Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Integuro z’amabwirizwa abiri zaremejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka

DSC bbb4333Kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarize yongera iremeza integuro z’amabwirizwa abiri. Iya mbere ikaba yari ijanye n’isubirwamwo ry’itegeko mpanavyaha, iya kabiri ikaba ijanye n’ isubirwamwo ry’itegeko rigenga amabohero. Izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri zose zikaba zemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 38 bari bitavye harimwo n’abatumye. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo.Kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017, Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yarize yongera iremeza integuro z’amabwirizwa abiri.

Iya mbere ikaba yari ijanye n’isubirwamwo ry’itegeko mpanavyaha, iya kabiri ikaba ijanye n’ isubirwamwo ry’itegeko rigenga amabohero. Izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri zose zikaba zemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 38 bari bitavye harimwo n’abatumye. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo.Nk’uko umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana yabimenyesheje ariko arashikiriza imvo n’imvano yatumye basubiramwo izo nteguro z’amabwirizwa, ngo ku bijanye n’itegeko mpanavyaha, ngo ahanini ivyaha bimwe bimwe ntivyari vyanditse neza mu mategeko yari ahasanzwe eka ngo n’ibihano bimwe bimwe ku bijanye n’ivyaha bimwe bimwe ngo wasanga bidafashe. Ukudahana bikwiye rero ngo bituma abantu baca babifata nk’ibintu bisanzwe. Icatumye ngo mu Bushikiranganji arongoye biyumvira gusubiramwo iryo tegeko mpanavyaha ngo kwari ukuduza ibihano ku vyaha bimwe bimwe bisa n’uko vyimonogoje no gushira mu ngiro amasezerano Uburundi bwateyeko umukono. Muri ivyo vyaha vyimonogoje ngo harimwo ibijanye no kurya igiturire, ivyaha bijanye no kugurisha abantu, abasaba amadeni bari mu murwi w’abandi bantu bagaca bigira batarishe kuko bazi ko bagenzi babo baca babarihira, ibijanye no kugana hamwe no kunywa inzoga zitemewe n’amategeko aho ubu ngo uwaziganye canke uwazinyoye bazohanwa bose, gufata ku nguvu abigeme n’abakenyezi, gufata nabi ibitungwa vyaba ibitungiwe i muhira canke ivyitembereza mw’ishamba, abatembereza ibirwanisho bito bito aha mu karere n’ibindi.Ku bijanye n’isubirwamwo ry’itegeko rigenga amabohero, ngo intumbero yatumye risubirwamwo ngo kwari ukugirango barabe ko hoba akarusho ku bijanye n’ukubaho kw’abanyororo hamwe n’ukubategura kugira ngo bashobore kuvamwo abantu bashobora guteza imbere igihugu, gushira mu ngiro amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono kugira Uburundi buje ku murongo w’ibindi bihugu, gufasha abanyororo kugirango bashobore gushikira abacamanza vyoroshe n’ibindi.

Ku bijanye n’ibibazo canke amakenga y’abakenguzamateka aho bashatse kumenya ingene abana bo mw’ibarabara bazofatwa na cane cane ko ikibazo co kuja mw’ibarabara gisigaye ari icaha gihanwa n’amategeko mpanavyaha, Aimée Laurentine Kanyana akaba yamenyesheje ko ico kibazo bazociga neza bisunze igituma canke ingorane y’umwana uwari we wese, abatarakwiza imyaka yo guhanwa bakabaronderera aho babashira ari mu mashirahamwe abarera, mu miryango yabo canke ahandi. Mwomenya ko izo nteguro z’amabwirizwa uko ari zibiri zahavuye zemezwa ijana kw’ijana n’abakenguzamateka ni ukuvuga abashika 33 bari bitavye ivyo bikorwa hamwe n’abandi 5 bari batumye. 

Estella Niyongere

 

Ouvrir