Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amasengesho yo gushimira Imana yatunganijwe n’umuryango w’Umukuru w’igihugu : Prezida NKURUNZIZA arashimira Imana kuvyo yakoreye Uburundi gushika umwaka w’ 2017 urangire

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko Imana ishaka ko abantu bagira umutima ushima. Ivyo akaba yabimenyesheje ku wa 26 Kigarama 2017, mw’ijambo yashikirije ryo gutanguza amasengesho yo gushimira Imana no kuyitazira yatunganijwe n’umuryango wiwe, yabereye mu ntara ya Kayanza ku kibuga c’inkino c’i Gatwaro,muri komine Kayanza kuva ku wa 26 gushika ku wa 31 Kigarama 2017 . Twobamenyesha ko ijambo ry’urufatiro ry’ayo masengesho ryari iryo mw’isezerano rya kera mu gitabu ca Mika igice c’7 kuva ku murongo w’14 gushika ku murongo wa 20 rivuga riti : « Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wiziziye, bibera ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli : barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.  Nzokwereka ibitangaza nk’ivyo mu gihe wava mu gihugu ca Egiputa.  Amahanga azobibona amaramare, naho ubushobozi bwayo bwari bwinshi, bifate ku munwa, amatwi yabo azibe. Bazorigata umukungugu nk’inzoka, basokoroke mu binyegero vyabo nk’ivyikwega hasi bahinda agashitsi, bazoza k’Uhoraho Imana yacu batinya, bafise ubwoba. Ni iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikirengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yiziziye ? Ntuhorana uburake iminsi yose kuko uhimbarwa no kugira imbabazi. Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe, uzosiribangira ibigabitanyo vyacu vyose i bwina mu kiyaga. Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene wahariye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.»Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje rero ko intumbero y’ayo masengesho ari iyo gushimira Imana kuvyo yakoreye abarundi n’Uburundi hamwe no gusaba Imana ngo igume ihezagira Uburundi mu mwaka w’2018. Yarashimikiye kandi kw’ ijambo ry’urufatiro aho yavuze ko rijanye n’abantu bihanganye, abarundi rero ngo barihanganye kandi ngo ukwihangana gusozerera ku ntsinzi. Iryo jambo ngo ririmwo indemesho ku gihugu no ku barundi rikongera rikabamwo umwitwarariko ku barundi n’abansi b’igihugu. Ngo ni akanyamuneza kubona abarundi bamaze umwaka w’2017 bari mu kanyamuneza n’umutekano ari naco gituma bakwiye gushimira Imana. Iyo minsi itandatu ihariwe ayo masengesho yabasavye abayitavye gushima Imana kuko hariho abataronse umwanya wo kuhashika kubera bari barwaye canke bafise izindi ngorane nayo ngo ico Imana ishaka ni umutima ushima, harimwo kuyishimira no kuyishingira intahe.Twobamenyesha kandi ko imbere y’iryo jambo, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA,yasengeye ico kibanza asaba Imana kuzigama ico kibanza n’abitavye ayo ayo masengesho mu kiringo cose bazohamara.Buramatari  w’intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye nawe mw’ijambo ryiwe ry’ikaze yamenyesheje ko muvyo bashima vyakoretse muri iyo ntara ari uko haranzwe n’amahoro n’umutekano.Twobamenyesha kandi ko ayo masengesho yari yitabwe n’abanyacubahiro benshi kandi yatangujwe n’urugendo rwari rurongowe n’umuryango w’Umukuru w’igihugu ari kumwe n’abarongoye inzego zitandukanye z’igihugu, hakurikira abaserukiye amakomine agize iyo ntara hamwe n’imirwi y’abaririmvyi . 

