Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yaritavye ibirori vyo kwimika prezida Uhuru Kenyata

 

imoIcegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yaraganutse avuye i Naïrobi mu gihugu ca Kenya  aho yari agiye guserukira  Umukuru w’igihugu  Petero NKURUNZIZA. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya poritike n’imigenderanire , Evelyne Maniragaba ngo yari yaserukiye Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu birori vyo kwimika Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyata vyabaye ku wa 28 Munyonyo 2017. Yamenyesheje kandi ko yari atwaye ubutumwa bwo gukeza Umukuru w’igihugu ca kenya Uhuru Kenyata. Ngo inyuma y’ivyo birori yarahawe umubonano n’icegera c’Umukuru w’igihugu ca Kenya aho bavuganye ibijanye no gutsimbataza imigenderanire iri hagati y’Uburundi na Kenya.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yaraganutse avuye i Naïrobi mu gihugu ca Kenya  aho yari agiye guserukira  Umukuru w’igihugu  Petero NKURUNZIZA. Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuhanuzi mukuru mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya poritike n’imigenderanire , Evelyne Maniragaba ngo yari yaserukiye Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu birori vyo kwimika Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyata vyabaye ku wa 28 Munyonyo 2017. Yamenyesheje kandi ko yari atwaye ubutumwa bwo gukeza Umukuru w’igihugu ca kenya Uhuru Kenyata. Ngo inyuma y’ivyo birori yarahawe umubonano n’icegera c’Umukuru w’igihugu ca Kenya aho bavuganye ibijanye no gutsimbataza imigenderanire iri hagati y’Uburundi na Kenya.Mwomenya ko icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo  yari yafashe indege igana  i Naïrobi mu gihugu ca Kenya ku wa 27 Munyonyo 2017. Uhuru Kenyata yimistwe ku mugaragaro igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017.  Imbere aho Umukuru w’igihugu ca Kenya ngo akaba ari yemejwe na sentare ntahinyuzwa yo muri ico gihugu kugirango asubire kurongora ico gihugu. 
Epitace Nduwayo na

Christine Manirambona

Ouvrir