Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abantu bose bahamagarirwa kugira urunani mu kwitaho amagara y’abavyeyi n’ibibondo

DSC 1064Kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2017, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwaratunganije uruganda ku bamenyeshamakuru. Intumbero y’urwo ruganda kukaba kwari ukumenyesha isekeza rigira kabiri ry’indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo rizotangura kw’igenekerezo rya 5 gushika ku wa 8 Kigarama 2017. Icivugo c’iyo ndwi kikaba ari « Twese hamwe mu kwitaho amagara y’abavyeyi n’ibibondo ». Muri iryo sekeza hakazotangwa ibinini bita « Albendazol » n’urucanco rukinga indwara ya kanseri, ibigoga, inkorora y’akanira na rudadaza. Urwo ruganda rukaba rwuguruwe n’umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Josélyne Nsanzerugeze aho yamenyesheje ko mu Burundi, kuva mu mwaka w’2002, indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo yabaye nk’umugenzo w’isekeza yama itegurwa kabiri mu mwaka.

Ngo muri iryo sekeza rigira kabiri, Uburundi bushaka gushika ku bice 95 kw’ijana vy’abavyeyi n’ibibondo bari muri iyo migwi y’abazoronka incanco canke ibinini. Kugirango ivyo bishoboke rero ngo uruhara rw’umwe umwe wese rurakenewe na cane cane urw’abamenyeshamakuru kuko ijwi ryabo rishika kure mu bijanye no guhimiriza abavyeyi n’ibibondo bari muri iyo mugwi y’abazoronka incanco n’ibinini. Kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2017, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwaratunganije uruganda ku bamenyeshamakuru. Intumbero y’urwo ruganda kukaba kwari ukumenyesha isekeza rigira kabiri ry’indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo rizotangura kw’igenekerezo rya 5 gushika ku wa 8 Kigarama 2017. Icivugo c’iyo ndwi kikaba ari « Twese hamwe mu kwitaho amagara y’abavyeyi n’ibibondo ». Muri iryo sekeza hakazotangwa ibinini bita « Albendazol » n’urucanco rukinga indwara ya kanseri, ibigoga, inkorora y’akanira na rudadaza. Urwo ruganda rukaba rwuguruwe n’umwunganirizi w’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Josélyne Nsanzerugeze aho yamenyesheje ko mu Burundi, kuva mu mwaka w’2002, indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo yabaye nk’umugenzo w’isekeza yama itegurwa kabiri mu mwaka. Ngo muri iryo sekeza rigira kabiri, Uburundi bushaka gushika ku bice 95 kw’ijana vy’abavyeyi n’ibibondo bari muri iyo migwi y’abazoronka incanco canke ibinini. Kugirango ivyo bishoboke rero ngo uruhara rw’umwe umwe wese rurakenewe na cane cane urw’abamenyeshamakuru kuko ijwi ryabo rishika kure mu bijanye no guhimiriza abavyeyi n’ibibondo bari muri iyo mugwi y’abazoronka incanco n’ibinini. 

Icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu ujejwe gucandaga, Bellejoie Louise Iriwacu yamenyesheje ko muri iryo sekeza rigira kabiri bazotanga urucanco rwo gukinga indwara ya kanseri yo mu bw’injiriro bw’igitereko mu turere tubiri tw’ubuvuzi aritwo Ngozi na Rumonge ku bana biga mu mwaka wa gatatu w’amashure shingiro hamwe n’abana batiga bari i muhira bafise imyaka 10. Ngo bazotanga kandi urucanco rugira 2 rukinga agasama n’indwara ya rubéole hamwe n’urundi rugira 4 rukinga ibigoga, rudadaza n’inkorora y’akanira ku bana bafise umwaka n’igice. Urwo rucanco rugira 4 ngo abavyeyi ntibarwitabira ngo batware abana babo kubacandagisha gutyo bakingirwe bene izo ndwara. Ku bw’ivyo ngo ubushikiranganji bufise ibiharuro bitari vyiza kandi bwategerezwa gushikana ibice 80 kw’ijana mu karere k’ubuvuzi ako ariko kose canke 90 kw’ijana mu gihugu cose. Muri iryo sekeza ngo hazotangwa kandi icunyunyu bita vitamine A ku bana bafise kuva ku mezi 6 gushika ku bana batarashikana imyaka 5. Hazotangwa kandi ikinini citwa « Albendazole » c’inzoka ku bana bafise kuva ku mwaka 1 gushika kuri 14 hamwe no ku bavyeyi bibungenze kuva ku gice ca kabiri n’ica gatatu c’imbanyi mu gihugu cose. Abo bavyeyi ngo bazoronswa n’isabuni kuko hazoba hariko haraba n’ibikorwa bijanye no guhimiriza abazoba bitabiriye ico gikorwa kugirango bamenyere gukaraba bakoresheje amazi meza n’isabuni. Hazoba kandi no gukingira abana bafise imyaka 5 gushika kuri 14 indwara ya bilharziose mu turere tw’ubuvuzi 13 tw’igihugu aho ibiharuro vyerekanye ko iyo ndwara ihari.

Estella Niyongere

 

Ouvrir