Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imvukira z’igisagara ca Bujumbura zisabwe kuzotora impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro

DSC 0070Imvukira z’igisagara ca Bujumbura n’abaharangurira imirimo yabo basabwa gutora impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rigiye kugenga Uburundi mu myaka iri imbere. Vyongeye ngo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro ari naryo rikomokako ayandi mabwirizwa yose bicishijwe mu banyagihugu « référendum » ngo ni uburyo budasanzwe buhabwa abanyagihugu bwo guhindura amategeko abagenga.  Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, ku wa 5 Nzero 2018, aho yari aramutse asigurira abarongoye abandi mu nzego zitandukanye, imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, n’abandi ingingo zigiye guhinyanyurwa mw’Ibwirizwa Shingiro rigiye kugenga Uburundi mu myaka iri imbere.Imvukira z’igisagara ca Bujumbura n’abaharangurira imirimo yabo basabwa gutora impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rigiye kugenga Uburundi mu myaka iri imbere. Vyongeye ngo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro ari naryo rikomokako ayandi mabwirizwa yose bicishijwe mu banyagihugu « référendum » ngo ni uburyo budasanzwe buhabwa abanyagihugu bwo guhindura amategeko abagenga. 

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, ku wa 5 Nzero 2018, aho yari aramutse asigurira abarongoye abandi mu nzego zitandukanye, imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, n’abandi ingingo zigiye guhinyanyurwa mw’Ibwirizwa Shingiro rigiye kugenga Uburundi mu myaka iri imbere.Nk’uko umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana yatanguye asigura amajambo amwe amwe nk’ico umuntu yo kwumva bavuze, igihugu, abanyagihugu, Ibwirizwa Shingiro, ubwigenge, n’ibindi. Igihugu rero ngo kiba gifise imbibe, abanyagihugu n’amategeko akigenga. Iyo bavuze rero ngo amategeko, umuvyeyi wayo ni ibwirizwa Shingiro, eka ngo ni naryo ritunganya uko igihugu gitwarwa n’inzego zaco. Abanyagihugu nabo, ngo ni abantu bose baba muri ico gihugu bafise imico n’akaranga bishobora kuba bitandukanye ariko bagatwarwa n’amategeko n’inzego zimwe. Ubwigenge nabwo ngo ni uburenganzira bwo kwishingira amategeko, ubwo nabwo ngo ni ubw’abanyagihugu. Umugambwe nawo, ngo ni ishirahamwe ry’abanyagihugu bahuje ivyiyumviro n’imigambi, bakaja ku butegetsi biciye mu matora. Ku bijanye no guhinyanyura ibwirizwa Shingiro, ngo ni igikorwa gisanzwe, bivanye n’aho igihugu kiba kigeze. Akaba yatanze uburorero bw’ibihugu bimaze guhinyanyura  ibwirizwa  Shingiro, ngo Ubufaransa bumaze kurihinyanyura incuro 24, Autriche incuro 670, n’ibihugu vyo mu karere nka Kenya, Tanzaniya ngo vyarahinyanyuye amategeko abigenga. Kw’isi yose ngo nta na hamwe igihugu gitwarwa n’amasezerano, ayo masezerano araheza akaja muri iryo Bwirizwa Shingiro.


Mu ntangamarara y’impinyanyuro z’ibwirizwa Shingiro ngo baragaruka ku masezerano y’i Arusha

