Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuhora wo gutwara abantu n’ibintu wo hagati ugiye gutezwa imbere

DSCdea 0042Umuhora wo gutwara abantu n’ibintu wo hagati uciye mu gihugu ca Tanzaniya gushika i Kigoma ngo ugiye gutezwa imbere, aho ibanki y’isi yose yemeye gutanga imiriyoni 500 z’amadorari y’abanyamerika mu ntumbero yo kworosha ugutwara abantu n’ibintu mu bihugu bisangiye uwo muhora. Muri uwo mugambi, iyo banki izotanga n’imiriyoni 100 z’amadorari y’abanyamerika yo gukingira ico kiyaga Tanganyika kubera arico gifasha kwunguruza abantu n’ibidandazwa bivuye ku bivuko vy’i Kigoma, Mpulungu, Kalemi hamwe n’i Kalundu .Amafaranga akoreshwa mu kwunguruza ibidandazwa azoshobora kugabanuka ku rugero rw’ibice 30% ugereranije n’ibidandazwa bizananye mu muhora w’amabarabara. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Reta, Jean Bosco Ntunzwenimana, ku wa 2 Munyonyo 2017, aho yari ahejeje kwugurura inama y’iminsi ibiri yo gushikiriza imigambi igiye kurangurwa mu bihugu bisangiye uwo muhora hamwe n’ikiyaga Tanganyika igiye gushigikirwa n’ibanki y’isi yose.Navyo bikaba ari :

Uburundi, Tanzaniya Zambiya na Kongo iharanira demokarasi (RDC). Nk’uko umushikiranganji  Jean Bosco Ntunzwenimana yabandanije abishikiriza, ngo muri iyo nama y’iminsi ibiri, Uburundi bwiteze ko imigambi nyamukuru bwatunganije mu gisata co gutwara abantu n’ibintu biciye mu kiyaga Tanganyika hamwe no kugikingira izoshigikirwa n’Ibanki y’isi. Iyo migambi ngo ikaba yoshigikirwa biciye kuri ya madorari imiriyoni 500 yo gushigikira umuhora wo hagati hamwe n’ayandi imiriyoni 100 zo gukingira ikiyaga Tanganyika agabanganijwe ku bihugu bisangiye ico kiyaga uko ari bine.Umuhora wo gutwara abantu n’ibintu wo hagati uciye mu gihugu ca Tanzaniya gushika i Kigoma ngo ugiye gutezwa imbere, aho ibanki y’isi yose yemeye gutanga imiriyoni 500 z’amadorari y’abanyamerika mu ntumbero yo kworosha ugutwara abantu n’ibintu mu bihugu bisangiye uwo muhora. Muri uwo mugambi, iyo banki izotanga n’imiriyoni 100 z’amadorari y’abanyamerika yo gukingira ico kiyaga Tanganyika kubera arico gifasha kwunguruza abantu n’ibidandazwa bivuye ku bivuko vy’i Kigoma, Mpulungu, Kalemi hamwe n’i Kalundu .Amafaranga akoreshwa mu kwunguruza ibidandazwa azoshobora kugabanuka ku rugero rw’ibice 30% ugereranije n’ibidandazwa bizananye mu muhora w’amabarabara. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Reta, Jean Bosco Ntunzwenimana, ku wa 2 Munyonyo 2017, aho yari ahejeje kwugurura inama y’iminsi ibiri yo gushikiriza imigambi igiye kurangurwa mu bihugu bisangiye uwo muhora hamwe n’ikiyaga Tanganyika igiye gushigikirwa n’ibanki y’isi yose.Navyo bikaba ari : Uburundi, Tanzaniya Zambiya na Kongo iharanira demokarasi (RDC). Nk’uko umushikiranganji  Jean Bosco Ntunzwenimana yabandanije abishikiriza, ngo muri iyo nama y’iminsi ibiri, Uburundi bwiteze ko imigambi nyamukuru bwatunganije mu gisata co gutwara abantu n’ibintu biciye mu kiyaga Tanganyika hamwe no kugikingira izoshigikirwa n’Ibanki y’isi.

