Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Denise NKURUNZIZA ahamagarira urwaruka kwihangana kugira bagire iherezo ryiza

denizzaMu ntumbero yo kwibutsa urwaruka ico bari, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yaragendeye intara ya Cankuzo araha inyigisho urwaruka kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017. Imbere ya vyose yabanje kwibutsa urwaruka ko ari urw’agaciro kandi ko ari abadasanzwe aho yaciye abasaba ko bobihagararamwo kandi bakabinezerererwa kugira ntihagire uwuba umuhombe. Rero ngo ako gaciro bafise kabonekera ku nkomezi bafise z’umubiri ngo ari nazo abandi bashobora gucako kugira babakoreshe ivyiza canke ibibi, ngo bahagurutse barashobora guteza imbere igihugu mu kanya gato. Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabandanije abamenyesha ko igihugu kitagira urwaruka kiba kiriko kirahera ari naco gituma yovuga ko Uburundi bufise ubutunzi kuko bufise urwaruka, ngo vyotuma umuntu avuga adakekeranya ko Uburundi bufise Burundi bw’uwu munsi na Burundi bw’ejo.


Yaciye abasaba ko bokwatura n’akanwa kabo ko ari bo kazoza k’igihugu kuko ngo ico watuye uba ukiremye.
Ngo rero mu kuraba kazoza k’igihugu uraba urwaruka, ariko ngo si ukubaraba mu maso uko basa ngo n’ukuraba umwete bafise mu bikorwa bijanye n’ukwiga na cane cane mu nyifato, mu ngeso nziza zibaranga. Aho rero ngo bibasaba kugira intumbero y’ubuzima, ukagira iyerekwa, ukagira imigabo yo kubishikako ngo nakare uwutagira iyerekwa agendesha umutwe nk’uruyuzi wa murwanizi mubi shetani agaca amwitambika imbere. Ngo ariko naho biri uko ntibazobura ibibagora aho ngo boraba nk ‘uwo Bibiriya ivuga yitwa Yosefu ukuntu Imana yamuhaye iyerekwa mu nzozi ikamwereka uko azoba, kandi yihanganye araheza akabishikira. Denise NKURUNZIZA yaciye asaba urwo rwaruka kwirinda cane ubusambanyi ngo nakare ubusambanyi ni inkwezi y’ibibazo ku wubukoze aha yarababwiye nko kubatesha intumbero y’ubuzima bari bihaye, ubwenge buragenda, indwara zitandukanye nka ca kiza ruhonyanganda SIDA, kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko atibagiye abakobwa baheba amashure mu gihe ubu hasohotse itegeko ko ata mugore azosubira kwiga mu Burundi.
Ubusambanyi rero ngo mu kubwirinda yahamagariye urwaruka rwo mu Cankuzo kwirinda abagenzi babi, kuzigama ubusugi ku bakobwa ngo kuko ntakindi bazoja ku bagabo babo bagemuye atari ubwo bupfasoni bagize mu buto bwabo, aho rero ngo n’abahungu bohagabira ngo kuko naho abo bagiye kubakana batabibona ngo hari Imana ibona vyose iba yabibonye nabone rero ngo ntaco bazireguza. Yabandanije yigisha urwaruka kwubaha abavyeyi kuko ngo ni ibwirizwa Imana yatanze kuko ngo ntiwoshobora kubaha Imana utabona urenganye abavyeyi kandi ngo nakare utubashe abavyeyi ucugendana umuvumo, ngo kanatsinda ufise umuvumo ntaco ushikako Imana ntiba ikiri mu ruhande rwawe. Rero ngo havuye abavyeyi haza abarezi kuko ngo bari mu kiringo c’abavyeyi batahari, aho rero ngo ntababwiye kububaha mu kwemera gusambana nabo canke iyo basavye igiturire ngo aguhe amanuta oya ni ku mpanuro baba bariko barabaha.
Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yabandanije atumirira urwo rwaruka rwo mu Cankuzo kwubaha abaganza bisigura guhera kubo hejuru baganza igihugu gushika kuri banyumbakumi n’aho atamashure boba baragiyemwo ngo nakare ukuganza kwose kuva ku Mana. Yabandanije abatumirira kugendera imigenzo myiza yamye iranga abarundi haba ku nyifato imbere y’abantu, kuramukanya, kwirinda gutaha bwije inyuma y’abavyeyi n’ibindi.
Mu gusozera umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yasavye urwo rwaruka kwijukira isuku ku mubiri no ku nyambaro n’aho babaye, kwirinda ikiza SIDA no kutinuba abo mu kibano bawugendana mu kubaba hafi, n’abarwaye indwara yo mu kigo kuko ngo nayo nyene isigaye ivurwa igakira aho yaciye ababwira ko uwo bomenya ayirwaye ko bomubwira akaja kwa muganga hamwegereye bagaca bamurungika ku bitaro vy’ i Gitega kandi bakabavura ku buntu.
Anitha Bizimana
(Uwimenyereza)

 

Ouvrir