Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagiye gutunganya amatora ku rwego rw’intara barashikirije indahiro ibinjiza muri ayo mabanga

DCDSSSSC 1292Mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo kwemeza Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2018 , abagize imirwi y’intara yigenga ijejwe gutunganya amatora CEPI bararahiye ku wa 29 Kigarama 2017. Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyabereye mw’ihoteri La Detente yo mu gisagara ca Bujumbura, bihagarikiwe n’abagize umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI barongowe na Pierre Claver Ndayicariye asanzwe ari n’umukuru w’uwo murwi.Mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo kwemeza Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2018 , abagize imirwi y’intara yigenga ijejwe gutunganya amatora CEPI bararahiye ku wa 29 Kigarama 2017.Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyabereye mw’ihoteri La Detente yo mu gisagara ca Bujumbura, bihagarikiwe n’abagize umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI barongowe na Pierre Claver Ndayicariye asanzwe ari n’umukuru w’uwo murwi. Abatowe barahira bavuga bati : « Jewe naka, ndarahiye ko nzokwitwararika n’umutima wanje wose kandi ataho mpengamiye igikorwa co gucungera  ko amatora agenda neza no guharura amajwi nk’uko ari». Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka batandukanye, abaserukira imigambwe,abaserukira ubushikiranganji bumwe bumwe busanzwe bufasha mu bikorwa vyo gutegura  no gutunganya amatora,abaserukira amashengero n’amadini, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abandi.Mw’ijambo ry’ikaze, Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko urubanza rw’uwo munsi  ari urwo kurahiza abatowe mu ntara bagiye kwinjira mu mirwi y’intara yigenga ijejwe gutunganya amatora CEPI. Ni urubanza kandi rwo gutanguza  icese ibikorwa vy’abo bagiye kurahira. Abo nabo ngo bajejwe amabanga yo kuringaniza amatora ku rwego rw’intara ariko bakitwa ko baserukira umurwi CENI  bakawubera ugutwi n’ijisho mu ntara. Nibo kandi bajejwe gushinga ya mirwi yo mu makomine ijejwe gutunganya amatora bita CECI. Pierre Claver yamenyesheje ko muri  abo batowe harimwo abatanzwe n’imigambwe, abo nabo akabasaba ko ivyegeranyo vy’ivyo bazorangura bazobishikiriza umurwi CENI batobishikiriza imigambwe cane ababarungitse. Ngo kuva bagiheza kurahira haba ubwoko,igitsina n’idini vyabo bicitse CENI ngo kandi uwuvyumva uko azotunganya neza amatora adakebaguzwa. Yarabasavye kandi kuba abashingantahe n’abapfasoni bagendera ibanga n’ijambo, bafata kumwe abantu bose. Yongeye abasaba ko bagerageze gukoresha ubwenge n’ubukerebutsi Imana yabahaye. Yabahamagariye gushiramwo ishaka mu gikorwa bagiye kurangura kuko ngo n’umurimo usaba kwitanga, akabamenyesha ko umushahara bazoronka utangana n’ivyo bazokora.Ngo ni igikorwa c’igihugu kandi bagikoze neza kizovyara ivyamwa vyiza vyo gutsimbataza mu Burundi bwacu ingendo ya Demokarasi.    

Gloriose Nshimirimana

(Uwimenyereza)

 

Ouvrir