Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Gitega: Prezida NKURUNZIZA yarifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere

 

korararKw’igenekerezo rya 28 Gitugutu 2017, Umukuru w’igihugu yari yifadikanije n’abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Gitega mu bikorwa vy ‘iterambere rusangi aho bariko baracanga umusenyi, urucekeri n’isima vyo kwubaka ingazi abantu bazoshobora kwicarako mu gihe bazoba bariko bararorera umupira canke bari mu birori bizoba biriko birahabera. Ivyo bikorwa bikaba vyari vyitabwe n’abashikiranganji batandukanye, abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara ya Gitega n’abandi bategetsi batandukanye hamwe n’abikorera ivyabo.Inyuma yaho akaba yaratanze imfashanyo igizwe n’itoni 5 z’umuceri ku miryango 500 ifise amikoro make, aho umuryango umwe waronswa ibiro cumi vy’umuceri. Abaronkejwe iyo mfashanyo bakaba bari abo mu makaritiye atandukanye yo mu gisagara ca Gitega muri Komine n’intara ya Gitega.Kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu 2017, Umukuru w’igihugu yari yifadikanije n’abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Gitega mu bikorwa vy ‘iterambere rusangi aho bariko baracanga umusenyi, urucekeri n’isima vyo kwubaka ingazi abantu bazoshobora kwicarako mu gihe bazoba bariko bararorera umupira canke bari mu birori bizoba biriko birahabera.

Ivyo bikorwa bikaba vyari vyitabwe n’abashikiranganji batandukanye, abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara ya Gitega n’abandi bategetsi batandukanye hamwe n’abikorera ivyabo.Inyuma yaho akaba yaratanze imfashanyo igizwe n’itoni 5 z’umuceri ku miryango 500 ifise amikoro make, aho umuryango umwe waronswa ibiro cumi vy’umuceri. Abaronkejwe iyo mfashanyo bakaba bari abo mu makaritiye atandukanye yo mu gisagara ca Gitega muri Komine n’intara ya Gitega.Ku mugoroba w’uwo munsi, umurwi w’umupira w’amaguru Haleluya FC , Prezida NKURUNZIZA asanzwe akinamwo, waratanye mu mitwe n’ umurwi w’ishure « Christ Roi » ry’i Gitega mu rukino rwabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu gisagara ca Gitega. Umurwi Haleluya FC ukaba ariwo watahukanye intsinzi y’ibitsindo bine ku busa bw’umurwi w’ishure  Christ Roi.Muri urwo rukino Prezida NKURUNZIZA akaba yinjije ibitsindo bitatu.


Uburundi burashima ko bwavuye muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu

Twobamenyesha ko inyuma y’ibikorwa vy’iterambere rusangi vyo kwubaka ico kibuga co ku murwa mukuru w’intara ya Gitega ,abari bavyitavye baciye bagira urugendo rwo gushimira Imana ko Uburundi bwavuye muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI nk’uko vyagenze no mu zindi ntara. Buramatare w’intara ya Gitega, Venant Manirambona mw’ijambo yashikirije ryo kwitsa iryashikirijwe na Reta, akaba yaribukije abo arongoye ko iyo sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI yari yahindutse igikoresho c’abakoroni mu gutoteza indongozi za Afrika. Yabandanije amenyesha abanyagitega bimwe mu binyoma n’amarementanya vyaremetswe Uburundi n’inzego  zabwo mu ntumbero yo kudutera mu manga igihugu. Bimwe muri vyo ni nko kubeshera Reta y’Uburundi ko yahonyanze Ibwirizwa Shingiro n’amasezerano ya Arusha ; ko  iriko irategura ihonyabwoko ; ko iriko iraha ibirwanisho urwaruka rw’imbonerakure ifadikanije n’umugambwe uri kubutegetsi ; ngo mu Burundi nta mutekano uriho n’ibindi. Abanyagitega nk’abandi barundi baranezerejwe n’iyo ntsinzi idasanzwe itsimbataza ukwikukira kw’igihugu cacu. Buramatari Venant Manirambona akaba yaribukije ko urugamba rubandanya kuko ba sesa nkuyoze , ba mpemukendamuke, ba niryo , ba ndayamutaye na ba mpemayuzuye baticaye kuko birirwa barasya batambaye mu gukwiragiza ibirwanisho vyo gusesa amaraso mu mpunzi z’abarundi. Birigwa kandi baragira utunama mu gihugu c’Ububirigi babifashijwemwo na Louis Michel n’abandi bansi b’Uburundi. Mu kurangiza kwitsa iryo jambo Buramatari Vénant Manirambona Yaramenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose, ubutungane bw’Uburundi mu bwigenge bwabwo, gukomeza umugambi wo kwubahiriza agateka ka zina muntu, gukomeza imigenderanire n’amakungu n’ibindi. Reta y’uburundi irakengurukira cane ibihugu vyose vya Afrika n’ivya rutura vyashigikiye Uburundi mu kutemera ingingo zose z’akarenganyo zari zateguriwe Uburundi.
Gloriose Nshimirimana

(wimenyereza)

Ouvrir