EVVDSC 0581 CopieIndongozi zisabwa kumenya ibihe no gukunda Imana
Prezida NKURUNZIZA asaba indongozi kumenya ibihe kuko ari ikintu gikomeye kuribo. Ivyo yabishikirije mu gitondo ku wa 27 Kigarama 2017 mu nyigisho yari yatunganirije indongozi. Muri izo nyigisho yishimikije ijambo riri muri Zekariya 8 : 1-8 na 11-23 hamwe n’iriri muri Zekariya 9 : 1-8, aho yamenyesheje ko kubona muri izo nyigisho hari hakoraniye abantu batandukanye ari ikintu gikomeye kandi harimwo ubushobozi, kandi kubona yatanguye kuyobora igihugu yaramenye Imana ari ikintu gikomeye.Rero ngo indongozi nziza izirikana ko ubutegetsi yaronse bwavuye ku Mana rero ngo indogozi bategerezwa kumenya iyo bavuye n’aho bageze. Yaciye abasaba gukunda Imana kuko nayo ikunda abayikunda ngo babe abarondera Imana no kumenya imigenderanire bafitaniye n’Imana, ngo kuba ngo kuba indongozi n’iteka baba barahawe n’Imana ariko rero ngo kuba  umurongozi harimwo ivyiza n’ibibazo.Yaranamenyesheje ko Imana ikunda Uburundi kuruta n’ibindi bihugu kw’isi kuko isanzwe ikunda abantu bayishimira kuvyo yakoze aca asaba indongozi kuza baratahura ko uko Imana ibakunda satani biyibabaza. Kubw’ivyo yaciye abasaba kuza baraguma ku Mana kuko iyo bayivuyeko biyibabaza igaheza igafata ingingo zayo, ngo baze barafata ingingo zibafasha kandi zigafasha n’abandi. Prezida NKURUNZIZA yasozereye asaba indongozi guteramira amasezerano y’Imana kandi ngo ivy’Imana yasezeranye ku Burundi igiye kubishira ku mugaragaro afatiye ku butunzi bw’ubutare Uburundi bufise buriko buraja ahabona.Ikindi twobamenyesha ni uko imbere y’izo nyigisho Umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yabanje kwugurura icese inzu igenewe inama y’i hoteri Musumba iri ku murwa mukuru w’iyo ntara akaba ari naho yaciye yigishiriza indongozi.


Imana ngo yakingiye vyinshi Uburundi n’abarundi mu mwaka w’2017
Ku muhingamo w’igenekerezo rya 27 Kigarama 2017,mu mwanya w’amasengesho no gutaziza Imana,Prezida NKURUNZIZA yaramenyesheje ko hariho impamvu zo gushimira Imana kubera ivyiza bitari bikeyakoreye abarundi n’Uburundi abicishije mu ntahe yashingiye Imana yahaye umuryango wiwe amagara meza mu mwaka w’2017,irabarinda indwara.Ikindi Imana yakoze ngo imirima isa neza kandi umwimbu wabaye mwinshi mu gihugu,Imana ngo yararinze amasanganya mu ngendo zose zagizwe mu gihugu irinda abarundi idwara z’ivyaduka indwara za Ebola irinda inkoko z’Uburundi indwara y’akamangu.  