Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abadandaza b’imiti batagerezwa gushikiriza iyataye igihe ababijejwe kugira iturirwe

SAZAZAImiti badandariza mu mangazini (pharmacie) ngo igihe itaye igihe  baraheza bakabimenyesha igisata kijejwe   ububiko bw’imiti , imiti hamwe  n’amazu bapimiramwo indwara zitandukanye  kuko ari co kijejwe kwandika amategeko atandukanye  agenga ibintu bijanye n’imiti n’imangazi bacururizamwo imiti hamwe n’aho bapimiramwo indwara zitandukanye kugira yegeranywe hanyuma iturirwe.  Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi ajejwe  ico gisata,  Emmanuel Bamenyekanye mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 26 Kigarama 2017.Imiti badandariza mu mangazini (pharmacie) ngo igihe itaye igihe  baraheza bakabimenyesha igisata kijejwe   ububiko bw’imiti , imiti hamwe  n’amazu bapimiramwo indwara zitandukanye  kuko ari co kijejwe kwandika amategeko atandukanye  agenga ibintu bijanye n’imiti n’imangazi bacururizamwo imiti hamwe n’aho bapimiramwo indwara zitandukanye kugira yegeranywe hanyuma iturirwe.  Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi ajejwe  ico gisata,  Emmanuel Bamenyekanye mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 26 Kigarama 2017.Nk’uko yabandanije abivuga,  ngo ico gisata arongoye kijejwe kandi kwinjiza imiti yose iza mu gihugu yaba ari imiti ya Reta canke iy’abikorera ivyabo canke iyizanwa n’abafasha Uburundi, akaba rero ngo ari muri iyo ntumbero  ico kigo giheza kigahimiriza ubuyobozi bw’amagara y’abantu buri mu ntara  kugira buje buregeranya imiti yataye igihe,  imaze kurwira bagaheza bakarungika umurwi ujejwe guturira iyo miti.  Ku vyerekeye abashinze imangazini zidandaza imiti nazo ngo basanzwe babizi kuko ngo baraheza iyataye igihe bakayijana mu  buyobozi bw’amagara y’abantu  buri mu ntara kugira ngo iheze iturirwe. Aho rero ngo ni mu gihe aba ari mu ntara zo hagati mu gihugu.  Mu gihe ngo baba bariko barayiturira haba hatumiwe abajejwe intwaro, abajejwe umutekano hamwe n’abakorera ikigo kijejwe gutororokanya amahera yinjira mu kigega ca Reta (O.B.R) kugirango babone  imiti ituriwe ukuntu ingana.  Ku bijanye n’imangazini zikorera  mu gisagara ca Bujumbura naho ngo ziraja hamwe ari nka zine canke zitanu zikegeraniriza hamwe iyo miti yataye igihe, bagaheza bakandika urutonde rw’iyo miti hamwe n’ibiciro vy’ayo kuko ngo nivyo ico gisata gikorerako ngo barabe ko ivyo bavuze ari vyo . Ico gisata ngo kiraheza kikabandikira ikete ryemeza ko bayituriye bari kumwe n’abaserukiye ikigo O.B.R  hamwe n’abajejwe umutekano.Ku bijanye naho bayituririra ngo bararaba ahantu hameze neza ataco hokwonona ku magara y’abantu  kandi ngo baba bumvikanye n’ubushikiranganji bw’ibidukikije kugirango babafashe kuraba ko ataco vyokwonona ku bijanye n’ibidukikije. 

Christine Manirambona

 

Ouvrir