Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abigisha bahinduriwe ikibanza badatonda ku mirimo baragabishwa

kanyambooooUmugambi wo gukwiragiza abigisha aho bakenewe kurusha ngo urahambaye cane ku murundi wese akunda igihugu camwibarutse.  Ku bw’ivyo ngo umuntu wese ataratonda ku kazi aho bamushize asabwe kwihutira gushikayo mu maguru masha atari uko naho ngo azofatwa nk’uwagataye. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Janvière Ndirahisha mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 31 Gitugutu 2017.

Umugambi wo gukwiragiza abigisha aho bakenewe kurusha ngo urahambaye cane ku murundi wese akunda igihugu camwibarutse.  Ku bw’ivyo ngo umuntu wese ataratonda ku kazi aho bamushize asabwe kwihutira gushikayo mu maguru masha atari uko naho ngo azofatwa nk’uwagataye. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Janvière Ndirahisha mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 31 Gitugutu 2017. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo haraciye igihe kitari gito hibonekeza ibintu bigoye kwihanganira. Ku ruhande rumwe hakibonekeza ubwinshi bw’abigisha mu mashure amwe amwe, ivyo navyo bigatuma baguma bahembwa na Reta kandi batariko bararangura imirimo nk’uko amategeko abisaba. Ku rundi ruhande ngo hakaba ayandi mashure na cane cane ayari kure y’ibisagara afise ubukene bw’abigisha gutyo bigatuma hakora abigisha b’abakutsakivi batazwi n’amategeko bahembwa n’abavyeyi. Janvière Ndirahisha akaba yamenyesheje ko ari muri iyo  ntumbero yo  gusubiza ibintu  mu buryo kuva mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka nyene, ubushikiranganji arongoye bwatunganije igikorwa gihambaye co kugabanganya abigisha harimwo n’abakozi bo mu biro, hisunzwe ubukene buri mu mashure amwe amwe mu kubashira aho bakenewe kurusha.

Intumbero nyamukuru y’ico gikorwa ngo kukaba kwari ugukuraho ubwo busumbasumbane bwahahora kubera ko abanyeshure bose bategerezwa gufatwa kumwe na Reta mu kuronswa ubumenyi, mbere ngo n’abigisha bagakoreshwa ku rugero rumwe. Ico gikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari rero ngo kikaba catumye Reta izohungukira ibitari bike. Muri ivyo ngo ni uko ubwa mbere abigisha barenga 4.761 aribo bahinduriwe aho bahora bakorera. Reta ngo yarahungukiye kandi abigisha bashika 600 bahora bakorera mu biro bitandukanye ariko ata kazi kaboneka bafise. Ica kabiri ngo ni uko uwofata ko umwigisha umwe umwe mu bahinduriwe aho bahora bakorera yahembwa amafaranga ibihumbi 150 ku kwezi ngo Reta ica yunguka ayarenga imiriyaridi umunani n’imiriyoni amajana atanu ku mwaka. Ngo ayo niyo mafaranga Reta yahomba ku mwaka ku mwaka.Umushikiranganji yarongeye amenyesha ko abakozi bari ku rutonde rw’abigisha ariko basanzwe bakorera ahandi, bakaguma bahembwa bakingiwe ikibaba n’abayobozi bamwe bamwe ngo barafashwe kandi ngo ico gikorwa kirabandanya kuko ngo ari ubusuma bweruye atawovyihanganira. Ku bw’ivyo ngo n’amafaranga yose bahembwe bategerezwa kuyasubiza. Ico gikorwa ngo carashize ahabona kandi abigisha bashika 70 batagishoboye gukora akazi biturutse ku busaza, indwara zitandukanye n’ibindi, abo bakaba ngo bagiye gushikirizwa Reta kugira yige kazoza kabo.Janvière Ndirahisha akaba yarangije amenyesha ko umuntu wese azi ko ataratonda aho bamushize asabwe kwihutira gushikayo mu maguru masha, atari uko naho ko azofatwa nk’uwagataye. Ngo abarongoye indero mu ntara no mu makomine basabwe gutangura gufata ingingo zibereye kuva kw’igenekerezo rya 2 Munyonyo 2017, hisunzwe amategeko.

 

Estella Niyongere

 

Ouvrir