Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imvukira z’igisagara ca Bujumbura zisabwa guhindura ingendo

Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asaba imvukira z’igisagara ca Bujumbura ko igihe cageze co guhindura ingendo basezerere ivyo kwubaka, kurima, gutembereza imodokari mu kajagari guta imicafu aho bitagenewe, n’ibindi. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asaba imvukira z’igisagara ca Bujumbura ko igihe cageze co guhindura ingendo basezerere ivyo kwubaka, kurima, gutembereza imodokari mu kajagari guta imicafu aho bitagenewe, n’ibindi. Ivyo Umukuru w’igihugu yabishikirije ku wa 28 Munyonyo 2017, aho hariko hashikirizwa umugambi w’indinganizo nyobozi itegekanya uko igisagara ca Bujumbura kizoba kimeze mu mwaka w’2045, aho abanyagisagara bazoba ari imiriyoni 4,1, muri kino gihe kikaba gifise abanyagihugu ibihumbi 800. Muri uwo mugambi nyobozi bagategekanya ko igisagara ca Bujumbura kizokwaguka kija mu ntara ya Bujumbura na Bubanza, kikava ku buringanire bw’ibirometero kwadarato 121 muri kino gihe kikaja ku buringanire bw’ibirometero kwadarato 913,4. Nk’uko Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza, ngo kuva mu mwaka w’2014, Reta y’Uburundi yarihaye intumbero yo guhindura igisagara ca Bujumbura kugira kibe amasanganzira ahuza ibihugu vyo mu karere, mu ntumbero y’uko hokomezwa urudandazwa be n’iyindi mirimo. Mu gisagara ca Bujumbura, ngo yisunze ibitigiri bitangwa n’abahinga, habaye abanyagihugu ibihumbi 800, ku buringanire bw’ibirometero kwadarato 121, ivyo bikerekana ko Bujumbura ari ihuriro ry’abakiri bato, bagifise inguvu zo gukora. Vyongeye, ngo urwo rwaruka rugundanira mu makaritiye ari ku mpera z’igisagara, aho ku kirometero kwadarato usanga haba abantu bababa 2000, « 2000 hab/km2 ».

DUGRASBisubiye, ngo ivyigwa vyakozwe n’abahinga birerekana ko mu mwaka w’2045 mu gisagara ca Bujumbura hazoba haba abanyagihugu barenga imiriyoni 4 (4100 000), bisigura ko ku kirometero kwadarato hazoba haba abantu ibihumbi 4, «4000 hab/km2».  Ku bw’Umukuru w’igihugu, ngo ni ngombwa ko higwa ubuhinga buhanitse kugira bategekanirize kazoza abo bantu haba mu bijanye n’uburaro, ubutunzi, amagara y’abantu, indero, n’ibindi. 

