Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ukunywa inzoga z’umurengera bishobora gutera indwara y’urwagasha

1510345776672Abantu barakwiye kunywa inzoga bigerera bakongera bakanywa amazi menshi kugira bikingire indwara y’urwagasha. Ivyo vyamenyeshejwe na Muganga Déogratias Bizindavyi  arongoye igisata co gupimisha iradiyo mu bitaro vy’abasirikare mu kamenge mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Abantu barakwiye kunywa inzoga bigerera bakongera bakanywa amazi menshi kugira bikingire indwara y’urwagasha. Ivyo vyamenyeshejwe na Muganga Déogratias Bizindavyi  arongoye igisata co gupimisha iradiyo mu bitaro vy’abasirikare mu kamenge mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yamenyesheje ko indwara y’urwagasha ikunda gufata abantu banywa inzoga nyinshi cane. Ngo iyo ndwara ifise ubwoko butatu. Ubwoko bwa mbere usanga  urwagasha ruba ruvyimvye, ubwa kabiri usanga ruba rufise utuntu twera hamwe rero n’urwagasha usanga rufise akavyimbe ku mutwe. Yaravuze ko kenshi kugira ubimenye usanga umuntu afise ububabare bwinshi hafi y’umushishito kandi agaca agomba kugenda yunamye.Ngo iyo ndwara kugira bayibone bakoresha igipimo co kumurika mu nda «scaner » hamwe n’ico gupima amaraso.  Ngo iyo ndwara iravurwa igakira iyo basanze itararenza urugero.

Yaravuze ko ifata abantu bose ariko cane cane ifata abagabo kenshi barenza imyaka 60. Yarongeye aramenyesha ko kugira bayikingire boreka kunywa inzoga zirenze urugero bakanywa amazi menshi kugira babuze ububuye buja ku rwagasha. Yaravuze ko iyo ndwara iyo igufashe kenshi bakubuza gufungura umwanya muto bakagushiramwo serumu iyo uri mu bitaro kugira urwagasha ruruhuke. Ico bakora baguma baguha umuti w’ububabare kugira uruhuke iyo basanze iyo ndwara yararenze urugero. Yarongeye aramenyesha ko iyo wumvise uriko urababara kenshi munda impande y’umushishito wogerageza ukanyarukira kwa muganga bakakumurika mu nda kugira barabe igituma ubabara. Ngo basanze urwaye baca baguha imiti vyihuta. Ngo mugabo hariho icuma gipima neza kurusha ibindi bita « Scaner » coco kirabona ingorane zose ziri ku rwagasha. Ngo ikindi kimenyetso ni uko abarwaye iyo ndwara usanga kenshi amaso yabo asa n’umuhondo bakabura n’akayabagu. Muganga Bizindavyi aratera akamo abantu bose bumvise ibimenyetso vy’iyo ndwara ko bonyarukira kwa muganga, bakigerera inzoga babishoboye bazihebe bongere banywe amazi menshi cane kuko akingira indwara nyinshi.                                                                            Thérèse Niyonkuru                                                                                                                                                                                                                                                                                                 

 

Ouvrir