Yaramenyesheje ko ikindi co gushima ari uko Imana yarinze Uburundi imiriro ya Nyakanga,ikabarinda ivyago bikomeye vyama vyatikije abantu mu bindi bihugu.Prezida NKURUNZIZA yaranashimye ukungene ishengero mu gihugu c’Uburundi ryazigamwe, bisubiye ngo rizigamwe n’igihugu kiba kizigamwe.Imbere yaho kandi umuvugabutumwa yaje ava muri Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC ), Stephano Munongo niwe yari yabanje kwigisha ijambo ry’Imana ryo kuri uwo munsi rikaba ryari ryishimikije amajambo ari muri Yohani 15 : 18-25 « rivuga ngo “isi niyabanka mumenye ko jewe yatanguye kunyanka itarabanka….nico gituma isi ibanka mwibuke rya jambo nababwira ngo umushumba ntaruta shebuja namba barampamye namwe bazobahama , namba batitondeye ijambo ryanje n’iryanyu ntibazoryitondera ariko ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje kuko batazi uwantumye iyo mba ntaraje ngo ngire ico mbabarira nta caha baba bafise nanone ntibari n’ico bireguza icaha cabo uwunyanka….ngo banyankiye ubusa ». Ngo si wewe wa mbere wanswe kandi ngo ntibatanguriye kuri wewe kandi ntibazoguherezako. Stephano Munongo yishimikije ayo majambo yamenyesheje ko hariho abantu baraba abantu bikabatuma banka abo baravye bene kurabwa nyene bagaca bacika inkokora. Abo bantu ngo nibamenye ko ataribo ba mbere baba banswe ahubwo ko kw’isi yose abantu bagabuye mu mirwi 3 minini minini. Uwa mbere ngo ni 40 kw’ijana w’abantu bakunda umuntu ata mpamvu, uwa kabiri ngo n’ibice 40 nyene w’abantu bazohura n’umuntu bakamwanka ata deni abafitiye, umurwi wa 3 ngo n’ibice 20 kw’ijana w’abantu batari mu bakunda umuntu canke ngo bamwanke, ngo bari hagati na hagati kenshi bakazanira amajambo aryohereza umuntu bumvise kuriwe ku bamukunda n’abamwanka. 


Urwaruka rusabwa gukunda ijambo ry’Imana kuko ariryo soko ry’iterambere
Ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2017 haratunganijwe mu gitondo inyigisho ku rwaruka, aho Prezida NKURUNZIZA  yasavye urwaruka gukunda ijambo ry’Imana kuko ariryo soko ry’iyerekwa. Muri izo nyigisho  Prezida NKURUNZIZA yatanze ku rwaruka yashimikiye kw’ijambo «Iyerekwa ku rwaruka». Yamenyesheje ko iyerekwa ari ikintu gikomeye mu buzima bw’igihugu no mu buzima bw’umuryango, kandi ngo iyerekwa riva ku Mana rigaca mu nzira nyinshi.Yaciye atanga akarorero k’abantu bakiri bato bavurwa mw’ijambo ry’Imana ko bagize iyerekwa aribo Dawidi, Nowa, Yosefu, Salomo na Nehemiya ariko kandi ngo iyerekwa nirya bose. Prezida NKURUNZIZA  mu nyigisho yishimikije ijambo riri mw’Itanguriro 41 : 1-36 rivuga ngo Yosefu asobanurira Farawo inzozi ziwe. Ngo na Yosefu yagize iyerekwa ku myaka 17 ari naco gituma yasavye urwaruka gukunda ijambo ry’Imana kuko ariryo soko ry’iyerekwa kandi uwudafise iyerekwa ntaba afise iyariko araja nayo uwufise iyerekwa ngo amenya iyavuye, aho ageze n’iyaja.  Iyerekwa rero ngo ni urugamba rwo kurwanira kuko ngo na Yosefu vyaramugoye amaze kuronka iyerekwa bivanye nuko atagize ibanga inzozi ziwe yaciye azirotorera abo bavukana 11 baca bagira ishari bafata umugambi wo kumwica bamuhora iyerekwa, kubw’ivyo aca abasaba kugira ibanga ivyabo bakabihagararira nk’abantu bari kumwe n’Imana. Yamenyesheje ko hagati y’isezerano ry’Imana n’iyerekwa hari urugendo kandi kugira iyerekwa harimwo urugamba ngo na Yosefu yahuye n’urwanko n’ishari ryabo bavukana, abavyeyi biwe ngo ntivyabaguye neza, abo bavukana bamugirira umugambi wo kumwica, bagira impari, baca bafata ingingo,ntibamwica baca bamuta mu kinogo ariko Imana ica ihagurutsa abandi barahamukura. Ngo bamaze kuhamukura baciye bigira imigambi yo ku mudandaza ariko ngo kubera iyerekwa ryiwe yaciye agurwa n’abantu b’ibwami ahashitse Imana yaciye imuha ingabire yo kumenya ivy’inzozi no kuzisobanura bica bimubera imfunguruzo zo gushitsa iyerekwa kugurura imyango iri imbere. Urwaruka yarusavye kugira ingabire yo kwihangana kuko ukwihangana gushitsa ku ntsinzi, ukutihangana nako kukabatuma bata ingabire Imana yabahaye kandi ngo bongere bayikoreshe kugira ibafashe kuronka abagenzi n’incuti, yongera abamenyesha ko iyerekwa rijana n’ibikorwa ari naco gituma bategerezwa kumenyereza iyerekwa ryabo. Mu gusozera inyigisho z’uyo munsi Prezida NKURUNZIZA yarabashingiye intahe zijanye n’iyerekwa ryiwe aho yavuze ko yiga mu mwaka wa gatanu bamubajije iyerekwa ryiwe acavuga ko azoba Umukuru w’igihugu, kandi ko yaciye mu ngorane nkakurya kwa Yosefu kubera yari impfuvyi babatwaye ibintu bari batunze mugabo abaye umukuru w’igihugu abo biganye n’umwigisha wiwe batangaye kubera yari yarabivuze.


Igihugu c’Uburundi ngo kirakomeye imbere y’Imana
Umunsi ugira gatatu w’amasegesho yo gushimira Imana wabaye umunsi wo gushima kw’iteka yateye Uburundi n’abarundi. Hari kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017.Nk’uko Prezida NKURUNZIZA yabimenyesheje, ngo umwaka w’ 2017 ni umwaka wa rimwe, uwo munsi ugira gatatu w’amasengesho kandi ngo wabaye uwo gushima kandi kw’iteka Imana yabateye kandi ko akigoro k’abarundi bitavye amasengesho katazokwijana imbere y’Imana ko n’iminsi bamaze izokwandikwa mw’ijuru, bisubiye ngo ntizogendera ubusa kuribo, kubana babo, abuzukuru n’abuzukuruza ngo bijanye n’ukwandikisha ubwami bw’ijuru. Yarashimiye indongozi, urwaruka, abakuze n’abato baje kwitaba inyigisho n’amasengesho, abasabira imigisha ngo Imana ibandike mu gitabo c’intibagiranwa yongera asabira imigisha abarundi bose na Afrika n’isi nzima. Kuri uwo munsi, inyigisho zari zishimikiye ku majambo ari mu gitabu co Guharura 16 : 6-35 no mu vyakozwe n’intumwa 10 :1-4 rivuga ngo umumarayika yiyereka koronariyo. Umuvugabutumwa Apotre Vital niwe yari yaramutse yigisha kw’ijambo rivuga ngo « kumenya ico uhoraho ashaka kukora » Kuri uyo munsi yamenyesheje abari bitavye amasengesho gukora ico Imana ishaka ko bakora. 