Mu mwaka w’2045 igisagara kizoba gifise uburinganire kw’ibirometero kwadarato 913,4
Iyo ndinganizo nshasha y’ukuntu igisagara ca Bujumbura kizoba cifashe mu mwaka w’2045, ngo irerekana ko igisagara kizoba gifise uburinganire bw’ibirometero kwadarato 913,4, ngo hategerezwa kuzoba itunganywa rishasha ry’ibibanza vyo kwubakamwo, indimiro hamwe n’ibibanza vyirebanga kugira habe gukingira ibidukikije. Muri ico cigwa cakozwe c’ukuntu igisagara kizoba gitunganije, ngo kirerekana ko hazoba gutunganya ibindi bisagara bibiri vyogabanirizwamwo abanyagihugu bagundaniye mu gisagara ca Bujumbura. Igasagara ca Bujumbura kikazokwaguka kija mu ntara ya Bubanza hamwe no mu ntara ya Bujumbura. Mu buraruko, ngo hazokwubakwa igisagara kizoba gifise umutima mu karere ka Gihanga, aho naho hakazoba hari amahinguriro akomeye hamwe n’ibikorwa vy’uburimyi. Mu gisagara hagati muri kino gihe, ngo hazorangurirwa imirimo y’intwaro n’ubudandaji. Mu bumanuko, ngo hazotunganywa igisagara giteguriwe kwakira ingenzi, guteza imbere ivy’abamukerarugendo, ngo vyumvikana ko iyo nteguro nshasha y’igisagara ca Bujumbura izogwiza akazi. Ku mvukira z’igisagara, yabasavye kugira uwo mugambi uwabo, bashiremwo uburyo kugira uwo mugambi uje mu ngiro. Mu gihe hari amategeko yorohereza abazana imitahe, ngo batabikoze abandi bazobikora mu kibanza cabo. Vyongeye, ngo imvukira z’igisagara ca Bujumbura zasabwe guhindura ingendo, birinde guta imicafu aho itagenewe gutabwa, bakore amasaha menshi nk’uko biri mu bindi bisagara. Muri ayo mahinduka yoba mu gisagara ca Bujumbura, ngo imvukira zaco zikwiye kwijukira gukorera mu mashirahamwe, birinde kwubaka mu kiyaya ahagenewe kurimwa kandi hasanzwe himbuka. Mu ntumbero yo gutorera umuti urama ikibazo c’uburaro, yabasavye kwubaka inzu zigerekeranye zishobora kwakira abantu benshi. Mu bijanye no gutwara abantu n’ibintu mu gisagara, yabasavye kubitunganya gushasha barondere imodoka zagutse kandi zikomeye, hategekanywe n’inzira y’abagendesha amakinga n’abagenda n’amaguru.


Mu mwaka w’2045 ngo ku kirometero kwadarato hazoba haba abanyagihugu 4461
Ku bw’umushikiranganji w’amazi, ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara, Célestin Ndayizeye yamenyesheje ko iyo ndinganizo nshasha ije kubera ibiharuro bihari, ngo abanyagihugu bazokwiyongera ku rugero ruri hagati y’ibice 3,2% na 5,3%, uko umwaka utashe. Mu mwaka w’2045, abanyagisagara bakazoba ari imiriyoni 4,1, aho ku kirometero kwadarato hazoba haba abanyagihugu 4 461, « 4461 hab/km2 ». Muri iyo ndinganizo nshasha, hazoba kwitaho gukingira ibidukikije, amashamba cimeza, uburere bujaga n’inzuzi ku rugero rw’ibice 47%, muri kino gihe ivyo bibanza bikaba bikingiwe ku rugero rw’ibice 13%. Iyo ndinganizo nshasha y’igisagara ca Bujumbura uko kizoba mu mwaka w’2045, ngo mu gisata c’ubudandaji, ngo hazoboneka ubuzi burenga umuriyoni ( 1 400 000), mu bijanye n’amahinguriro, ngo hakazoboneka ubuzi bwababa umuriyoni. Uwuserukira ishirahamwe rijejwe iterambere PNUD, Garry Conille, ishirahamwe ryatanze uburyo ku bahinga baturuka mu gihugu ca Singapour bakoze ico gikogwa, yamenyesheje ko mu myaka 40 iheze, igihugu ca Singapour cari mu bihugu bikenye, uno munsi kikaba kiri mu bihugu biteye imbere. Iryo shirahamwe ryatanze uburyo bungana n’2 225 000 z’amadorari y’abanyamerika kugira hatungaywe iyo ndinganizo nshasha y’igisagara ca Bujumbura. Ku bwiwe, ngo mu myaka 25, Uburundi burashobora kuva mu bihugu bikenye, bukaja mu bihugu biteye imbere, abo vyega bose babishizemwo inguvu.Tubamenyeshe ko iyo nteguro yatunganijwe n’ishirahamwe « Singapour corporation entreprise » ryo mu gihugu ca Singapour. Iyo ntererano y’ishirahamwe PNUD, abafashe amajambo bose barayishimye narirya iryo shirahamwe ritigeze rihagarika imfashanyo ku Burundi. 

Déo Misigaro                                                                                                   

 

Ouvrir