Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nkenguzamateka : Abacamanza bagiye kurongora inzego zitandukanye zo mu rwego rw’ubucamanza baremejwe n’Inama Nkenguzamateka

DSC 0421Ku wa 28 Kigarama 2017, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yaremeje ku bice 97% amazina atanu y’abacamanza yarungitswe n’inama nkuru y’abacamanza kugira barongore inzego zimwe zimwe zo mu rwego rw’abacamanza, babatu muri batowe ku majwi 38 kuri 38 , abandi babiri nabo batowe ku majwi 37 kuri 38. Icatumye ayo mazina arungikwa n’inama nkuru y’abacamanza, ngo n’uko hariho abagiye batakiri mu mabanga yabo, vyari ngombwa ko basubirizwa. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, aho yariko aratanga umwidondoro w’abo batowe kugira barongore izo nzego zitandukanye. Ivyo bikorwa vy’Inama Nkenguzamateka, vyari birongowe n’umukuru w’urwo rwego, Réverien Ndikuriyo bikaba vyari vyitabwe n’abakenguzamateka 38, ni ukuvuga abakenguzamateka 33 bari bitavye ivyo bikorwa hamwe na 5 bari batumye. Ku wa 28 Kigarama 2017, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yaremeje ku bice 97% amazina atanu y’abacamanza yarungitswe n’inama nkuru y’abacamanza kugira barongore inzego zimwe zimwe zo mu rwego rw’abacamanza, babatu muri batowe ku majwi 38 kuri 38 , abandi babiri nabo batowe ku majwi 37 kuri 38. Icatumye ayo mazina arungikwa n’inama nkuru y’abacamanza, ngo n’uko hariho abagiye batakiri mu mabanga yabo, vyari ngombwa ko basubirizwa. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, aho yariko aratanga umwidondoro w’abo batowe kugira barongore izo nzego zitandukanye. Ivyo bikorwa vy’Inama Nkenguzamateka, vyari birongowe n’umukuru w’urwo rwego, Réverien Ndikuriyo bikaba vyari vyitabwe n’abakenguzamateka 38, ni ukuvuga abakenguzamateka 33 bari bitavye ivyo bikorwa hamwe na 5 bari batumye. Hisunzwe ingingo y’187 y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yararungikiwe amazina atanu y’abacamanza bagiye kurongora inzego zitandukanye zo mu rwego rw’ubucamanza kugira iyemeze. Nk’uko umushikiranganji w’ubutungane,  yatanguye abishikiriza ariko atanga umwidondoro w’abo bacamanza, ngo ayo mazina yarungitswe kugira basubire abandi batakiri mu mabanga yabo. Mu ntumbero yo kwubahiriza ibitigiri vy’ubwoko n’intara, muri abo batanu, harimwo abahutu batatu n’abatutsi babiri.Josiane Uwimana yahora ari umucamanza wo muri sentare y’iyungururizo ry’imanza y’i Bujumbura, agiye gukorera muri parake nkuru y’igihugu asubiriye Nzigamasabo Léa Pascasie yashinzwe amabanga yo kuba icegera c’uwurongoye sentare ijejwe kurwanya igiturire. Josiane Uwimana, ni umuhutukazi wo mu ntara ya Muyinga. Laurent Havyarimana yahora ari icegera c’umukuru wa sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura, agiye kuba umushikirizamanza muri parake nkuru y’igihugu, ni umuhutu wo mu ntara ya Bururi. Aristide Nsengiyumva yahora ari umushikirizamanza muri parake nkuru y’igihugu yashinzwe amabanga yo kurongora parake nkuru ikukira sentare isubiramwo ya Bujumbura, ni umututsi, wo mu ntara ya Bururi. Déo Niragira, yahora ari umucamanza muri sentare isubiramwo imanza agiye gukorera muri sentare ntahinyuzwa, ni umututsi wo mu ntara ya Muramvya. Eliezer Niragira, yahora ari umucamanza muri sentare isubiramwo mu ntara ya Bururi, agiye kurongora sentare nkuru y’igihugu yo mu ntara ya Rumonge, ni umuhutu wo mu ntara ya Rumonge.Tubamenyeshe ko iryo yemezwa ryayo mazina atanu, ryatangujwe no kwemeza urutonde rw’ibikorwa Inama Nkenguzamateka izokorerako mu ndwi yose.                                                                                              Déo Misigaro

 

Ouvrir