Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu makomine ya Buraza na Bukirasazi Abanyagihugu basabwa kubana mu bigwati, biteze imbere bari hamwe

DADA CopieKu magenekerezo ya 23 na 25 Kigarama 2017, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaragize urugendo rwamushikanye mu makomine  ya Buraza na Bukirasazi, mu ntara ya Gitega mu ntumbero yo gusanga abanyagihugu ku kivi no kuganira nabo ibijanye n’ubuzima bw’igihugu harimwo n’impinyaruro y’Ibwirizwa Shingiro no kubashikiriza akaganuke ka Noweri yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.Ku magenekerezo ya 23 na 25 Kigarama 2017, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaragize urugendo rwamushikanye mu makomine  ya Buraza na Bukirasazi, mu ntara ya Gitega mu ntumbero yo gusanga abanyagihugu ku kivi no kuganira nabo ibijanye n’ubuzima bw’igihugu harimwo n’impinyaruro y’Ibwirizwa Shingiro no kubashikiriza akaganuke ka Noweri yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


Komine Buraza
Kw’igenekerezo rya 23 Kigarama rero, Gaston Sindimwo yaragendeye komine Buraza, aho yifatanije n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere,aho bariko baraseha amabuye yo kwubaka ibibuga vyo gukinirako umupira w’amaboko bita  volleyball na basketball.Avuye ngaho yaciye aja kwugurura ishure shingiro ryo muri iyo komine Buraza nyene ku musozi Gicumbi, ryavuye mu nguvu z’abanyagihugu. Iryo shuri shingiro rikaba rigizwe n’ibirasi 6 hamwe n’inzu izokoreramwo abayirongoye. Gaston Sindimwo avuye i Gicumbi yaciye agenda kurorera umupira w’amaguru w’abereye ku kibuga c’umupira w’amaguru  co ngaho ku murwa mukuru wa komine Buraza. Urwo rukino rukaba rwahuza abasigaye mu mitumba ihanamiye komine Buraza n’ababa mw’inkambi y’abateshejwe izabo muri komine Buraza.Ng’uwo mupira w’amaguru watunganijwe mu ntumbero yo guhuza abo banyagihugu bo muri iyo komine ya Buraza na cane cane urwaruka. Uwo mupira w’amaguru ukaba waranzwe n’ubukerebutsi bw’urwo rwaruka ukaba warubereye ijisho, bariko barakina ukabona ko bahana umupiraneza kandi ko boba bafise kazoza keza mu mupira w’amaguru baronse uwuguma abakurikirana.Urwo rukino rukaba rwarangiye ku bitsindo 3 vy’abagumye ku mitumba na 2 vy’ababa mw’inkambi y’impunzi. Urwo rukino rurangiye,Gaston Sindimwo yaciye ashikiriza ijambo abari ngaho, agashima urwo rukino, akongera agahanura abo banyagihugu ko icitwa ikambi y’impunzi cohava kuko ngo ntawushobora kumara imyaka 24 yitwa impunzi kandi ari mu gihugu c’amavukiro kuko bituma asegerereza ntategure kazoza kiwe neza. Akaba yaciye abasaba ko bari kumwe n’ababarongoye bohita ibirwati vy’amahoro kandi bikabamwo ubwoko bwose bagafashanya mu kubumbatira amahoro no mu bikorwa vy’iterambere. Gaston Sindimwo yarahaye agakemanyi abanyagihugu ba ntahonikora bo muri komine Buraza kari kagizwe n’umuceri w’ababa amatoni 4 wasabikanijwe hagati y’abasigaye ku mitumba n’abari mu makambi y’impunzi. Aho yaciye abamenyesha ko Reta y’Uburundi yabahaye ako gafashanyo kugira ibipfurize Noweri nziza hamwe n’umwaka mwiza w’2018 kandi baronke ico bafungura muri iyo minsi mikuru, arongera abasaba gusabikanya n’abandi bataravye ubwoko bwabo canke imigambwe baturukamwo. Yarongeye araronsa imirwi yari yakinye imipira umwe umwe kumurwi ngo bashobore kw’imenyereza neza atakibazo c’umupira bafise. Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu yarangije urugendo rwiwe muri komine Buraza agiranira ikiganiro n’abaserukiye abandi ku mitumba yose igize komine Buraza. Gaston Sindimwo  yarabamenyesheje ko yaje muri iyo komine bayage kuri kahise keza bakubakireko, kahise kabi nako kababere icigwa bagasezerere ntibize bisubire kuvugwa mu gihugu c’Uburundi.Yabatumiriye kurangwa n’urukundo aho babaye ntibarabe ubwoko canke imigambwe baturukamwo, ahubwo ko bokwama bumva ko ari bene mugabo umwe basangiye igihugu c’Uburundi. Yarongeye arabatumirira gutora ibwirizwa shingiro kuko ibirimwo batosoye ari vyiza kandi vyatosowe nabo bitoreye. Aho yarabamenyesheje ibiri muvyo batosoye nko kukiringo c’Umukuru w’igihugu cova kumyaka 5 kikaja kumyaka 7; ic’Inama Nshingamateka kikaguma ku myaka 5, hakaba Icegera mbere c’Umukuru w’igihugu kimwe, hagaca haba Umushikiranganji wa mbere, ko Umukuru w’igihugu yotorwa ku biringo bibiri hanyuma ntasubire kwitoza, ni ukuvuga imyaka 14. Mu gisirikare ubwoko bukangana kuvuga ku bice 50 kw’ijana ku bwoko bwose, Inama Nshingamateka ku bice 60 kw’ijana vy’abahutu na 40 kw’ijana vyabatutsi; mu butungane bikaba ibice  60 kw’ijana vy’abahutu na 40 kw’ijana vy’abatutsi. Abo baserukiye abandi baciye babaza ibibazo barabiye aho batumbereye nk’ikibazo c’amasoko, amabarabara atuma ibidandazwa bitagenda neza aho bashaka ko bishika. Kuri ivyo bibazo vyose arahaya inyishu ishimishije.
Komine Bukirasazi

Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo mu rugendo rwamushikanye mu ntara ya Gitega, kw’igenekerezo rya 25 kigarama 2017,  yarifatanije n’abakristo bo mw’ishengero rya «Méthodiste Libre» ryo ku mutumba Rukoki zone Kangozi, komine Bukirasazi, mu masengesho yo guhimbaza umusi mukuru wa Noweri.Mw’ijambo yashikirije abakristo bari ngaho yarabamenyesheje ko Noweri ari umuco aca abifuriza ko uwo muco woshwara abanyagihugu bo ku mutumba  Rukoki bose no muri komine Bukirasazi yose.Gaston Sindimwo akaba rero yabanje gushimira Imana  yo yabashikanye kuri uwo munsi mukuru wa Noweri ari bazima, aca arabashikiriza indamutso yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, aho yabifurije Noweri nziza n’umwaka mushasha mwiza w’2018, yongera anabashikiriza n’agakemanyi kagizwe n’umuceri, Prezida NKURUNZIZA yari yamurungikanye kugira bahimbaze neza Noweri ; aca abasaba gusabikanya n’ababanyi bose ataco baronse kugira bahimbaze uwo munsi mukuru wa Noweri , gutyo bagaragaze urukundo kuko ari rwo bahamagariwe kugira nk’abakristu. Gaston Sindimwo yarongeye abamenyesha ko mu vyo boshimira Imana harimwo ko igihugu  cose kirimwo amahoro, aca abatumirira kuyabumbatira mu kuba abaremesha amahoro mu bikorwa vyabo vyose no mu mibano yabo yose. Yaciye abasaba kubumbwa n’ivyo Imana yabahezagije kuko biba bibakwiye, bakongera bakarandurana n’imizi ishari n’inzigo, ko bosabikanya ivyo bafise kuko arico cerekana urukundo, bagasabikanya bataravye amadini bavamwo hamwe n’imigambwe. Yaciye asaba indongozi gusubiza abazimiye mu ruhongore kugira inzamba ivuze baze bagendere rimwe ntihagire uwuzosigara inyuma no kwakira abahunguka mu rukundo n’umuvukano. Gaston sindimwo  Yarangije akenguruka ingabire y’ishashi y’inka bamuhaye bise Yarukundo, nawe abemerera ko nawe muvyo Imana izomuhezagiza azobashigikira mu kubandanya igikorwa co kwubaka urushengero rwabo, mu kwongereza imifuko y’isima yari yarabahaye mbere kugira ingoro y’Imana nayo isayangane. 
Anitha Bizimana (Uwimenyereza) 

 

Ouvrir