Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

ARFIC : Igisata c’ikawa kiriko kiratunganywa neza kugira abagihurikiyemwo bose bashobore kuhatorera akayoko

DSC 2xcez052Ngo ikawa y’Uburundi yarabaye iya mbere idandajwe  icamunara mu gisagara ca Boston  muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ivyo vyavuzwe n’umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe kugenzura igisata c’ikawa ARFIC, Jean de Dieu Mutabazi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Ngo ikawa yabaye iya mbere ni iyarimwe mu Kayanza nayo ikiro kikaba caguzwe amadorari 115, ikawa yabaye iya kabiri yaguzwe  amadorari 114 ku kiro. Ngo sibwo bwa mbere ikawa y’Uburundi ibaye iya mbere kuko mu mwaka w’2014, ikawa yarimwe mu Kayanza yarabaye iya mbere ica igurwa  amadorari 130 ku kiro. Ngo ishirahamwe karuhariwe mu guhonja ikawa no kuyiha amanota ACE ryaratororokanije ubwoko 23 bw’ikawa bwa mbere akaba arizo zadandazwa neza.  Ngo ikawa itabaye iya mbere igurwa  amadorari ari hagati  ya 4 n’ 5 ku kiro.  Mutabazi yamenyesheje ko  mu gihe ikawa iryoshe cane iguzwe ku giciro ciza, akarusho karatinda kagashikira umunyagihugu yayirimye. Yabandanije amenyesha ko mu mwaka w’2010, Reta yasa n’iyakuye akarenge mu gisata c’ikawa, muri ico gihe harabaye ubuhombe bunini cane ku murimyi w’ikawa kubera abarwizatunga bashoye ikawa mu mahanga ntibariha abarimyi canke bakabariha haciye igihe kinini.

Ngo ivyo vyaratumye abarimyi b’ikawa badebukirwa. Ngo kuva mu mwaka w’2015, harafashwe ingingo ko kizira kikaziririzwa yuko haba umurwizatunga aheranira umurimyi w’ikawa, ko uwuzohirahira akabirengako azovanwa mu gisata c’ikawa. Ngo ku mashirahamwe 84 adandaza ikawa akayihingura, ishirahamwe rimwe niryo ritubahirije amasezerano yo kuriha abarimyi b’ikawa. Ngo kubera ikawa y’iryo shirahamwe yarafashwe iriko iradandazwa icamunara kugira abarimyi b’ikawa bashobore kurihwa. Ngo Reta ibicishije ku bushikiranganji bw’ikigenga ca Reta yarashoboye kwegera Ibanki y’Isi yose irayisaba imfashanyo ica ironka amadorari angana 72 000 000 kugira igisata c’ikawa gishobore kunagurwa. Ngo ubwo burusho buzotuma igiterwa c’ikawa gisubira kwijukirwa. Mutabazi yamenyesheje ko kubera ko kuva igihe Reta yashira mu minwe y’abikorera utwabo igisata c’ikawa vyabonetse ko habaye ubusuma bw’amadorari atinjira mu gihugu. Yabandanije asigura ko kugira ubwo busuma bw’amahera y’agaciro buhagarare,  hafashwe ingingo y’uko abarwizatunga bose badandaza ikawa bategerezwa kugurura amakonte yabo mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB) hanyuma badandaje ikawa mu mahanga amahera y’agaciro agaheza agashikira muri BRB nayo igaheza ikabavunjira ikabaha mu marundi biciye mu makonte yabo ari mu mabanki y’ubudandaji . Ngo Reta igifise igisata c’ikawa mu minwe hariho ikigega gifasha abadandaza ikawa citwa Fonds de Stabilisation mu rurimi rw’igifaransa. Ngo nk’iyo  ibiciro vyagenze nabi hari amafaranga avuye muri ico kigega yaca aza gusahiriza ico gisata c’ikawa.  Mutabazi yaramenyesheje ko bariko bararaba ukungene ico kigega cosubiraho. Ngo ikawa y’Uburundi yarabaye iya mbere idandajwe  icamunara mu gisagara ca Boston  muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Ivyo vyavuzwe n’umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe kugenzura igisata c’ikawa ARFIC, Jean de Dieu Mutabazi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Ngo ikawa yabaye iya mbere ni iyarimwe mu Kayanza nayo ikiro kikaba caguzwe amadorari 115, ikawa yabaye iya kabiri yaguzwe  amadorari 114 ku kiro.

