Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nkenguzamateka yarasozereye ibikorwa vyo mu kwezi kwa Gitugutu 2017

IMG 20180101 121543Kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2017 Inama Nkenguzamateka yarasozereye ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Gitugutu 2017. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko Imana Nkenguzamateka yaranguye ibikorwa bitari bike muri kino kiringo c’amezi atatu aheze mu bisata vyose nkuko bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi. Ngo mw’isasa rya Gitugutu 2017, Reta yarungitse integuro z’amabwirizwa 19 ariko Inama Nkenguzamateka yarashoboye kwiga no kwemeza integuro z’amabwirizwa 11, aho twovuga integuro ry’ibwirizwa risubiramwo igitabu c’amategeko agenga amasoko ya Reta co ku wa 4 Ruhuhuma 2008, integuro y’ibwirizwa rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018, integuro y’ibwirizwa rigenga abagendana ubumuga n’integuro y’ibwirizwa rigenga imirimo y’urwego rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora. Ndikuriyo yamenyesheje ko abakenguzamateka bagendeye bongera barifadikanya n’abanyagihugu mu kurangura bikorwa vy’iterambere. Kubijanye no gukomeza imigenderanire hagati y’Inama Nkenguzamateka hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu be n’izindi Nama Nkenguzamateka, Ndikuriyo yamenyesheje ko yitavye inama ku butumire bw’indongozi n’abategetsi b’igihugu ca koreya Y’epfo kugira arahure ubwenge bwotuma igihugu citeza imbere. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka arashima kubona Reta yarumvise akamo k’abanyagihugu bari basavye ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryohinyanyurwa. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka arashima kandi ko Reta y’Uburundi ko yafashe nka nkama umwitwarariko w’abanyagihugu wo gutunganya ingene intererano y’amatora yokwegeranywa. Ngo nubwo hari abafise umutima wo gukunda igihugu, haracariho abantu birirwa baranegura igikorwa co guterera amatora. Kurivyo, Ndikuriyo yaribukije ko amahera yose ibihugu vyahora bitanga mu gihe c’amatora ava mu makori atangwa n’abanyagihugu b’ivyo bihugu arico gituma bikwiye ko abarundi bokwikora ku makori batanga bakitunganiriza amatora. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaboneyeho akaryo ko kurarika abo bose babishoboye guterera  amatora, yongera ararika kandi abahora bafasha Uburundi mu mirimo itandukanye harimwo n’uwo gutunganya amatora ko bokunganira abarundi mu gikorwa gishimishije co kwitunganiriza amatora.Kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2017 Inama Nkenguzamateka yarasozereye ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Gitugutu 2017. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko Imana Nkenguzamateka yaranguye ibikorwa bitari bike muri kino kiringo c’amezi atatu aheze mu bisata vyose nkuko bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi. Ngo mw’isasa rya Gitugutu 2017, Reta yarungitse integuro z’amabwirizwa 19 ariko Inama Nkenguzamateka yarashoboye kwiga no kwemeza integuro z’amabwirizwa 11, aho twovuga integuro ry’ibwirizwa risubiramwo igitabu c’amategeko agenga amasoko ya Reta co ku wa 4 Ruhuhuma 2008, integuro y’ibwirizwa rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018, integuro y’ibwirizwa rigenga abagendana ubumuga n’integuro y’ibwirizwa rigenga imirimo y’urwego rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora. Ndikuriyo yamenyesheje ko abakenguzamateka bagendeye bongera barifadikanya n’abanyagihugu mu kurangura bikorwa vy’iterambere. Kubijanye no gukomeza imigenderanire hagati y’Inama Nkenguzamateka hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu be n’izindi Nama Nkenguzamateka, Ndikuriyo yamenyesheje ko yitavye inama ku butumire bw’indongozi n’abategetsi b’igihugu ca koreya Y’epfo kugira arahure ubwenge bwotuma igihugu citeza imbere. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka arashima kubona Reta yarumvise akamo k’abanyagihugu bari basavye ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryohinyanyurwa. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka arashima kandi ko Reta y’Uburundi ko yafashe nka nkama umwitwarariko w’abanyagihugu wo gutunganya ingene intererano y’amatora yokwegeranywa. Ngo nubwo hari abafise umutima wo gukunda igihugu, haracariho abantu birirwa baranegura igikorwa co guterera amatora. Kurivyo, Ndikuriyo yaribukije ko amahera yose ibihugu vyahora bitanga mu gihe c’amatora ava mu makori atangwa n’abanyagihugu b’ivyo bihugu arico gituma bikwiye ko abarundi bokwikora ku makori batanga bakitunganiriza amatora. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaboneyeho akaryo ko kurarika abo bose babishoboye guterera  amatora, yongera ararika kandi abahora bafasha Uburundi mu mirimo itandukanye harimwo n’uwo gutunganya amatora ko bokunganira abarundi mu gikorwa gishimishije co kwitunganiriza amatora.

Aline Kanyana

 

Ouvrir