Iyo migambi ngo ikaba yoshigikirwa biciye kuri ya madorari imiriyoni 500 yo gushigikira umuhora wo hagati hamwe n’ayandi imiriyoni 100 zo gukingira ikiyaga Tanganyika agabanganijwe ku bihugu bisangiye ico kiyaga uko ari bine.Ku bw’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu, ngo ivyankenerwa nk’ibivuko, ubwato n’ibindi bidatejwe imbere, uwo muhora wo hagati « corridor central », ngo ntushobora gutera imbere mu kwunguruza abantu n’ibintu biciye mu kiyaga Tanganyika. Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu yaboneyeho gushima ingingo y’igihugu ca Tanzaniya cemeye kugabanya amadorari 2,5 ku bidandazwa, ico ngo ni ikimenyetso cerekana ko inguvu ziriko zirashirwa hamwe kugira ibidandazwa bishike mu Burundi ku mafaranga makeya. Ikiyaga Tanganyika ku Burundi, ni umuhora ubushikana ku bivuko vya Kigoma(Tanzaniya), Kalemi (RDC), Mpulungu (Zambiya) n’i Kalundu (RDC). Mu mwaka w’2025 ngo ibidandazwa bica mu kiyaga Tanganyika bizokwiyongeraMu mwaka w’2016, ibidandazwa biza mu Burundi vyaciye ku bivuko vy’i Dar Es Salaam hamwe n’ikivuko c’i Mpulungu, ngo ni amatoni 303026. Muri ivyo, ibidandazwa biciye ku kivuko c’i Mpulungu bizanana umuhora wo hagati, ni ukuvuga mu kiyaga Tanganyika. Ku vyigwa vyakozwe, ngo mu mwaka w’2025, ku kivuko c’i Mpulungu hazozanana amatoni 500 000 y’ibidandazwa. Vyongeye, ngo inyuma y’aho ibarabara ry’indarayi rihuza ibivuko vy’i Dar Es Salaam na Kigoma rinaguriwe, biteze ko ibidandazwa biza mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini bigiye kuza biraca mu kiyaga Tanganyika. Bisubiye, ngo hagati y’imyaka y’2005 n’umwaka w’2006, ngo uwo muhora warahurumbirwa kubera ko igiciro co kuzana ibidandazwa mu Burundi cari ku rugero rw’ibice 30%. Mu ntumbero yo kworosha uruja n’uruza mu muhora wo hagati, ngo ibihugu bisangiye uwo muhora biripfuza guteza imbere inyubako zijanye n’ibivuko, amabarabara y’indarayi, amabarabara yandi hamwe n’ibibuga vy’indege kugira duhanahane n’ibihugu vyo mu  karere ibidandazwa vyoroshe. Iyo nama  rero ngo n’akaryo ko  kugira ibihugu bitange imigambi nyamukuru ishobora kuja mu ngiro vuba. Ku ruhande rw’Uburundi, ngo ni ikivuko c’i Bujumbura, ibikorwa bikazoshigikirwa n’igihugu c’Ubuyapani biciye mu mugambi JICA, aho bazokwubaka n’uruganda rwo gukora ubwato. Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD nayo ikaba yarakoze ivyigwa ku bivuko vy’i Bujumbura hamwe n’i Mpulungu, ubu ibikorwa vyo kubinagura bigashobora gutangura. Ibindi bivuko bitegekanijwe kunagurwa, ngo ni ikivuko co mu Rumonge, aho ivyigwa biriko birategurwa kugira bitangure, ivyo vyigwa bikaba bishigikiwe n’Ibanki y’isi yose hamwe n’ikivuko c’i Kabonga. Aho kuri ico kivuko ngo ivyigwa vyaramaze gutangura bifashwe mu mugongo na BAD, iyo ni imwe mu migambi itegekanijwe hamwe no gukingira ikiyaga Tanganyika. Tubamenyeshe ko iyo nama ihuza ibihugu bisangiye umuhora wo hagati hamwe n’ikiyaga Tanganyika yatunganijwe ku magenekerezo ya 2 na 3 Munyonyo 2017. Umunyamabanga nshingwabikorwa mu mugambi ujejwe umuhora wo hagati, Dieudonné Dukundane agasaba abitavye iyo nama ko ivyashitsweko muri iyo nama bitoherera mu bubati, ahubwo bikurikiranwe kugira bifashe abanyagihugu bo muri ivyo bihugu.            

Déo Misigaro                                                                                              

 

Ouvrir