Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi na Misiri bigiye gufashanya mu gisata c’imico n’akaranga

DSC ccc0036Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama,  Jean Bosco Hitimana yarifatanije n’ubuserukizi bw’igihugu ca Misiri  mu Burundi  mu birori vyo kwugurura igisata c’ireresi yo mu gihugu ca Misiri, aho basomera ibitabu vyerekana imico n’imigenzo vy’ico gihugu, hari kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017 mu biro aho uwuserukira ico gihugu asanzwe arangurira imirimo.Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama,  Jean Bosco Hitimana yarifatanije n’ubuserukizi bw’igihugu ca Misiri  mu Burundi  mu birori vyo kwugurura igisata c’ireresi yo mu gihugu ca Misiri, aho basomera ibitabu vyerekana imico n’imigenzo vy’ico gihugu, hari kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017 mu biro aho uwuserukira ico gihugu asanzwe arangurira imirimo.Umushikiranganji Jean Bosco Hitimana mw’ijambo ryiwe yabanje gushima imigenderanire iri hagati y’igihugu c’Uburundi na Misiri ku vyerekeye urwaruka na cane cane kuruteza imbere, mu gihe ibice vy’urwaruka 60 kw’ijana batagira akazi, bigatuma urwo rwaruka  ruhurumbira ibisagara, rugata iyo rwavukiye mbere ngo haragera n’aho ruhunga igihugu rukaja mu mahanga rujanywe n’ukurondera akazi kandi urwo rwaruka rwari mu myaka yo gukora. Yabandanije amenyesha ko urwaruka ariko rugize igice kinini c’abantu baravye uko ibitigiri bibandanya vyongerekana.

Rero ngo imigambi y’iterambere iza ifasha urwaruka ngo ni kirumara ku gihugu kuko ngo biri no muvyo igihugu c’Uburundi cashize imbere mu migambi yaco yo gushika mu 2025. Hitimana yasozereye ijambo amenyesha  ko n’aho haza iterambere mu vyerekeye ireresi ko urwaruka rwobijamwo ariko rugakomeza imico kama yamye iranga abarundi kuva kera narindi . Uwurongoye urwego rw’igihugu rujejwe gutanga amakuru CNC, Karenga Ramadhan yamenyesheje ko urwego arongoye rutera intege cane abariko baja mu mwuga wo gukora ireresi kandi ngo bokwigira ku mareresi y’igihugu ca Misiri, kuko abanyamisiri bafise ubumenyi bukwiye mu mareresi akoze neza. Rero ngo igihugu ca Misiri kiriko kirafasha mu vyerekeye imico kama kuko iradiyo nkuru y’igihugu ca Misiri yashize igikumu ku masezerano yo gufashanya n’iradiyo y’imico kama yo mu Burundi ngo hari n’iyindi migambi yo mu karere yo gukarihiriza ubwenge urwaruka kugira barutere intege mu gukora amareresi bisanzwe bikorana n’ico gihugu. Ikindi ngo ni uko igihugu ca Misiri gifasha Uburundi kibicishije mw’ishengero rya Orthodoxe aho barungika abaganga b’abahinga mu bisata bitandukanye vy’ubuvuzi n’ubu ngo bakaba bazoza mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama, bakaba bazohamara ukwezi kwose. Ngo barongera bagafashanya mu guhanahana ibidandazwa, mu guteza imbere imico n’akaranga kuko ngo n’amareresi ari mu bigize imico n’akaranga. Ubwo buserukizi buratumirira  urwaruka kuja kuraba amareresi azokwerekanwa mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge aho bategekanije kwerekana amareresi yo mu gihugu ca Misiri kugira nabo babone uko boyakora.

Anitha Bizimana 

(Uwimenyereza)                                                                                                            

 

Ouvrir