Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Itegeko rishasha rigenga amabanki muri rusangi, rirashimwa n’abarikoresha bose

DSC 0023 Copie CopieItegeko rishasha rigenga amabanki inomero 1/17 ryo ku wa 22 Myandagaro 2017 rirashimwa  muri rusangi n’abarikoresha kuko rifise ico rirushije iryahahora. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abadandaza ACOBU, Jean Samandari yamenyesheje ko ashima ingingo za 96 na 97 zijanye n’igurishwa ry’ingwati mu gihe mw’itegeko rigenga amabanki ryahahora hari ikibazo kinini hagati y’amabanki n’abayitura aho umuntu afashe ideni mw’ibanki bigoranye ko aririha baca bagurisha ingwati yatanze. Ngo sentare y’ubudandaji yaca itanga iminsi 15 kugira ngo ube warishe umwenda, bitabaye uko baca bashobora gufata ingingo yo kugurisha ingwati. Ngo akarusho muri iryo tegeko rishasha rigenga amabanki ni uko iyo vyagoranye ko umunywanyi w’ibanki ariha ideni, ibanki iramwandikira imumenyesha ko aheranye. Ngo ufatiye ku kiringo aba yaronkeyeko iryo  kete, umunywanyi arafise ikiringo c’umwaka kugira yisuganye ashobore kugurisha ingwati yiwe hanyuma akariha iryo deni.  Samandari yamenyesheje ko ashima kubona mw’itegeko rishasha hari ingingo isaba ko amasezerano ari hagati y’ibanki n’umunywanyi bayashira mu kirundi kuko n’abatazi gusoma igifaransa  bashobora kuyumva neza kuko usanga harimwo amajambo y’ubuhinga ashobora kugora mbere n’uwushobora gusoma igifaransa. Ngo mu nama yabereye i Gitega kuva ku wa 12 gushika  kuva 15 Kigarama 2017, abayitavye barasavye Ibanki nkuru  y’igihugu (BRB) ko yotunganya izindi nama zo gusigura itegeko rishasha rigenga amabanki kugira abarikoresha bose baryumve co kimwe. Ngo ivyo vyavuye ku kungene hari ingingo zimwe zimwe zo mw’itegeko rigenga amabanki rizoja mu ngiro inyuma y’umwaka iri   rishasha  riteweko igikumu. Samandari yifuje ko hoba izindi nama bagahanahana ivyiyumviro mbere bigashoboka no gukosora udutosi turi muri iri tegeko.  Uwurongoye ishirahamwe ry’abafise amahinguriro AIB, Charles Ndayizeye yamenyeshe ko mw’itegeko rishasha rigenga amabanki iyo  mu banyamitahe b’ishirahamwe kanaka hari umwe ari ku rutonde rw’abatacizewe n’amabanki, iryo shirahamwe ntiriheza ngo rishobore gukorana n’ibanki iyariyo yose. Ku bwa Ndayizeye, ngo iyo ngingo izotuma amashirahamwe menshi agira ingorane zo gukora. Uwurongoye ishirahamwe ry’amabanki, Audace Bukuru yamenyesheje ko ingingo za 96 na 97 zije gukingira abasaba amadeni amabanki kubera mu minsi iheze abanywanyi b’amabanki barayidogera ko yobaha amadeni kugira ashobore kudandaza inzu zabo.

Itegeko rishasha rigenga amabanki inomero 1/17 ryo ku wa 22 Myandagaro 2017 rirashimwa  muri rusangi n’abarikoresha kuko rifise ico rirushije iryahahora. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abadandaza ACOBU, Jean Samandari yamenyesheje ko ashima ingingo za 96 na 97 zijanye n’igurishwa ry’ingwati mu gihe mw’itegeko rigenga amabanki ryahahora hari ikibazo kinini hagati y’amabanki n’abayitura aho umuntu afashe ideni mw’ibanki bigoranye ko aririha baca bagurisha ingwati yatanze. Ngo sentare y’ubudandaji yaca itanga iminsi 15 kugira ngo ube warishe umwenda, bitabaye uko baca bashobora gufata ingingo yo kugurisha ingwati. Ngo akarusho muri iryo tegeko rishasha rigenga amabanki ni uko iyo vyagoranye ko umunywanyi w’ibanki ariha ideni, ibanki iramwandikira imumenyesha ko aheranye. Ngo ufatiye ku kiringo aba yaronkeyeko iryo  kete, umunywanyi arafise ikiringo c’umwaka kugira yisuganye ashobore kugurisha ingwati yiwe hanyuma akariha iryo deni.  Samandari yamenyesheje ko ashima kubona mw’itegeko rishasha hari ingingo isaba ko amasezerano ari hagati y’ibanki n’umunywanyi bayashira mu kirundi kuko n’abatazi gusoma igifaransa  bashobora kuyumva neza kuko usanga harimwo amajambo y’ubuhinga ashobora kugora mbere n’uwushobora gusoma igifaransa. Ngo mu nama yabereye i Gitega kuva ku wa 12 gushika  kuva 15 Kigarama 2017, abayitavye barasavye Ibanki nkuru  y’igihugu (BRB) ko yotunganya izindi nama zo gusigura itegeko rishasha rigenga amabanki kugira abarikoresha bose baryumve co kimwe. Ngo ivyo vyavuye ku kungene hari ingingo zimwe zimwe zo mw’itegeko rigenga amabanki rizoja mu ngiro inyuma y’umwaka iri   rishasha  riteweko igikumu. Samandari yifuje ko hoba izindi nama bagahanahana ivyiyumviro mbere bigashoboka no gukosora udutosi turi muri iri tegeko.  Uwurongoye ishirahamwe ry’abafise amahinguriro AIB, Charles Ndayizeye yamenyeshe ko mw’itegeko rishasha rigenga amabanki iyo  mu banyamitahe b’ishirahamwe kanaka hari umwe ari ku rutonde rw’abatacizewe n’amabanki, iryo shirahamwe ntiriheza ngo rishobore gukorana n’ibanki iyariyo yose. Ku bwa Ndayizeye, ngo iyo ngingo izotuma amashirahamwe menshi agira ingorane zo gukora. Uwurongoye ishirahamwe ry’amabanki, Audace Bukuru yamenyesheje ko ingingo za 96 na 97 zije gukingira abasaba amadeni amabanki kubera mu minsi iheze abanywanyi b’amabanki barayidogera ko yobaha amadeni kugira ashobore kudandaza inzu zabo.Ngo ivyo vyoba vyarashitse ari naco gituma bashatse kubikosora mu gushiraho izo ngingo za 96 na 97. Ngo  muri izo ngingo nyene uwasavye ideni iyo bimugoye kuriha umwenda baramuha umwaka kugira yigurishirize ico aba yatanzeko ingwati. Ku bwa Bukuru, ngo  ico ni ikintu gishasha kije corohereza abitura amabanki. Ngo umwaka uheze umunywanyi atarigurishiriza ingwati ari nk’inzu,  ibanki iheraniwe yaca yandikira uwurongoye sentare y’ubudandaji kugira isohore itegeko ryo gushira iyo nzu kw’isoko, uwo nawe akandikira uwurongoye igisata kijejwe gutanga impapuro ndangatongo kikongera kikazibika “Titre Foncier” mu kiringo c’ukwezi. Ngo uwurongoye ico gisata afise iminsi 15 kugira aheze ibikenewe kugira iyo nzu ishobore kugurishwa. Ngo mw’itegeko rishasha, ibanki ntishobora kugura iyo nzu kiretse iyo abaje  kuyigura  bose batanze amahera ari munsi y’agaciro kayo  k’igihe uwo muntu yayitangako ingwati, kuko hari aho usanga ideni banki iheraniwe risumba cane amahera ariko aratangwa kuri iyo nzu igurishwa.Ngo izo ngingo za 96 na 97 zije kworohereza amabanki kuko hari imanza z’abaheraniye amabanki zahora zimara n’imyaka 10 muri sentare.

Izo ngingo zije gukosora imyidogo y’abahora basaba amadeni amabanki hanyuma ntibashobore kuyariha bakagurishirizwa ingwati.  Ngo ingingo y’134 ivuga ko itegeko rishasha rigenga amabanki rizoja mu ngiro inyuma y’umwaka rishizweko umukono n’Umukuru w’igihugu  hakaba n’ingingo y’137 ivuga ko iri tegeko  rigiye mu ngiro umusi ryemerejwe  n’Umukuru w’igihugu. Ngo igituma batanze ico kiringo c’umwaka ngo  ni uko abajejwe kurishira mu ngiro ni ukuvuga ibanki nkuru y’igihugu, ubushikiranganji bw’ubutungane bategerezwa gusigurira abantu iryo tegeko bongere basohore ingingo zaherekeza iryo tegeko rishasha rigenga amabanki.  Bukuru yamenyesheje ko BRB yandikiye abarongoye amabanke bose kugira bashire mu ngiro ibishora kuja mu ngiro ubwo nyene babikore. Ngo nko gushira mu ruririmi rw’ikirundi amasezerano na banki igiriranira n’abanywanyi bayo bariko baravyitegurira kubikora ntibazorindira umwaka.  Ku bavuga ko mu Burundi,  amabanki yaho  yaka inyungu nini kw’ideni ugereranije n’ayandi mabanki yo mu bihugu vyo muri aka karere, Bukuru yamenyesheje ko atarivyo kuko ivyigwa vyakozwe vyarerekanye ko mu bihugu vyo muri aka karere inyungu ku madeni ziri hejuru nko mu  bihugu vya Kenya na n’Ubuganda zirashika ku bice 25% mu gihe aha mu Burundi  inyungu zo hejuru ku madeni ziri ku bice 19% canke 20%. Ngo iri tegeko rishasha rigenga amadeni rije ryorohereza abanywanyi b’amabanki kuko hari ingingo nshasha ivuga ko BRB izosohora itegeko rishinga inyungu ntarengwa amabanki adashobora kwaka abanywanyi.             

 Aline Kanyana

 

Ouvrir