Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubutungane buhamagariwe gutunganiriza neza abo bose babwituye

0250Reta y’Uburundi yifuza ko ubutungane bukora kandi bugakora neza ku neza y’ababwituye kuko  ifise ihangiro ko imanza za kera zose zova mu nzira umwaka w’2018  ukazotangurana na nshasha kugira umwe wese yishire yizane mu twiwe.  Ivyo vyamenyeshejwe n’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo inyuma y’urugendo yagize   muri Sentare nkuru y’igihugu yo muri komine Ntahangwa,  kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017.  

Reta y’Uburundi yifuza ko ubutungane bukora kandi bugakora neza ku neza y’ababwituye kuko  ifise ihangiro ko imanza za kera zose zova mu nzira umwaka w’2018  ukazotangurana na nshasha kugira umwe wese yishire yizane mu twiwe.  Ivyo vyamenyeshejwe n’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo inyuma y’urugendo yagize   muri Sentare nkuru y’igihugu yo muri komine Ntahangwa,  kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017.  Icegera ca mbere  c’umukuru w’igihugu  Gaston Sindimwo yamenyesheje ko yabagendeye mu ntumbero yo kuraba ingene ibikorwa bigenda  ngo bongere bereke abarundi n’amakungu ko mu gihugu c’UBurundi ubutungane buriho kandi bukora.Ngo yasanze ibikorwa bakora babikora neza kiretse ko bafise amadosiye menshi ngo kubera ako karere karimwo abantu benshi bigatuma haca haba amatati menshi.Yasanze abacamanza bo muri parake ari 16 n’umukuru wayo arimwo . Ni ukuvuga baravye imanza bafise umwe wese ategerezwa  guca imanza 20 ku kwezi ariko basanze bafise   urugero rw’imanza 16 ku kwezi ivyo bikerekana ko bakora neza. No muri sentare niko k’uko  muri kuno kwezi kwa Munyonyo imanza zashikirijwe zagera kuri 54 harashoboye gucibwa izitari nke naho hari ibirarane vy’izindi nyinshi.  Yaciye asaba ko abacamanza  bokongerezwa kandi bakavanga ibitsina kuko nko muri Sentare hariyo abakenyezi benshi iyo bagiye mu turuhuko two kuvyara  bituma akazi gaca kagenda nabi.Ariko ngo n’aho biri  uko  yarabakeje abatera n’intege kuko ngo baritanga bikwiye. Yarangije urugendo abemereye ko hariho sentare idafise ibikoresho bikwiye agiye kubiganira n’umushikiranganji w’ubutungane  bakabibaronsa.      

Josélyne Ndayegamiye                                                                                    

 

Ouvrir