Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi ngo bugeze ku ntambwe ishimishije y’ukwinjira mu muryango wa EAC

CAMcv00299Ngo Uburundi bushitse ku ntambwe ishimishije mu kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ngo kuko kuva mu mwaka w’2007 igihe bwinjira bwaciye buhamvya ibindi bihugu mu mwaka w’2009 mu gushira mu ngiro ivyerekeye intambwe ya mbere ishingiye kw’itoza ry’amakori  n’amatagisi ku ndinganizo imwe  n’urugero rumwe. Ngo Uburundi bushitse ku ntambwe ishimishije mu kwinjira mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ngo kuko kuva mu mwaka w’2007 igihe bwinjira bwaciye buhamvya ibindi bihugu mu mwaka w’2009 mu gushira mu ngiro ivyerekeye intambwe ya mbere ishingiye kw’itoza ry’amakori  n’amatagisi ku ndinganizo imwe  n’urugero rumwe. Ivyo ngo vyatumye haba igabanuka ry’amakori n’amatagisi ku bicuruzwa biba bivuye muri ivyo bihugun n’Uburundi burimwo. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, Jean Paul Sindayigaya mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 26 Gitugutu 2017 aho ubwo bushikiranganji busanzwe burangurira imirimo.  Jean Paul Sindayigaya yaribukije ko Uburundi bwinjiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kuva ku wa 1 Mukakaro 2007. Ngo kuva ico gihe bwaciye bwinjira mu mugambi wo gushira ku rugero rumwe ibijanye no gutoza amakori n’amatagisi muri EAC.

Ivyo ngo birangwa n’ishingwa ry’ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR be n’ishingwa ry’igisata kijejwe kworohereza abarwizatunga kuzana imitahe yabo mu gihugu API. Nk’uko Jean Paul Sindayigaya yashishikaye abivuga, ngo ikindi Uburundi bumaze gushikako ni uko bwaterereye cane mw’ishirwaho ry’isoko rusangi. Ngo igihugu c’Uburundi nk’ibindi bihugu vyose bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko buriko burashira mu ngiro imigabo n’imigambi ijanye n’intambwe zategekanijwe mu bijanye no kuja hamwe kw’ibihugu bigize EAC nk’uko bisanzwe biri mu masezerano agenga uwo muryango. Umugambi  wo gushira ku rugero rumwe inyigisho ku rwego rw’amashure Kaminuza ku girango  abanyeshure bahejeje inyigisho kuri urwo rwego mu mumuryango  w’ibihugu vya EAC baronke  impamyabushobozi  zifise agaciro kangana mu ntumbero yo kworohereza uruja n’uruza rw’abanyeshure n’abakozi mu karere.Ngo kubarondera kwiteza imbere barashobora kurondera ubuzima muri ivyo bihugu mu gihe bitwaje impapuro zemerwa gukoresha nk’igitabu c’inzira canke  impapuro murekarengane zikoreshwa mu bihugu bigize uwo muryango. Ariko rero ngo abakozi ba Reta ntibemererwa kurondera ubuzi mu mareta y’ivyo bihugu mu gihe ata Reta iba yagukeneye ngo ibisabe. Eka mbere ngo n’abarondera kwiga muri ivyo bihugu bafatwa kumwe n’imvukira zavyo.Ngo muri ico gihe hari n’ibicuruzwa amatagisi vyatangishwa yagiye aragabanurwa mu gihe biba vyahinguriwe muri ivyo bihugu. Ico umucuruza asabwa gusa ngo ni ukwerekana urupapuro rwerekana aho ivyo acuruza vyahinguriwe.Ku kibazo cerekeye ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri ivyo bihugu, Sindayigaya yishuye ko amategeko ajanye n’ishingwa n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu muryango wa EAC  ryamaze kwumvikanwako.

Ngo abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango bayateyeko igikumu ku wa 30 Munyonyo 2013, igihe bari mu nama yabahuje isanzwe igira 15 yabereye mu gihugu c’Ubuganda. Ngo ishirwa mu ngiro ry’ayo mategeko  ritegekanya ikiringo c’imyaka 10 kugirango ibihugu bibanze kwitegura vyongere vyisuganye mu bijanye n’ubutunzi. Aha rero ico kumenya ngo ni uko iryo faranga rimwe rizotangura gukoreshwa mu mwaka w’2024.Jean Paul Sindayigaya avugira ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko yaragarutse ku bisata bizotegurwa ku rwego ry’uwo muryango kugira ngo bizotume ivyo bihugu bikoresha ifaranga rimwe vyoroshe. Ngo hazoshingwa igisata gikuru co gukurikiranira hafi ibintu vyose vyerekeye ifaranga rimwe ari naco kizovamwo ibanki nkuru y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Ngo hazoshingwa kandi igisata gikuru kijejwe gukurikiranira hafi ibiharuro vyerekana urugero rw’ubutunzi bw’ibihugu bihurikiye mu muryango wa EAC. Ngo hazoshingwa kandi igisata gikuru kijejwe gucungera ingene ibihugu biri muri uwo muryango bikoresha ifaranga rimwe. Ngo hazoshingwa kandi igisata kijejwe gushishoza no guhuza ibigo bisanzwe bikorera mu bisata bikurikirana ikoreshwa ry’amafaranga. Ngo intambwe igira kane ari yo yerekeye  intwaro y’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko izoshikwako izindi zose zarashizwe mu ngiro. Ngo n’aha nyene ibihugu biriko biritegura kuko vyamaze gusabwa abahinga babiri babiri bazotegura ibizoranga iyo ntwaro. jean Paul Sindayigaya yarangije avuga ko izina ry’ifaranga rizokoreshwa rizomenyeshwa n’abakuru b’ibihugu biri mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko igihe kigeze.

Nathan Ntahondi

Ouvrir