Ngo sibwo bwa mbere ikawa y’Uburundi ibaye iya mbere kuko mu mwaka w’2014, ikawa yarimwe mu Kayanza yarabaye iya mbere ica igurwa  amadorari 130 ku kiro. Ngo ishirahamwe karuhariwe mu guhonja ikawa no kuyiha amanota ACE ryaratororokanije ubwoko 23 bw’ikawa bwa mbere akaba arizo zadandazwa neza.  Ngo ikawa itabaye iya mbere igurwa  amadorari ari hagati  ya 4 n’ 5 ku kiro.  Mutabazi yamenyesheje ko  mu gihe ikawa iryoshe cane iguzwe ku giciro ciza, akarusho karatinda kagashikira umunyagihugu yayirimye. Yabandanije amenyesha ko mu mwaka w’2010, Reta yasa n’iyakuye akarenge mu gisata c’ikawa, muri ico gihe harabaye ubuhombe bunini cane ku murimyi w’ikawa kubera abarwizatunga bashoye ikawa mu mahanga ntibariha abarimyi canke bakabariha haciye igihe kinini. Ngo ivyo vyaratumye abarimyi b’ikawa badebukirwa. Ngo kuva mu mwaka w’2015, harafashwe ingingo ko kizira kikaziririzwa yuko haba umurwizatunga aheranira umurimyi w’ikawa, ko uwuzohirahira akabirengako azovanwa mu gisata c’ikawa. Ngo ku mashirahamwe 84 adandaza ikawa akayihingura, ishirahamwe rimwe niryo ritubahirije amasezerano yo kuriha abarimyi b’ikawa. Ngo kubera ikawa y’iryo shirahamwe yarafashwe iriko iradandazwa icamunara kugira abarimyi b’ikawa bashobore kurihwa. Ngo Reta ibicishije ku bushikiranganji bw’ikigenga ca Reta yarashoboye kwegera Ibanki y’Isi yose irayisaba imfashanyo ica ironka amadorari angana 72 000 000 kugira igisata c’ikawa gishobore kunagurwa. Ngo ubwo burusho buzotuma igiterwa c’ikawa gisubira kwijukirwa. Mutabazi yamenyesheje ko kubera ko kuva igihe Reta yashira mu minwe y’abikorera utwabo igisata c’ikawa vyabonetse ko habaye ubusuma bw’amadorari atinjira mu gihugu. Yabandanije asigura ko kugira ubwo busuma bw’amahera y’agaciro buhagarare,  hafashwe ingingo y’uko abarwizatunga bose badandaza ikawa bategerezwa kugurura amakonte yabo mw’ibanki nkuru y’igihugu (BRB) hanyuma badandaje ikawa mu mahanga amahera y’agaciro agaheza agashikira muri BRB nayo igaheza ikabavunjira ikabaha mu marundi biciye mu makonte yabo ari mu mabanki y’ubudandaji . Ngo Reta igifise igisata c’ikawa mu minwe hariho ikigega gifasha abadandaza ikawa citwa Fonds de Stabilisation mu rurimi rw’igifaransa. Ngo nk’iyo  ibiciro vyagenze nabi hari amafaranga avuye muri ico kigega yaca aza gusahiriza ico gisata c’ikawa.  Mutabazi yaramenyesheje ko bariko bararaba ukungene ico kigega cosubiraho.

 Aline Kanyana

 

Ouvrir