Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore arashima ukungene karitiye ya Kiyange iriko irubakwa

DSC 0326Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yaragendeye karitiye nshasha ya Kiyange yo muri zone Buterere, komine Ntahangwa bataziriye iyo ubuserukizi bw’ibihugu bifitaniye imigenderanire n’Uburundi. Aho hari ku wa 30 Munyonyo 2017; akaba yagize urwo rugendo mu ntumbero yo kwirabira uko abahinga batunganije iyo karitiye ariko iriko irubakwa n’uko ibibanza bategekanije bikora ico vyari bigenewe.Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yaragendeye karitiye nshasha ya Kiyange yo muri zone Buterere, komine Ntahangwa bataziriye iyo ubuserukizi bw’ibihugu bifitaniye imigenderanire n’Uburundi. Aho hari ku wa 30 Munyonyo 2017; akaba yagize urwo rugendo mu ntumbero yo kwirabira uko abahinga batunganije iyo karitiye ariko iriko irubakwa n’uko ibibanza bategekanije bikora ico vyari bigenewe.Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yarashimye kubona ibintu biriko biragenda neza kuko inzu ziriko zirubakwa, aca asaba ishirahamwe REGIDESO kubaronsa amazi n’amatara kugira abazoba bahejeje kwubaka bazoshobore kwimukirayo mu mwaka uza w’2018. N’aho biri uko yaragabishije abajejwe gukurikirana ukungene ibibanza bitangwa, abasaba ko ivyagenewe inkino vyorangurirwamwo ico gikorwa bakirinda abababesha ngo bahubake inzu zo kubamwo. Niko kubabwira ko Reta itazokwihanganira abazorenga kuri iyo mpanuro.   Yamenyesheje kandi ko iyo karitiye itameze nk’izindi narirya iri hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura arico gituma itegerezwa kuba nk’icirore. Abajejwe gutunganya ibisagara baramweretse kandi igice kitari gito cegukira igisagara ca Bujumbura ; aca asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuhatunganya neza kugira hubakwe ibibuga kandi ntihagire abantu bahigabira. Ico kibanza naco kikaba kiri hafi y’ibarabara rija ku kibuga c’indege ca Bujumbura, kikaba gifise imetero 50 z’ubwaguke n’imetero nyinshi z’uburebure.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir