Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abategetsi ku nzego zitandukanye basabwa gufasha guhimiriza mw’irondoka rijanye n’amagara meza

Abategetsi ku rwego rwo hejuru ngo bakwiye kugira uruhara rudasanzwe mu bijanye no guhimiriza abakenyezi ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Ivyo vyofasha kugira umurindi w’irwirirana ry’abantu mu Burundi rigabanuke, aho abahinga mu bijanye no gutororokanya ibiharuro bavuga ko abarundi boba bababa imiriyoni 12. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza PNSR, Djuma Ndereye, ku muhingamo wo ku wa 27 Gitugutu 2017, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Abategetsi ku rwego rwo hejuru ngo bakwiye kugira uruhara rudasanzwe mu bijanye no guhimiriza abakenyezi ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

DSC 0vvcdff019Ivyo vyofasha kugira umurindi w’irwirirana ry’abantu mu Burundi rigabanuke, aho abahinga mu bijanye no gutororokanya ibiharuro bavuga ko abarundi boba bababa imiriyoni 12. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza PNSR, Djuma Ndereye, ku muhingamo wo ku wa 27 Gitugutu 2017, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko umuyobizi w’umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza PNSR,  yabandanije abishikiriza, ngo yisunze ibiharuro bafise muri ubwo buyobozi, hari ubudasa hagati y’abakenyezi bize n’abakenyezi birimizi, mu bijanye no guhurumbira uburyo bwo gutandukanya imvyaro. Ku bwiwe rero, ngo ivyo birasiguritse kubera mu bihugu vyateye imbere mu vy’irondoka rijanye n’amagara meza, abakenyezi babifisemwo uruhara runini. Ivyo ngo ahanini bigatumwa n’uko abakobwa bakurikiranye amashure gushika ku rugero rwa kaminuza baheza bakwubaka izabo batevye gatoya ugereranije na bagenzi babo b’abirimizi, aho ku myaka 15 baba batanguye kwiyumvira kwubaka izabo. Aho ni mu gihe uwize kaminuza aza kuyiheza afise imyaka iri hagati ya 24 na 25, muri ico gihe, uwo banganya imyaka w’umwirimizi ngo aba afise abana 4. Ubu ngo mu bihugu vyinshi aho abakobwa basigaye biga amashure ahanitse gushika ku rugero rwa « maîtrise », ngo ivyo biragira akamaro kanini  mu bijanye no kugabanya umurindi w’igwirirana ry’abantu. Mu Burundi rero, ngo birumvikana ko umurwi w’abarundikazi batize aribo barwirirana cane.Djuma Ndereye akabona ko inyigisho z’abategetsi ngo bozirabisha ku mirwi y’abarundi batize, kubera aribo barondoka cane.

Bisubiye, iyo mirwi ninayo yemera guharikwa, iyo ngeso nayo ikaba iri mu bituma umurindi w’irwirirana ry’abantu ubandanya wiyongera. Eka ngo mu Burundi kugira ibiharuro bigabanuke, n’uko iyo mirwi y’abarundikazi boyishira mu mashure bige batahure ingarukambi z’irwirirana ry’abantu. N’aho umurindi w’irwirirana ry’abantu mu Burundi uri hejuru cane, muri ca gitabu c’ukuntu Uburundi buzoba bwifashe mu mwaka w’2025, ngo Reta y’Uburundi yipfuza ko mu bakenyezi bageze mu bigero bokwibaruka abana 3.  Mu mwaka w’2025, ngo Reta yipfuza ko umurundikazi yibaruka abana 3. Iryo hangiro Reta yari yihaye ngo baracari kure yaryo kubera nk’uko biri mu cigwa giherutse gukorwa, kirerekana ko umukenyezi umwe wese yibaruka abana bari hagati ya 5 na 6. Ivyo rero ngo birashimishije kubera mu myaka 5 iheze ngo barashoboye kugabanura hafi umwaka umwe ku bakenyezi bageze mu bigero vyo kwibaruka. Ivyo ngo vyatumye ibiharuro vy’abana umukenyezi yibaruka biva ku bana bari hagati ya 6 na 7, baja ku bana bari hagati ya 5 na 6. Ku bwiwe rero akabona ko mu mugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza PNSR bateye intambwe ishimishije. Naho biri uko ngo impinga iracari ndende. Akaba yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi n’abarundikazi kubandanya bijukira uburyo bwo kugabanya imvyaro, ku neza y’imiryango yabo, ibibondo n’abavyeyi hamwe n’igihugu muri rusangi. Ako kamo umuyobozi wa PNSR yagateye hageze kubera ko urusansuma rwakozwe mu mwaka w’2008, rwarerekanye ko abarundi bari imiriyoni zirenga 8, inyuma y’imyaka 9, abahinga mu bijanye no gutororokanya ibiharuro bavuga ko abarundi bariko barababa imiriyoni 12, vyumvinaka ko mu myaka 9, abarundi biyongereye ku rugero rw’imiriyoni hafi 4.

Umuyobozi wa PNSR akabona ko kugira ibintu bihinduke, ari uko abarundi bohimirizwa kugira bategere akamaro ko kwibaruka abo bashoboye kurera.Vyongeye, ku biyumvira ko hashobora gufatwa ingingo z’inguvu, aho ingingo nk’izo zafashwe ngo nta kamaro zagize. Eka ngo ingingo nk’izo zifashwe inkurikizi n’uko udashobora kwinjira mu rugo rumwe rumwe rwose kugira urabe ko ingingo zafashwe ziriko zirakurikizwa, kubera ko kurondoka bibera mu miryango hagati y’abubakanye. Akabona ko abubakanye aribo bafata ingingo zibereye ku rugo rwabo, ariko zigafatwa bisunze inyigisho baronse.  Izo nyigisho nazo ngo zotangwa n’abategetsi, kubera ikibazo c’uwo murindi w’irwirirana ry’abantu mu Burundi ngo cega bose umukuru n’umutoya.                               Déo Misigaro                                                                

 

Ouvrir