Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka Integuro y’ibwirizwa rigenga ikigo CNC yaratowe ku bice 79%

DSCNNNHH 1352Integuro y’ibwirizwa rigenga imirimo y’ikigo kijejwe kugenzuza ingene ibimenyeshamakuru bikora n’ingene umwuga wo kumenyeshamakuru ukorwa CNC yaratowe ku majwi 79 kw’101, ni ukuvuga abashingamateka 84 bari bahari hamwe na 17 bari batumye, mu bikorwa vy’Inama Nshingamateka vyari birongowe na Pascal Nyabenda, umukuru w’urwo rwego. Igishasha kiri muri iyo nteguro y’ibwirizwa, n’uko yerekana ingene ikarata y’umumenyeshamakuru itangwa, abayihabwa, abayitanga n’ingene ishobora kwakwa uwayihawe mu gihe amategeko atakurikijwe. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji wo kumenyesha  amakuru, Nestor Bankumukunzi, ku wa 30 Munyonyo 2017, aho yariko atanga imvo n’imvano yatumye Reta y’Uburundi irungika iyo nteguro y’ibwirizwa kugira yigwe kandi yongeye inatorwe.Integuro y’ibwirizwa rigenga imirimo y’ikigo kijejwe kugenzuza ingene ibimenyeshamakuru bikora n’ingene umwuga wo kumenyeshamakuru ukorwa CNC yaratowe ku majwi 79 kw’101, ni ukuvuga abashingamateka 84 bari bahari hamwe na 17 bari batumye, mu bikorwa vy’Inama Nshingamateka vyari birongowe na Pascal Nyabenda, umukuru w’urwo rwego. Igishasha kiri muri iyo nteguro y’ibwirizwa, n’uko yerekana ingene ikarata y’umumenyeshamakuru itangwa, abayihabwa, abayitanga n’ingene ishobora kwakwa uwayihawe mu gihe amategeko atakurikijwe.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji wo kumenyesha  amakuru, Nestor Bankumukunzi, ku wa 30 Munyonyo 2017, aho yariko atanga imvo n’imvano yatumye Reta y’Uburundi irungika iyo nteguro y’ibwirizwa kugira yigwe kandi yongeye inatorwe.Nk’uko umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Nestor Bankumukunzi yabandanije abishikiriza, ngo iyo nteguro y’ibwirizwa igenga ikigo CNC ije gusubirira iyahahora inomero 1/03 ryo ku wa 24 Nzero 2013, iyo nteguro y’ibwirizwa ngo yari ikeneye gusubirwamwo kugira rijane n’ibihe na cane cane ko ufatiye ku buhinga busanzwe bukoreshwa mu mwuga wo kumenyesha amakuru buguma buhinduka. Iryo subirwamwo ry’iyo nteguro y’ibwirizwa mu gice cayo ca mbere, ngo rishimikira kuvyo ikigo CNC kijejwe hakaba hongewemwo ko ico kigo gikurikirana amakuru n’ayaciye ku rubuga ngurukanabumenyi.Vyongeye, ngo iyo nteguro y’ibwirizwa nshasha irarekurira ikigo CNC kwugurura amashami y’ico kigo mu ntara zo mu gihugu hagati kugira ivyo biro vyo mu ntara bikurikirane amakuru ashikirizwa n’ibimenyeshamakuru bikorera mu ntara zo mu gihugu hagati gusa. Iyo nteguro y’ibwirizwa iraha uburenganzira ikigo CNC gukurikirana ibishikirizwa abanyagihugu biciye muri bimwe vyo kumenyekanisha ibidandazwa.  Igishasha kiri muri iyo nteguro y’ibwirizwa ngo irerekana kandi ingene ikarata y’umumenyeshamakuru itangwa, uwuyitanga n’ingene ishobora kwaka uwayihawe mu gihe amategeko atakurikijwe.Mu ntubero yo kurangura amabanga urwego CNC rujejwe, ngo iyo nteguro y’ibwirizwa irasigura neza ingene abagize urwo rwego basubirizwa bibaye nkenerwa kugira ibikorwa ntibidindire. Mu ngingo zahindutse, ingingo ya mbere y’iyo nteguro y’ibwirizwa, ngo irerekana ko CNC ijejwe kuraba ko ubwigenge bw’abamenyeshamakuru bwubahirijwe n’abacisha amakuru yabo ku rubugangurukana bumenyi, ariko hubahirijwe imico kama y’Uburundi.Ingingo y’7, iravuga ko kwubahiriza imico kama ariryo shingiro ry’ubuntu mu gihe hariko amareresi, ivyo kumenyekanisha, n’ibindi.Mu ngingo z’9 na 10, zirerekana ingene ikarata yo kumenyeshamakuru itangwa n’ingene yakwa uwayihawe igihe amategeko atubahirijwe. Ingingo y’12, iratomora neza ingene CNC ikorana n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru. Ingingo za 15, 16 na 17 naho barerekana ibisata abagize urwego CNC baturukamwo. Mu ngingo za 25, 26 na 27 nazo zirerekana ingene abagize urwego CNC bashobora guhagarika ibikorwa vyabo, ingene umwe muri batagishoboye kubandanya ivyo bikorwa asubirizwa, n’ingene abandi basubirizwa inyuma y’ikiringo cabo.Mu bibazo vy’abashingamateka, barashatse kumenya ibitegekanijwe n’amategeko ku bimenyeshamakuru bikoresha abakozi bitabahemba, aho kuri ico kibazo, umushikiranganji yamenyesheje ko ata baramwitura, ariko ko abo vyashikiye bose bashobora kwitura ubutungane kugira batunganirizwe. Ku bimenyeshamakuru bicisha amakuru yavyo ku mbuga ngurukanabumenyi, yamenyesheje ko bariko bariga ubuhinga bwo guhagarika mwene ivyo bimenyeshamakuru kubera ko bishobora gutera umutekano muke mu gihugu. Ku bijanye n’ikarata y’umumenyeshamakuru, ngo uwuzoyakwa azoshobora kwitura ubutungane mu gihe vyabaye hadakurikijwe amategeko. Akarusho kari muri iyo nteguro y’ibwirizwa, ngo n’uko rije gucungera neza umwuga wo kumenyeshamakuru, gutyo bizotuma akazi kagenda neza. 

Déo Misigaro                                                                                                          

 

 

 

Ouvrir