Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abiyitirira umukuru w’Inama Nshingamateka ku muhora wa Facebook ngo ni abafise izindi ntumbero

FERE CopieMu ntumbero yo gutanga umuco ku bijanye n’abantu bakoresha izina ry’umukuru w’Inama Nshingamateka «Pascal Nyabenda » ku makonte akoreshwa  ku rubuga ngurukanabumenyi bakoresheje umuhora wa « Facebook »  ngo ni abantu bafise izindi ntumbero bashaka gushikako n’ubwo hariko amafoto y’uwuramutswa urwo rwego.Mu ntumbero yo gutanga umuco ku bijanye n’abantu bakoresha izina ry’umukuru w’Inama Nshingamateka  « Pascal Nyabenda » ku makonte akoreshwa  ku rubuga ngurukanabumenyi bakoresheje umuhora wa « Facebook »  ngo ni abantu bafise izindi ntumbero bashaka gushikako n’ubwo hariko amafoto y’uwuramutswa urwo rwego.

Ivyo bikaba ari ivyashikirijwe  n’umuvugizi w’Inama Nshingamateka, Alexis Badian Ndayihimbaze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 5 Nzero 2018 mu ntumbero yo kumenyesha abarundi n’amakungu aho umukuru w’Inama Nshinagamateka  ahagaze ku bijanye n’abiyitirira izina ryiwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo abakoresha urubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook  baramaze iminsi babona ko hari amakonte akoreshwa kw’izina ry’umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda. Ngo benshi mbere barihutira no kumusaba ubugenzi kuri urwo rubuga kuko baba babonyeko ifoto yiwe kandi bipfuza kwama bakurikirana amakuru, ubutumwa n’ibindi vyocishwa ku rubuga n’umukuru w’Inama Nshingamateka. Alexis Badian Ndayihimbaze yamenyesheje ko ikimaze kwibonekeza ari uko ayo makonte akoreshwa kw’izina rya Pascal Nyabenda, kenshi ashirwako amafoto atajanye n’ibikorwa birangurwa n’umukuru w’Inama Nshingamateka ahubwo aza amucafuza. Muri ayo mafoto, ngo harimwo ay’abantu bishwe, abana bafise ibirwanisho n’ayandi ngo atyoza agateka ka zina muntu.Benshi mu bakoresha urubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook  ngo  baramaze guhendwa, ugasanga bandikiranira n’abo bamwiyitirira bibaza ko ariwe. Ngo hari n’abamaze kwemererwa imibonano, ubuzi n’ibindi vyinshi kandi atari vyo.  Ku bw’ivyo rero, umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi ngo yipfuje kumenyesha abarundi bose n’abanyamahanga barimwo ko ata konte n’imwe arigera akoresha ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook. Ngo ntihagire rero abahendwa ngo basahurwe ivyabo. Alexis Badian Ndayihimbaze yarongeye amenyesha ko uwipfuza kumenya ibikorwa birangurwa n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi n’ibikorwa vy’urwo rwego muri rusangi yorabira ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook: Inama nshingamateka, kuri Twitter : @nshingamateka, canke kuri www.assemblee.bi                           

Estella Niyongere 

 

Ouvrir