Abahambaye n’abato basabwa kumenya no kubona neza Imana 
Indongozi zisabwa kumenya no kubona neza Imana iyariyo, urwaruka narwo rugasabwa gukunda Imana. Ivyo ni ivyashikirijwe na  Prezida NKURUNZIZA mu nyigisho zo mu gitondo zari zisa nizisozera inyigisho zari zateguwe n’umuryango w’Umukuru w’igihugu. Hari kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2017. Izo nyigisho zari zihagaze kw’ijambo rivuga ngo « kumenya no kubona neza Imana iyariyo ».Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje ko kumenya no kubona neza Imana iyariyo ko ari ingabanwa zidasanzwe kandi zifise igihe cavyo. Yamenyesheje kandi ko ubutegetsi buva ku Mana kandi bukaza igihe kigeze yongera abasaba ko ikintu cose bagezemwo ari ukugihagararamwo neza no kumenya neza Imana iyariyo, ngo nico gituma rero kumenya neza no kubona imana ari ikidasanzwe ku ndongozi. Prezida NKURUNZIZA yishimikije amajambo ari muri Ezekiyeri 43 : 1-7 ; muri Yuda 24, 25 hamwe n’ayari muri Daniel 4 : 4-5 no kukarongo ka 22-24. Muri Ezekiyeri hafise ijambo ry’umutwe rivuga ngo uhoraho yongera kugaruka mu muryango wiwe, muri Yuda naho hakavuga ngo Yuda aremesha abakristu atazira Imana, Muri Daniel ngo izindi nzozi za Nebukadineza.Yarongeye kandi abamenyesha ko hari ibihe vyo kugenderwa n’Imana no kumva ijwi ryayo, ikindi ngo iyo umuntu amaze kuronka ubwiza bw’Imana acaba igikoresho cayo bisigura ko udashobora kuva imbere yayo itaguhaye igikorwa gutyo ugaca uba umwizigirwa. Yaranababwiye ko hari igihe co gutoranywa, n’ibihe vyo kuremeshwa n’Imana kandi ko umaze kuremeshwa atakintu giheza ngo kiguce ivuto ucurangwa no kuyitazira, kandi hariho n’ibihe vyo kunezerwa mu Mana. Umuryango w’Umukuru w’igihugu   warasengeye  igihugu basaba imbabazi ku vyaha vyakozwe n’abarundi.Ku muhingamo wo ku wa 31 Kigarama 2017 harasozerewe amasengesho yo gusozera umwaka w’2017.Muri ayo masengesho yo guheraheza umwaka Prezida NKURUNZIZA yigishije yishimikije amajambo ari ku bisomwa, Itanguriro 1: 1-3 rivuga ngo Imana irema ijuru n’isi n’ibirimwo vyose; mu vyakozwe n’intumwa 3: 7-10; hamwe no muri Luka 4: 18-19 rifise umutwe w’amajambo uvuga ngo ab’i Nazareti bageza kwica Yesu. Ngo umwaka wa 2 ariwo w’ 2018 harimwo ibintu bine Imana izokorera Uburundi, ngo uzoba umwaka w’umuco n’agakiza, wo gutambuka no kwiterera hejuru, wo kubohora Uburundi umunyororo satani yari yabuboheshejeje n’uwo kwemererwako. Prezida NKURUNZIZA n’umuryango wiwe mu gusozera ayo masengesho barasengeye igihugu basaba imbabazi ku vyaha vyakozwe n’abarundi, barashima baranakenguruka ku vyakoretse mu mwaka wa 2017 kuko Imana yatanze amasezerano yongera irayashitsa, irazigama abarundi, itanga amahoro n’umutekano, yarwanye intambara ziboneka n’izitaboneka. Yarongeye asabira umugisha umusozi ayo masengesho yabereyeko, asaba Imana kuzigama Uburundi mu mwaka wa 2018 ngo ize ibucire inzira, yitwararike ubutunzi bw’igihugu, indongozi nazo izihishurire ibitangaza.Twobamenyesha kandi ko imbere yuko Umukuru w’igihugu yigisha muri ayo masengesho, buramatari w’intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye yari yabanje gushima kukuntu intara yiwe yari yatewe iteka ryo gukorerwamwo ivyo bikorwa, ashimira n’umuryango w’Umukuru w’igihugu wo wiyumviriye iyo ntara, ashimira kandi abashitsi n’abakozi b’Imana bafashije.Abanyakayanza baciye bagabira umuryango w’Umukuru w’igihugu inka zitanu za kijambere kubera umutima n’ibikorwa birangwa n’umuryango w’Umukuru w’igihugu bongera batanga amasuguru 4 y’impene biherekejwe n’ibiseke bitandukanye, abarwizatunga babiri nabo b’iyo ntara aribo Sylvestre Niyonsaba na Anicet Ndoricimpa baca bamugabira umwe wese inka imwe imwe bise Kirimwabagabo na Yamwaka mu ntumbero yo kubifuriza umwaka mwiza.

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir