Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amakuru yo mu Burundi yandikwa mu binyamakuru vya Reta ngo azokwira isi yose bibifashijwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru « Xinhua News Agency » ryo mu Bushinwa

 

DSC 1373 CopieAmakuru yo mu Burundi yandikwa mu binyamakuru « Le Renouveau »gisohoka ku munsi ku munsi ,kikandakwa mu rurimi rw’igifaransa n’ «UBUMWE» gisohoka rimwe mu ndwi kikandikwa mu kirundi ngo agiye gushika kure mu mahanga bibifashijwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu c’Ubushinwa « Xinhua News Agency ».Ivyo ni ivyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (P.P.B), Louis Kamwenubusa, inyuma y’aho yari ahejeje gushira umukono co kimwe n’uwuserukira itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu c’Ubushinwa Xinhua News Agency ku masezerano yo guhanahana amakuru. Ivyo birori bikaba vyabereye mu biro vy’umuyobozi mukuru wa P.P.B.Amakuru yo mu Burundi yandikwa mu binyamakuru « Le Renouveau »gisohoka ku munsi ku munsi ,kikandakwa mu rurimi rw’igifaransa n’ «UBUMWE» gisohoka rimwe mu ndwi kikandikwa mu kirundi ngo agiye gushika kure mu mahanga bibifashijwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu c’Ubushinwa « Xinhua News Agency ».Ivyo ni ivyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (P.P.B), Louis Kamwenubusa, inyuma y’aho yari ahejeje gushira umukono co kimwe n’uwuserukira itororokanirizo ry’amakuru ryo mu gihugu c’Ubushinwa Xinhua News Agency ku masezerano yo guhanahana amakuru. Ivyo birori bikaba vyabereye mu biro vy’umuyobozi mukuru wa P.P.B.Nk’uko Kamwenubusa yabandanije abivuga ngo intumbero y’ayo masezerano ni  ugufashanya kugira kw’isi yose hamenyekane  amakuru y’ukuri ku biba mu gihugu c’Uburundi kubera  hari ibinyamakuru bimwe bimwe na cane cane  ivy’abanyaburaya bimenyesha ko mu Burundi ibintu biriko biracika ariko atari vyo.Ngo  n’ubu nyene kandi ivyo binyamakuru biriko biravuga ukutariko ibijanye n’uko abarundi mu biganiro baherutse kugiranira bisabiye ko mw’Ibwirizwa Shingiro hagira ingingo zimwe zimwe zihinduka. Iryo tororokanirizo rero ngo nk’uko risanzwe rizwi kw’isi yose rikaba rifise kandi ubuhinga bushikana amakuru mu bice bitandukanye vy’isi, rikazofasha ivyo binyamakuru vya Reta  arivyo « Le Renouveau » n’ « UBUMWE » gushikana kure   amakuru y’ukuri y’ibiriko biraba mu Burundi, maze ibihuha  bigabanuke hanyuma abashaka babandanye ibinyoma mugabo amakungu abe yamenye ukuri ku biriko birakorwa mu Burundi.Umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta, Louis Kamwenubusa, yamenyesheje kandi ko anezerejwe cane no kubona bashoboye kugiriranira ayo masezerano kugira amakuru yose y’Uburundi ashobore gushika kw’isi nzima, na cane cane ko iryo yandikiro risanzwe risohora amakuru aba yavuye mu bikorwa biba biriko birarangurwa n’inzego zose za Reta kuva ku rwego rw’umukuru w’igihugu gushika mbere no ku nzego zo hasi mu mitumba ariko ugasanga kw’isi ntiyamenyekanye mugabo hakamenyekana ibihuha kubera ko hari ababishaka gutyo.  

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir