Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarongoye imigambwe basabwa kugwiza inyigisho ku banywanyi babo mu kubatahuza ineza yo guterera amotora

DSC ccdd0859Abarongoye imigambwe basabwa kurwiza inyigisho ku banywanyi babo mu kubatahuza ineza y’amatora kugira bashobore kuyaterera bavyiyumvamwo. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye mu nama yari yateguriwe abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko mu gihugu, iyo nama ikaba yari ijanye no kurabira hamwe  ibijanye n’umutekano, n’ibiganiro bihuza abarundi hamwe n’ivyerekeye umugambi wa Reta uhamagarira abarundi guterera amatora. Hari kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017. Mw’ijambo umushikiranganji Pascal Barandagiye yashikirije ryo kwugurura inama, yamenyesheje ko amahoro n’umutekano bitsimbataye mu gihugu cose. Ariko rero ngo n’aho biri uko barashizeho amakomite ajejwe umutekano mu bisata vyose vy’igihugu, acasaba indongozi mu migambwe kugira uruhara runini mu gutsimbataza uwo mutekano no mukuwigisha abo barongoye bakarushirizaho gutsimbataza amahoro cane cane muri iki gihe c’impera z’umwaka. Yaranashikirije ko bimwe mu vyaranze umutekano ari uko abarundi bababa ibihumbi 200 bahungutse, abashika ibihumbi 32 nabo ngo baramaze kwiyandikisha ngo batahuke, ngo baragize n’ingendo mu makambi y’impunzi ndetse ngo bakaba basanze benshi bafise umutima n’ishaka vyo gutaha.

Ikindi yamenyesheje ngo ni uko hategekanijwe vuba inama n’ishirahamwe HCR hamwe n’ibihugu bihaye indaro izo mpunzi mu ntumbero yuko botahukanwa vuba. Ku bijanye n’ibiganiro, ngo nk’uko ivyabereye hagati mu gihugu vyarangiye, baripfuza ko n’ivyo hanze vyorangira ivyegeranyo vyose bikegeranywa bikaja hamwe abarundi bagaheza bakabigira ivyabo. Umushikiranganji yaciye aboneraho akaryo ko gusaba abarongoye imigambwe batumiwe mu biganiro vy’abarundi bizobera  Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuvyitegurira neza mu gukora icegeranyo bazoshikiriza muri ivyo biganiro bisunze ibindi vyegeranyo 3 vyashitsweko inyuma y’ibiganiro vyabereye mu gihugu c’Uburundi.  Umushikiranganji yamenyesheje kandi ko umuntu wese afise imyaka yo gutora yoterera kugira amatora yo mu 2020 azogende neza. Ariko rero ngo hariho integuro y’itegeko izokwerekana ingene intererano yotangwa ku rugero rw’umwumwe wese, aho naho yaciye asaba abanyamigambwe kurwiza inyigisho ku banywanyi babo mu kubatahuza ineza y’amatora mu gihugu kugira babikore bumva ko atari agahotoro. Muvyo yashikirije, yaheraheje amenyesha ko bisunze amategeko ikiringo c’umugwi wo gutegura amatora kizorangira itariki 5 Kigarama 2017. Abarongoye imigambwe basavye ko mu gihe umurwi utegura amatora CENI uzorangiza ikiringo ku wa 5 Kigarama 2017, hoca hajaho umugwi wizewe na bose kugira ngo amatora azogende neza. Abarongoye imigambwe kandi baramenyesheje ko ku bijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya itifashe neza, ngo badakwiye kuzera inze ahubwo ko bagiye guhimiriza abanyagihugu kwiteza imbere.Abarongoye imigambwe basabwa kurwiza inyigisho ku banywanyi babo mu kubatahuza ineza y’amatora kugira bashobore kuyaterera bavyiyumvamwo. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye mu nama yari yateguriwe abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko mu gihugu, iyo nama ikaba yari ijanye no kurabira hamwe  ibijanye n’umutekano, n’ibiganiro bihuza abarundi hamwe n’ivyerekeye umugambi wa Reta uhamagarira abarundi guterera amatora. Hari kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017. Mw’ijambo umushikiranganji Pascal Barandagiye yashikirije ryo kwugurura inama, yamenyesheje ko amahoro n’umutekano bitsimbataye mu gihugu cose. Ariko rero ngo n’aho biri uko barashizeho amakomite ajejwe umutekano mu bisata vyose vy’igihugu, acasaba indongozi mu migambwe kugira uruhara runini mu gutsimbataza uwo mutekano no mukuwigisha abo barongoye bakarushirizaho gutsimbataza amahoro cane cane muri iki gihe c’impera z’umwaka. Yaranashikirije ko bimwe mu vyaranze umutekano ari uko abarundi bababa ibihumbi 200 bahungutse, abashika ibihumbi 32 nabo ngo baramaze kwiyandikisha ngo batahuke, ngo baragize n’ingendo mu makambi y’impunzi ndetse ngo bakaba basanze benshi bafise umutima n’ishaka vyo gutaha. Ikindi yamenyesheje ngo ni uko hategekanijwe vuba inama n’ishirahamwe HCR hamwe n’ibihugu bihaye indaro izo mpunzi mu ntumbero yuko botahukanwa vuba. Ku bijanye n’ibiganiro, ngo nk’uko ivyabereye hagati mu gihugu vyarangiye, baripfuza ko n’ivyo hanze vyorangira ivyegeranyo vyose bikegeranywa bikaja hamwe abarundi bagaheza bakabigira ivyabo. Umushikiranganji yaciye aboneraho akaryo ko gusaba abarongoye imigambwe batumiwe mu biganiro vy’abarundi bizobera  Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuvyitegurira neza mu gukora icegeranyo bazoshikiriza muri ivyo biganiro bisunze ibindi vyegeranyo 3 vyashitsweko inyuma y’ibiganiro vyabereye mu gihugu c’Uburundi.  Umushikiranganji yamenyesheje kandi ko umuntu wese afise imyaka yo gutora yoterera kugira amatora yo mu 2020 azogende neza.

Ariko rero ngo hariho integuro y’itegeko izokwerekana ingene intererano yotangwa ku rugero rw’umwumwe wese, aho naho yaciye asaba abanyamigambwe kurwiza inyigisho ku banywanyi babo mu kubatahuza ineza y’amatora mu gihugu kugira babikore bumva ko atari agahotoro. Muvyo yashikirije, yaheraheje amenyesha ko bisunze amategeko ikiringo c’umugwi wo gutegura amatora kizorangira itariki 5 Kigarama 2017. Abarongoye imigambwe basavye ko mu gihe umurwi utegura amatora CENI uzorangiza ikiringo ku wa 5 Kigarama 2017, hoca hajaho umugwi wizewe na bose kugira ngo amatora azogende neza. Abarongoye imigambwe kandi baramenyesheje ko ku bijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya itifashe neza, ngo badakwiye kuzera inze ahubwo ko bagiye guhimiriza abanyagihugu kwiteza imbere.

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir