ko gupimisha imbanyi zabo mu mezi atatu ya mbere. Muri ico gisata ca PTME ngo baraheza bakagira ingorane zo kuronka umwanya ukwiye wo kubategura, kubapima kugira babashire ku muti kare mu ntumbero yo kugabanya umugera mu maraso. Iyo urugero rw’umugera rugabanutse mu maraso, ngo bituma umwana agira amahirwe yo kuvuka akomeye. Urwo rugamba rwo guhimiriza, ngo si urw’umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza sida, muri ico gisata ca PTME, ngo bavura ababituye kandi n’igihe umwe wese ashikiye. Muganga Félicité Nkunzimana akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi, gufasha guhimiriza abavyeyi ku kamaro ko gupimisha imbanyi hakiri kare. N’abagabo ngo bamenye akamaro ko guherekeza abakenyezi babo mu gihe bagiye gupimisha imbanyi, muri make bamenyere kwitaho amagara y’imiryango yabo.Abajejwe intwaro ku nzego zitandukanye ngo bariko barafasha guhimiriza.Ariko rero ngo hari icizere kuko abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru bariko barafasha guhimiriza imirwi itandukanye y’abarundi. Aho muganga Félicité Nkunzimana akavuga umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, aho ariko arafasha muri ico gikorwa.

Ivyo rero ngo vyarafashije kugira bagere ku ntambwe bageze ko uno munsi. Mu mwaka w’2011, ngo niho amakungu yahaguruka kugira arandurane n’imizi ikiza sida na cane cane ubwandu hagati y’abana n’abavyeyi bagendana umugera wa sida, hari mu nama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Muri iyo nama, ngo niho babona ko hari ibihugu 22 bikiri inyuma muri ukwo kurwanya ico kiza mu bana, aho abana bandura umugera wa sida ku bavyeyi bari benshi. Muri ivyo bihugu, ngo Uburundi bwarimwo.Inyuma y’iyo nama, ngo baciye basaba ivyo bihugu  kwiha intumbero irashe yo kurandurana n’imizi ubwo bwandu ku bana kugera mu mwaka w’2015. Mu mwaka w’2012, ngo niho Uburundi bwatunganya umugambi w’igihugu wo kurwanya ubwandu ku bana, aho ibitigiri vy’abavyeyi bibungeze bashirwa ku muti vyaduze, n’abana bavukana umugera baragabanuka. Inyuma y’uwo mugambi, ngo ubu naho bihaye umugambi « Super fast track », uwo nawo ukazoshika mu mpera z’umwaka w’2018. Uwo nawo ngo ni uwo kwongereza inguvu kugira babandanye kurwanya ubwandu mu bana, mu mpera z’umwaka w’2018, ngo n’uko boba bageze ku bice 95% vy’abavyeyi bibungenze bashirwa ku muti upfupfahaza ikiza sida. Muri ico kiringo nyene, ngo abana bashirwa ku muti upfupfahaza, ngo bova ku 3361 bakaja ku 4043, mu mpera z’umwaka w’2018.Tubamenyeshe ko muri urwo rugamba, muganga Félicité Nkunzimana asaba haruhande y’abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru gushika hasi n’abarongoye amashengero atandukanye gufasha guhimiriza.

 Déo Misigaro                                                                                                    

 

Ouvrir