Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abahoze mu murwi CVR bashinzwe ayandi mabanga bagiye gusubirizwa

DSCBBGGG 0817Inama Nshingamateka y’Uburundi yarashikirije umurwi ujejwe kwiga imyidondoro y’abazosubirirwa abahora mu murwi CVR  ariko bashinzwe  ayandi mabanga . Ivyo vyamenyeshejwe na Aléxis  Badian Ndayihimbaze inyuma y’ico gikorwa kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017.Inama Nshingamateka y’Uburundi yarashikirije umurwi ujejwe kwiga imyidondoro y’abazosubirirwa abahora mu murwi CVR  ariko bashinzwe  ayandi mabanga . Ivyo vyamenyeshejwe na Aléxis  Badian Ndayihimbaze inyuma y’ico gikorwa kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017. Umukuru w’Inama Nshingamateka   Pascal  Nyabenda afadikanije n’icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka Anicet Niyongabo barashikirije umurwi ujejwe kwiga imyidondoro y’abasavye kuzosubirira abahora mu murwi CVR  bashinzwe ayandi mabanga. Bakaba bayabashikirije mw’isandugu yugaye yakirwa n’umukuru w’uwo murwi Claude Nahayo n’umunyamabanga wiwe Gloriose Nimenya. Iyo myidondoro igera ku 63, muri abo rero uwo murwi uzotoramwo abantu 9 bakwije ibisabwa n’amategeko. Abo bazoba bahisemwo bazoheza babajane mu nama ya bose y’abashingamateka kugira  itoremwo abantu 3. Uwo murwi ukaba uzoshikiriza  icegeranyo ca mbere  imbere y’igenekerezo rya  15 Kigarama 2017.

Josélyne Ndayegamiye

 

Ouvrir