Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Hagiye gusubirizwa abakomiseri batatu bo mu murwi CVR

DSC bhy4224Kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017,Inama Nshingamateka yarasohoye itangazo aho yamenyesheje abavyipfuza bose kandi babifitiye ubushobozi ko Inama Nshingamateka  yashizeho umurwi ujejwe gutunganya  ivyo gusubiriza ku bavyifuza ko ishizeho umurwi  ujejwe gutunganya abakomiseri batatu  bagiye bo mu murwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira CVR .Nk’uko umuvugizi w’Inama Nshingamateka Alexis Badia Ndayihimbaze yabishikirije,  ngo abavyifuza bategerezwa gukwiza ibisabwa  n’amategeko.Kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017,Inama Nshingamateka yarasohoye itangazo aho yamenyesheje abavyipfuza bose kandi babifitiye ubushobozi ko Inama Nshingamateka  yashizeho umurwi ujejwe gutunganya  ivyo gusubiriza ku bavyifuza ko ishizeho umurwi  ujejwe gutunganya abakomiseri batatu  bagiye bo mu murwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira CVR .Nk’uko umuvugizi w’Inama Nshingamateka Alexis Badia Ndayihimbaze yabishikirije,  ngo abavyifuza bategerezwa gukwiza ibisabwa  n’amategeko.Kugira umuntu ashobore guhiganwa ni ukuvugako uwuhiganwa ategerezwa: kuba uri umurundi kandi ashikana imyaka 35 n’iyirenga ; kuba atagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu no kurenga amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu ; kuba ufise inyifato ibereye no kuba ushoboye guharanira ukuri be n’ukunywanisha abarundi.Iruhande y’ibisabwa, uwifuza guhiganira ivyo bibanza bategerzwa kuba bazi neza kuvuga no kwandika ikirundi n’igifaransa kandi ko kumenya icongereza ari akarusho.

Ibindi bisabwa n’ibitegerezwa kuba biri mu madosiye ni nk’ikete ryanditwe n’iminwe rigenewe umukuru w’umurwi washizweho n’Inama Nkenguzamateka ;urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye ; fotokopi y’ikarata ndangamuntu ; urupapuro rw’amavuko hatibagiwe n’urupapuro rwemeza ko adakurikiranwa n’ubutungane.Alexis Badia Ndayihimbaze yarangije amenyesha abavyifuza ko ibisabwa ngenderwako vy’iryo higanwa bazobisanga kw’irembo ry’ahari Ingoro y’amakoraniro mu kigobe ; canke ku rubuga ngurukanabumenyi www.assemblee.bi, Facebook, hamwe na Twitter vy’Inama Nshingamateka. Yasozereye kandi yibutsa abo bavyifuza ko amadosiye azoshikanwa mu gasandugu kugaye kazoba kari kw’irembo ry’ahari ingoro y’amakoraniro mu Kigobe kuva ku wa gatanu igenekerezo rya 10 gushika ku munsi wa kane igenekerezo rya 23 Munyonyo 2017 .Inyuma y’ivyo hakazohamagarwa abazoba bagomwe. 

Gloriose Nshimirimana 

(Uwimenyereza)
   

 

Ouvrir