Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta iritwararitse ishirwaho ry’itegeko mpanavyaha rishasha rijanye n’ibihe tugezemwo

kanya3333naReta y’Uburundi iritwararitse ishirwaho ry’itegeko mpanavyaha rishasha rijanye n’ibihe tugezemwo kuko hari nk’amakosa abantu bakora bibaza ko atari ivyaha nk’ugufata nabi ibitungwa ,nk’ugukoresha abana mu gusegerereza n’ibindi. Reta y’Uburundi iritwararitse ishirwaho ry’itegeko mpanavyaha rishasha rijanye n’ibihe tugezemwo kuko hari nk’amakosa abantu bakora bibaza ko atari ivyaha nk’ugufata nabi ibitungwa ,nk’ugukoresha abana mu gusegerereza n’ibindi.Ni muri iyo ntumbero,  ku wa 30 Gitugutu 2017, umushikiranganji w’ubutungane,  Aimée Laurentine Kanyana yari aramutse asigurira Inama Nshingamateka imvo n’imvano y’integuro y’itegeko mpanavyaha inoro 1/05 ryo ku wa 22 Ndamukiza 2009 kugira baheze bayihweze mu mpinyanyuro zaryo zofasha kugira rirorane n’ibihe tugezemwo. Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana akaba yaramenyesheje ko bashimye guhinyanyura  ingingo zimwe zimwe zigenga itegeko mpanavyaha  mbere bakagira n’izo bongeyemwo  kuko hariho ibintu abantu bakora badafata nk’ivyaha.

Yaciye ahera kw’itegeko rigenga ibitungwa ritahahora kuko abantu batabona ko hari icaha cokorerwa igitungwa. Ngo nko gufata ibitungwa  ukabiboha uko ariko kose ukabipakira uko ushatse ku buryo bitaronka isaganirizo, bikagenda birabira kubera ububabare canke nk’umuntu iyo ibitungwa vyamwoneye imirima agaca abijana mu nzu akavyugarana bikamara indwi yose bitariye.Ngo ivyo  vyose birahanwa n’amategeko kuko si vyo biba vyakoze ikosa ahubwo ni uwategerezwa kubiraba kugira ntihagire ico vyonona . Umushikranganji w’ubutungane akaba yavuze ko uwutazoba ashoboye kubigaburira iyo minsi yose yavyugaranye azobirekera nyenevyo hanyuma amwitwarire atabanje gushira mu bihano ivyo bitungwa.Irindi tegeko  ngo ni irijanye n’abantu basegerereza ku mabarabara . Aho umushikiranganji Aimé Laurentine Kanyana akaba yaramenyesheje ko abasegerereza n’abakoresha abandi mu gusegerereza bazohanishwa ibihano bikomeye mbere harimwo n’umunyororo. Kuri iryo tegeko rigenga abasegerereza ku mabarabara,  umukuru w’inama nshingamateka, Pascal Nyabenda yaciye asaba abajejwe ico kibazo kwiga ahubwo igituma abo bantu bahitamwo kuja gusegerereza mu mabarabara. Aca atanga akarorero k’abana bafise abavyeyi bari igito baja gusegerereza kubera birukanywe n’abavyeyi babo ati none hazoheza hahanwe umwana canke umuvyeyi.  Aca asaba ko batoshira imbere kuyora abantu baja kurunda mu gasho ahubwo bazorabe imvo zatumye umwe wese aja mw’ibarabara bakaraba kandi n’igituma abasegerereza bagenda bongerekerana.                                              Josélyne Ndayegamiye

 

Ouvrir