Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishure rya Gasenyi rifise ibiharuro vy’abanyeshure vy’umurengera

DSC VBF0313Kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017 Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore  yaragendeye ishure shingiro rya Gasenyi riri muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Butore yamenyesheje ko yagendeye ishure rya Gasenyi ya 1 n’iya 2, kugira arabe ingene abanyeshure bakurikirana ivyigwa. Kw’igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017 Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore  yaragendeye ishure shingiro rya Gasenyi riri muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Butore yamenyesheje ko yagendeye ishure rya Gasenyi ya 1 n’iya 2, kugira arabe ingene abanyeshure bakurikirana ivyigwa. Ngo yasanze iryo shure rifise ibitigiri vy’abanyeshure vy’umurengera aho usanga isomero rimwe rifise abanyeshure barenga ijana hari n’amasomero ashikana abanyeshure 200. Butore arashima ko abanyeshure bitaba ivyigwa ku bwinshi, ngo vyari kuba bibi iyo asanga amashure agaragara. Ngo kubona urwaruka rwitaba ivyigwa ku bwinshi nuko rwamaze gutahura akamaro k’ishure. Ngo kubona asanze abanyeshure bitaba ivyigwa ku bwinshi nakaryo keza ko kwongerereza utwigoro tumaze imyaka dukorwa mu gisata c’indero. Ngo abajejwe intwaro kuva hasi bofata ikibazo c’indero mu ntoke mu kurwiza amashure kugira abana bige bava hafi y’aho baba. Abarongoye ishure bohimiriza abavyeyi kugira akigoro kaboneka mu gufasha mu guteza imbere igisata c’indero. Ngo kugira bikunde abantu bose bokorera mu runana aho umwe wese yitanga agakora ico ategerezwa gukora. Abajejwe intwaro bakaja imbere mu guhimiriza abantu bose, abajejwe indero bakaja imbere mu kwerekana integuro nziza, abavyeyi bafate iya mbere mu kuja ku bikorwa vyo guteza imbere igisata c’indero hanyuma Reta izobanguka mu gushigikira utwigoro tw’abanyagihugu. Buramatari w’intara ya Bujumbura, Nadine Gacuti yamenyesheje ko ibibazo vy’indero bagiye kubigarukira kugira ico gisata gitere imbere. Gacuti yaribukije ku komine ya Mutimbuzi iri mu makomine 3 yabaye aya nyuma mu bijanye n’indero ari naco gituma abayobozi b’amashure bahawe iminsi mike ngo babe bahinduye ingendo. Ngo abayobozi basabwe kutigungirako ibibazo biba biri mu gisata c’indero ahubwo boza baranabishikiriza imvukira z’amakomine.
Aline Kanyana

 

Ouvrir