Mu ntangamarara y’iryo bwirizwa Shingiro, ngo baravuga neza ko amasezerano ya Arusha azokwubahirizwa hadasizwe inyuma ayo masezerano ngo azobandanya yubahirizwa, gukomeza ukwikukira kw’igihugu n’agateka ka zina muntu hamwe no kwinjira neza mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC, aho amafaranga Reta ikoresha azohora atorwa mu kwezi kwa Ruheshi. Uwuzotorwa ngo arongore igihugu, ngo azorahira afashe Bibiliya. Ku bijanye n’urwego rw’Umukuru w’igihugu, ngo yoba afise imyaka 40 n’imiburiburi, aho ni mu gihe iryahahora ryavuga ko yoba afise imyaka 35. Ikiringo c’Umukuru w’igihugu kizova ku myaka 5 kije ku myaka 7 kuri   ico kiringo agashobora kwiyongera rimwe gusa. Ku bijanye n’ivyegera vy’Umukuru w’igihugu, ngo hazoba icegera kimwe adasangiye ubwoko n’Umukuru w’igihugu, akava no mu mugambwe utandukanye n’uw’Umukuru w’igihugu. Reta ngo izorongorwa n’umushikiranganji wa mbere, azonarongora urwego rutegura Inama y’abashikiranganji. Abashingamateka bazotorerwa ikiringo c’imyaka itanu, urwego rw’Inama Nkenguzamateka rurakuwe muri izo mpinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rishasha rigiye kurongora igihugu. Umukuru w’igihugu atagishoboye kurangura amabanga, ngo azosubirirwa n’umukuru w’Inama Nshingamateka. Umukuru w’igihugu afatiriwe, ngo Icegera ciwe kizoshobora kurongora Inama Nshikiranganji. Ibijanye n’uko ubwoko buzoserukirwa mu nzego zitandukanye, ngo ni kurya amasezerano y’i Arusha yabitegekanije ntaco bakuyeko. Muri izo mpinyanyuro, ngo ikomine izotwarwa na musitanteri, inama mpanuzwajambo ya komine ikazoba ijejwe kumuhanura bikenewe. 


Ivyo guserukirwa kw’ubwoko mu nzego ngo vyarafashije abarundi kunywana.
Mu bibazo vyabajijwe, abari bitavye iyo nama, basaba ko ivyo guserukirwa kw’ubwoko mu nzego  vyohagara, abakenyezi bagaserukirwa bisunze uko bangana mu Burundi, urwaruka rukaronka ikibanza muri iryo bwirizwa shingiro rishasha. Ku nyishu zatanzwe n’umuhuza w’abarundi, yamenyesheje ko ibwirizwa Shingiro ari umuvyeyi w’ayandi mategeko yose, imyitwarariko y’aba n’abandi ngo izotorerwa umuti ku mategeko azorikomokako. Mu gihe aba isiramu batumva ukuntu Umukuru w’igihugu azorahira afashe Bibiliya, Edouard Nduwimana yasiguye ko ukurahira kw’Umukuru w’igihugu biri mu ngingo y’107, akizera ko hazoba itegeko rizorikomokako ribitomora.Ku bijanye no guserukirwa mu nzego hisunzwe ubwoko, umuhuza w’abarundi yishuye avuga ko ivyo vyatumwe n’ibihe igihugu caciyemwo, kandi ngo ukwo guserukirwa hari ibibazo vyatoreye umuti. Ariko ngo gishasha ni uko mu rwego rw’ubucamanza ubwoko bugiye guserukirwa hisunzwe ibitigiri vya 60% vy’abahutu, 40% vy’abatutsi. Mu gihe aba isiramu basaba ko boronka ibibanza nk’abayoboke b’iryo dini, umuhuza w’abarundi yasiguye ko ari abarundi mu bandi, igihe bagiye mu nzego bagenda baserukira ubwoko bwabo, aho ni mu gihe bavuga ko ata bwoko mu ba isiramu buvugwa. Ku rwaruka, ngo hariho amabwirizwa azoba abaraba, aho hagiye no gushingwa ibanki y’urwaruka izobaha ingurane. Ku bakenyezi, ngo bakwiye gukora, ntibaronswe ibibanza kubera ari abakenyezi, ahubwo babironswe kubera berekanye ubushobozi bwabo.Tubamenyeshe ko yasozereye asaba abitavye iyo nama kurondera iyo nteguro kugira bayisome nabo bazoje kusigurira abanyagihugu bajejwe kurongora, nabo bazoheze baritore. 

 Déo Misigaro                                                                                                

 

Ouvrir