Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CVR ngo uramaze gukora igikorwa washinzwe gushika ku bice 50%

IMG568Kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo 2017, uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira CVR, musenyeri Jean Louis Nahimana yarahaye ikiganiro ikinyamakuru UBUMWE kimusanze kw’iseminari ntoyi yo mu Kanyosha. Muri ico kiganiro, musenyeri Nahimana yabanje kumenyesha ko umurwi arongoye ukora wisunze itegeko ryerekana intumbero n’ingendo y’ibikorwa washinzwe. Ngo umurwi CVR usabwa gutohoza no gushira ahabona amahano n’amakuba igihugu cagiye kiracamwo ariko wisunga cane cane ibijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu ariko kandi ukaraba n’ivyaha bikomeye bijanye n’ubutunzi vyagize inkurikizi ku gateka k’abanyagihugu. Ngo iryo tegeko riratomora neza, ko abagize umurwi CVR  bitonda bagaca mu gihugu cose kugira bamenye abantu bahitanywe n’ivyago vy’agahomerabunwa vyaciye muri iki gihugu, abahitanywe n’intambara, abazwi n’abagiye amazimayongo. 

Kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo 2017, uwurongoye umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira CVR, musenyeri Jean Louis Nahimana yarahaye ikiganiro ikinyamakuru UBUMWE kimusanze kw’iseminari ntoyi yo mu Kanyosha. Muri ico kiganiro, musenyeri Nahimana yabanje kumenyesha ko umurwi arongoye ukora wisunze itegeko ryerekana intumbero n’ingendo y’ibikorwa washinzwe. Ngo umurwi CVR usabwa gutohoza no gushira ahabona amahano n’amakuba igihugu cagiye kiracamwo ariko wisunga cane cane ibijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu ariko kandi ukaraba n’ivyaha bikomeye bijanye n’ubutunzi vyagize inkurikizi ku gateka k’abanyagihugu. Ngo iryo tegeko riratomora neza, ko abagize umurwi CVR  bitonda bagaca mu gihugu cose kugira bamenye abantu bahitanywe n’ivyago vy’agahomerabunwa vyaciye muri iki gihugu, abahitanywe n’intambara, abazwi n’abagiye amazimayongo. Ngo uwo murwi urasabwa kandi kugerageza kumenya aboba baragize uruhara muri ayo mabi. Wasabwe  kandi kugerageza  gutohoza ukamenya ahari ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu bishwe bunyamanswa kugira aho bishoboka bahambanwe iteka. Ngo umurwi CVR wasabwe kandi kumenya abantu b’intungane bashoboye gukingira no gukiza ababanyi babo mu bihe bigoye igihugu cagiye kiracamwo kugira ngo biwufashe kwerekana ko gusubiza hamwe bishoboka kuko  mu bihugu vyaciyemwo intambara kenshi babona ibibi mugabo bakibagira gushira ahabona ivyiza vyabaye kugira basubize ivyizero abantu. Ngo Kugira ubishikeko, umurwi CVR wihaye intumbero yo kuja ku rubuga kugira utororokanye ibijane n’amabi yakozwe ukurikije amazone agize intara zose z’igihugu.  Ngo uwo murwi ugenda uraca mu ntara imwe imwe ukarondera abawufasha muri iyo ntara ku rwego rwa zone. Ngo ari zone ifise imitumba iri munsi y’ 8, batora abantu 3 mu gihe iyo ari imitumba irenga 8, urondera abawufasha 5. Nahimana yamenyesheje kw’ivyo bikorwa vyo gutohoza vyahereye mu gisagara ca Bujumbura, i Ngozi, i Karusi, i Mwaro. Ngo  uwo murwi uriko ukorera mu ntara za Rumonge, Ngozi na Makamba.

Ku kibazo c’uko uwo murwi uzorangiza mu kiringo wahawe, Nahimana yamenyesheje ko ibikorwa vy’uwo murwi vyatanguye nabi kubera  vyahuriranye n’amatora y’umwaka w’2015. Ingorane zakurikiye ayo matora zatumye abari bemeye gukorana na CVR, badohoka kuvyo bari biyemeje gukora bituma hasigara uburyo buvuye muri Reta budatuma ushobora kuja gukorera mu gihugu cose mu mwanya umwe. Ngo uburyo Reta itanga butuma umurwi CVR ushobora gukorera mu ntara zibiri zibiri kuko  buza uko amezi atatu aheze.  Ngo iyindi ngorane ni uko Reta yategerezwa gushiraho abakozi b’umurwi CVR ku rwego rw’intara n’urw’amakomine nk’uko biri mw’itegeko rigenga CVR. Ngo ubu ivyari gukorwa n’imirwi ya CVR ku rwego rw’intara na komine bikorwa n’umurwi CVR ku rwego rw’igihugu n’ukuvuga bikorwa n’abantu 11. Nahimana yamenyesheje ko n’ubwo biri uko umurwi CVR umaze gukora igikorwa washinzwe gushika ku bice 50% kandi gushika ubu ko uyo murwi utaracererwa umuntu yisunze ikiringo wahawe kugira ube wahejeje ibikorwa washinzwe. Iyindi ngorane ngo n’uko umurwi w’abahanuzi mpuzamakungu ugizwe n’abanyamahanga wategerezwa gufasha mu ntambwe zose umurwi CVR ucamwo utarajaho kubera usaba uburyo bwinshi. Ngo kandi urwego mpuzamakungu ONU rwarasokoye akarenge ku rubuga mu bijanye no gushigikira ibikorwa vy’umurwi CVR.

Nahimana arashima ukungene abanyagihugu bitabira ibikorwa vy’uwo murwi  naho hatabuze abanyeporitike baza baraburabuza mukubabuza kwitura uwo murwi. Ngo muri rusangi biraboneka ko abanyagihugu bakeneye ko ukuri kuja ahabona. Ngo mu ntara 9 bamaze gukoreramwo bafise abantu boba bagera 2500 ku ntara  baza kubitura. Ngo iruhande y’igikorwa co kuja gutohoza ivyabaye kuva mu mwaka w’1962 gushika mu mwaka w’2008, hariho umurwi w’abashakashatsi umaze kwegeranya ibintu bitari bike mu bijanye n’inyandiko kugira urabe amakete abategetsi  bagiye barandikiranira hanyuma  bategere icuka cari gihari n’uruhara ubutegetsi bwagize mu bihe bibi igihugu caciyemwo. Ngo ibikorwa vyo gutohoza biheze hazoca haza igikorwa co kwumviriza abagize uruhara mu guhohotera abandi n’abahohotewe. Ngo amategeko araha umurwi CVR ubushobozi bwo gutumako uwariwe wese naho aba afise ubudahangarwa. Ngo munyuma, ivyo kumviriza abahohoteye n’abahohotewe biheze hazoba ukumviriza abantu mu mirwi mitoya kugira bavuge ivyifuzo vyabo.Ku kibazo c’umutambukanyi w’uwahora ari umukuru w’igihugu, Melchior Ndadaye yipfuje ko urubanza rwiwe rwova muri CVR, Nahimana yamenyesheje ko ico kibazo kirengeye uwo murwi kuko  gisaba guhindura itegeko rigenga CVR. Ngo kuva uwo murwi ujaho mu mwaka w’2014, amategeko avuga ko imanza zose  zijanye n’urwimo rwabaye kuva kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, igihe Uburundi bwikukira gushika kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2008 ziva mu masentare zikaja mu murwi CVR. Ngo kubera ivyo umutambukanyi wa Ndadaye yobandanya asaba Reta n’Inama Nshingamateka igahindura amategeko, kandi ngo naho vyokunda urubanza rwa Ndadaye rukava muri CVR, uwo murwi uzokenera ivyavuye mu matohoza ya sentare kugira wandike kahise k’Uburundi.
Aline Kanyana

 

Ouvrir