Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ugutanga amakori n’amatagisi ngo ni inzira nziza ishikana kw’iterambere rirama

DSC0mmpp2230Kw’igenekerezo ry’ 9 Munyonyo 2017, ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi « OBR » caratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Intumbero y’ico kiganiro ngo kukaba kwari ukumenyesha ingene ico kigo kiriko kirategura guhimbaza umunsi wahariwe umutangakori mu Burundi. Uwo munsi ukazohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2017 mu ntara ya Muyinga. Icivugo c’uyu mwaka kikaba ari « Twishimire gutanga amakori yo nzira ishikana kw’iterambere rirama no gutsimbataza intahe yo kwikukira ». Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukomiseri mukuru w’ico kigo, Audace Niyungeko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.Kw’igenekerezo ry’ 9 Munyonyo 2017, ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi « OBR » caratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru.

Intumbero y’ico kiganiro ngo kukaba kwari ukumenyesha ingene ico kigo kiriko kirategura guhimbaza umunsi wahariwe umutangakori mu Burundi. Uwo munsi ukazohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2017 mu ntara ya Muyinga. Icivugo c’uyu mwaka kikaba ari « Twishimire gutanga amakori yo nzira ishikana kw’iterambere rirama no gutsimbataza intahe yo kwikukira ». Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukomiseri mukuru w’ico kigo, Audace Niyungeko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo uwo munsi mukuru wahariwe umutangakori uzoba uhimbajwe incuro igira kabiri mu Burundi. Intumbero nyamukuru yawo ngo ni ukugaragaza icese uruhara rw’abatangakori mw’iterambere ry’igihugu no kubakengurukira muri rusangi, gushikiriza ubushimwe abatangakori bayatanga bisunze amategeko ata gahato, gukebura no gutera intege abatangakori batisunga amategeko hamwe no gutsimbataza imigenderanire myiza iri hagati y’ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi mu Burundi « OBR» n’abatangakori na cane cane ko ico kigo kiriko gitegura  uwo munsi gifadikanije n’ihuriro ry’amashirahamwe y’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi « CFCIB ». Umunsi wahariwe umutangakori mu Burundi rero ngo ni akaryo keza ku bagikorera mu rufuri ko kwikebuka, bakabona neza ko gutanga amakori bidatera uruhombo ahubwo ngo bifasha kuja ahabona  gutyo bagatera imbere ataco binona. Audace Niyungeko yamenyesheje kandi  ko imbere y’uko uwo munsi mukuru uba hategekanijwe ibikorwa vyo kugendera abatangakori bamwe bamwe, urukino rw’umupira w’amaguru ruzohuza umugwi ugizwe n’abatangakori bo mu ntara ya Muyinga n’uwundi ugizwe n’abakozi b’ikigo OBR ruzobera ku kibuga gikuru c’intara ya Muyinga, ihayanishwa gurisha ry’ubudandaji rizobera i Muyinga kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika ku rya 5 Kigarama 2017, ibiganiro bizotunganywa mu maradiyo n’ibimenyeshamakuru bisigura ivyerekeye uwo munsi n’ibindi.

Uwo munsi wahariwe umutangakori mu Burundi ngo ugiye guhimbazwa ikigo OBR gihagaze neza haba mu bijanye n’abakozi, haba mu bijanye n’imigambi ico kigo gishira mu ngiro kugira corohereze abatangakori n’abarwizatunga ndetse haba ngo no mu vyerekeye umwimbu. Kw’ihangiro ico kigo cihaye co gutoza imiriyaridi zishika ku 720 uyu mwaka, ngo kigejeje ku bice 86 kw’ijana gutyo ngo bakaba bizeye ko bazoyatoza yose mbere bakanayarenza. Uwo mwimbu mwiza rero ngo bawukesha imbere ya vyose abatangakori ari naco gituma Reta yafashe ingingo yo gushiraho uwo munsi mukuru wahariwe abatangakori kugirango bashimirwe icese maze abakiri inyuma bikebuke.Audace Niyungeko yarangije asaba abarwizatunga bo mu gihugu cose bafise amahinguriro matomato na manini, abafise imyuga, abafise amashirahamwe ko bokwitabira ico gikorwa kuko ikigo OBR kibahaye akaryo k’imbonekarimwe ko kwimenyekanisha no guhayanisha umwimbu wabo.

Estella Niyongere

 

Ouvrir