Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abahuza ibitsina babisangiye canke abadandaza imibiri bari mu bandura SIDA gusumba abandi

DSC 0314Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 1 Kigarama amakungu yama ahimbaza umunsi wahariwe kurwanya ikiza ca SIDA. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017 ikinyamakuru UBUMWE cegereye uwukorera mu mugambi w’Igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca SIDA n’izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (PNLS/IST), muganga Butoyi Sonia kugira atange umuco ku kungene ico kiza cifashe mu Burundi muri iki gihe. Muganga Butoyi yamenyesheje ko muri rusangi ata bitigiri vyerekana ukungene  abagendana umugera wa SIDA bangana. Yabandanije amenyesha ko n’ubwo biri uko, umuntu yisunze ukungene ibikorwa n’imigambi  vyo mu gisata co kurwanya SIDA vyagiye biraja mu ngiro, ashobora kwemeza ko ubwandu bwa SIDA bwagiye buragabanuka kuko abantu baronka inyigisho bihagije. Abarwayi bagendana umugera wa SIDA bararonka imiti yo gupfupfahaza, bakagirirwa n’ibipimo. Kubwa muganga Butoyi,  ivyo vyose ni ivyerekana ko imigambi myinshi  iriko irakorwa kugira ubwandu bwa SIDA bushobore kugabanuka. Ngo ibiharuro birerekana ko hari imirwi y’abantu ikarirwa n’ukwandura SIDA abo nabo ni nk’abahuza ibitsina babisangiye canke bamwe  badandaza imibiri. Ngo hari ihangiro ryo gutanguza imiti atakirinze kurabwa iyo bibonetse ko abari mu mirwi ikarirwa  banduye umugera n’ukuvuga ko batarinda kuraba urugero rw’abasoda baba bafise. Ngo  hari umugambi w’isi yose uriko urashirwa mu ngiro uvuga ko mu bagendana umugera wa SIDA  90% boja ku miti ipfupfahaza, 90% y’abari ku miti bashobore kugirirwa ibipimo bagasanga urugero rw’imigera rwaragabanutse, abantu 90%  kw’isi boba bipimishije kugira bamenye ukungene amagara yabo yifashe.

Muganga Butoyi yarateye akamo ko n’ubwo imiti yo gupfupfahaza yabonetse, abantu bogerageza kwirinda kwandura kuko imiti irafise ingarukambi kandi umugera wa SIDA siwo wonyene uca mu bihimba vy’irondoka hariho n’izindi ndwara nk’igitigu. Muganga Butoyi  ahanura abarundi bose ko boza baripimisha kugira bamenye ukungene amagara yabo yifashe gutyo bakamenya ukungene bokwigenza. Ngo abantu bogerageza bakirinda gushurashura, iyo vyanse ko bihangana bokwikingira mu gukoresha agafuko kuko mu mabanga mpuzabitsina  hacamwo indwara nyinshi kandi zidakira.Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 1 Kigarama amakungu yama ahimbaza umunsi wahariwe kurwanya ikiza ca SIDA. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017 ikinyamakuru UBUMWE cegereye uwukorera mu mugambi w’Igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca SIDA n’izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (PNLS/IST), muganga Butoyi Sonia kugira atange umuco ku kungene ico kiza cifashe mu Burundi muri iki gihe. Muganga Butoyi yamenyesheje ko muri rusangi ata bitigiri vyerekana ukungene  abagendana umugera wa SIDA bangana. Yabandanije amenyesha ko n’ubwo biri uko, umuntu yisunze ukungene ibikorwa n’imigambi  vyo mu gisata co kurwanya SIDA vyagiye biraja mu ngiro, ashobora kwemeza ko ubwandu bwa SIDA bwagiye buragabanuka kuko abantu baronka inyigisho bihagije. Abarwayi bagendana umugera wa SIDA bararonka imiti yo gupfupfahaza, bakagirirwa n’ibipimo. Kubwa muganga Butoyi,  ivyo vyose ni ivyerekana ko imigambi myinshi  iriko irakorwa kugira ubwandu bwa SIDA bushobore kugabanuka. Ngo ibiharuro birerekana ko hari imirwi y’abantu ikarirwa n’ukwandura SIDA abo nabo ni nk’abahuza ibitsina babisangiye canke bamwe  badandaza imibiri. Ngo hari ihangiro ryo gutanguza imiti atakirinze kurabwa iyo bibonetse ko abari mu mirwi ikarirwa  banduye umugera n’ukuvuga ko batarinda kuraba urugero rw’abasoda baba bafise. Ngo  hari umugambi w’isi yose uriko urashirwa mu ngiro uvuga ko mu bagendana umugera wa SIDA  90% boja ku miti ipfupfahaza, 90% y’abari ku miti bashobore kugirirwa ibipimo bagasanga urugero rw’imigera rwaragabanutse, abantu 90%  kw’isi boba bipimishije kugira bamenye ukungene amagara yabo yifashe. Muganga Butoyi yarateye akamo ko n’ubwo imiti yo gupfupfahaza yabonetse, abantu bogerageza kwirinda kwandura kuko imiti irafise ingarukambi kandi umugera wa SIDA siwo wonyene uca mu bihimba vy’irondoka hariho n’izindi ndwara nk’igitigu. Muganga Butoyi  ahanura abarundi bose ko boza baripimisha kugira bamenye ukungene amagara yabo yifashe gutyo bakamenya ukungene bokwigenza. Ngo abantu bogerageza bakirinda gushurashura, iyo vyanse ko bihangana bokwikingira mu gukoresha agafuko kuko mu mabanga mpuzabitsina  hacamwo indwara nyinshi kandi zidakira.
Aline Kanyana

 

Ouvrir