Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mugisagara ca Bujumbura Intonde z’abadandaza bahora mu masoko yasubiwemwo zaratanguye gushirwa ahabona

TEREZAAbahora badandariza mu masoko ya kera yo mugisagara ca Bujumbura batarayasubiramwo basabwe kuja kuraba ku masoko bahoramwo intonde zabo aho zimanitswe. Ivyo vyashikirijwe na Ramadhan Nkurikiye umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2018.Abahora badandariza mu masoko ya kera yo mugisagara ca Bujumbura batarayasubiramwo basabwe kuja kuraba ku masoko bahoramwo intonde zabo aho zimanitswe. Ivyo vyashikirijwe na Ramadhan Nkurikiye umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2018. Ramadhan Nkurikiye yamenyesheje ko igikorwa co kumanika intonde z’abadandariza muri ayo masoko catanguye, bakaba bamaze kuzimanika mu Kinama hamwe no mu Ruziba.  Ngo mu yandi masoko yose nahonyene bakaba bagiye kuhamanika intonde. Yaravuze ko igituma batevye ari uko baronse amazina menshi aruta ibibanza, bagaca babanza kuvyiga neza kugira ntihagire uwubura. Ngo ivyo navyo kugira bavyige bikaba vyarafashe umwanya kugira babikore. Yarongeye aramenyesha ko umudandaza wese azokwinjira ikibanza abanje kwerekana ifishi kandi ko adaheraniye uburongonzi bw’igisagara ca Bujumbura. Ngo abazokwubaka bahawe ikiringo c’ukwezi kandi ntawurekuriwe kwubakisha imbaho. Ngo uwufise ico kibanza asabwe kwandikira umukuru w’umurwi ujejwe gusubiza abadandaza mu masoko, abangikanije n’ikopi y’ifishi yari asanzwe akoresha bitarenze ku wa 19 Nzero 2018 isaha cumi z’umuhingamo. Yaravuze kandi ko mw’isoko ya Ruziba hazokorera abadandaza bangana n’10188 mu Kinama naho bashika ku 2027.Yaramenyesheje kandi ko umudandaza wese agira atangure gukora azoca kwiraba ku rutonde hanyuma aca agenda kwa komiseri atwara isoko kugira amwereke ivyangobwa. Ngo barakoze uko bashoboye kugira abadandaza bose baronke ibibanza.                                                             

Thérèse Niyonkuru  

 

Ouvrir