Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishengero rya « Orthodoxe copte » ngo rigiye gutsimbataza ibikorwa vyaryo mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu

jibuIshengero rya « Orthodoxe copte » ngo rigiye gutsimbataza ibikorwa vyaryo mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu. Ishengero rya « Orthodoxe copte » ngo rigiye gutsimbataza ibikorwa vyaryo mu Burundi, ivyo bikorwa bikaba vyerekeye ibisata vy’indero n’amagara y’abantu. Iruhande y’ivyo bikorwa mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu, ishengero rya « Orthodoxe copte » risaba kuronswa uburenganzira bwo kwubaka ishengero mu Burundi. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yahaye patiri Daoud Lamei aserukira ishengero rya « Orthodoxe copte » muri Afrika, ku wa 25 Munyonyo 2017, iryo shengero ngo rikaba ryipfuza gukomeza ibikorwa vyaryo mu Burundi. Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yabishikirije inyuma y’uwo mubonano, ngo ishengero rya « Orthodoxe copte » ngo ryipfuza gutsimbatara mu Burundi. Ukwo gutsimbatara ngo kukazoca mu guteza imbere ibisata vy’indero n’amagara y’abantu. Muri uwo mubonano, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yatanguye ahoza igihugu ca Misiri ku bitero vy’abihevyi vyahitanye abayoboke b’idini rya isiramu bariko barasenga barenga 300 bikozwe n’intagondwa mu karere ka Sinaï. Uwo aserukira ishengero rya “Orthodoxe copte” muri Afrika, patiri Daoud Lamei ngo icamugenza kwari ukwimenyekanisha n’aho basanzwe bakorera mu Burundi. Ahanini rero, uwo aserukira ishengero rya « Orthodoxe copte », muri Afrika akaba yari aje gusaba uruhusha rwo kwubaka ishengero mu Burundi.

Umukuru w’igihugu akaba yabamenyesheje ko bobicisha mu nzira bisanzwe bicamwo, iyo nayo ngo babanza kubisaba mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati, kugira biyandikishe. Iryo shengero rimaze kwubakwa, ngo bazoheza bahashire ibitaro kugira babandanye gutsimbataza ibikorwa bakorera mu Burundi. Mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu, Umukuru w’igihugu akaba yarabamenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwigisha ku buntu abana bose mu mashure y’intango hamwe no kuvuza ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu n’abavyeyi bibungenze ku buntu. Uwo mubonano wasozerewe baciye irya n’ino imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri, iyo nayo ngo yifashe neza ndetse igiye kubandanya itsimbatazwa.Ishengero rya « Orthodoxe copte » ngo rigiye gutsimbataza ibikorwa vyaryo mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu. Ishengero rya « Orthodoxe copte » ngo rigiye gutsimbataza ibikorwa vyaryo mu Burundi, ivyo bikorwa bikaba vyerekeye ibisata vy’indero n’amagara y’abantu. Iruhande y’ivyo bikorwa mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu, ishengero rya « Orthodoxe copte » risaba kuronswa uburenganzira bwo kwubaka ishengero mu Burundi. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yahaye patiri Daoud Lamei aserukira ishengero rya « Orthodoxe copte » muri Afrika, ku wa 25 Munyonyo 2017, iryo shengero ngo rikaba ryipfuza gukomeza ibikorwa vyaryo mu Burundi. Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yabishikirije inyuma y’uwo mubonano, ngo ishengero rya « Orthodoxe copte » ngo ryipfuza gutsimbatara mu Burundi. Ukwo gutsimbatara ngo kukazoca mu guteza imbere ibisata vy’indero n’amagara y’abantu. Muri uwo mubonano, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yatanguye ahoza igihugu ca Misiri ku bitero vy’abihevyi vyahitanye abayoboke b’idini rya isiramu bariko barasenga barenga 300 bikozwe n’intagondwa mu karere ka Sinaï.Uwo aserukira ishengero rya “Orthodoxe copte” muri Afrika, patiri Daoud Lamei ngo icamugenza kwari ukwimenyekanisha n’aho basanzwe bakorera mu Burundi. Ahanini rero, uwo aserukira ishengero rya « Orthodoxe copte », muri Afrika akaba yari aje gusaba uruhusha rwo kwubaka ishengero mu Burundi. Umukuru w’igihugu akaba yabamenyesheje ko bobicisha mu nzira bisanzwe bicamwo, iyo nayo ngo babanza kubisaba mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati, kugira biyandikishe. Iryo shengero rimaze kwubakwa, ngo bazoheza bahashire ibitaro kugira babandanye gutsimbataza ibikorwa bakorera mu Burundi. Mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu, Umukuru w’igihugu akaba yarabamenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwigisha ku buntu abana bose mu mashure y’intango hamwe no kuvuza ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu n’abavyeyi bibungenze ku buntu. Uwo mubonano wasozerewe baciye irya n’ino imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri, iyo nayo ngo yifashe neza ndetse igiye kubandanya itsimbatazwa. 

Déo Misigaro                                                                                                  

 

 

Ouvrir