Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inzego zijejwe umutekano ngo zarakoze neza, zikaba zaronse amanota 95 kw’ijana

kirundoooUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashimira inzego zijejwe umutekano zaranguye neza amabanga yazo aravye ingene mu gihugu harangwa amahoro n’umutekano muri iyi minsi, nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana, inyuma y’inama yagiranye n’abaserukira abandi mu nzego zijejwe umutekano, mu butungane ,mu ntwaro n’abanyagihugu,iyo  nama ikaba yabereye  ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo ku wa 3 Munyonyo 2017 Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashimira inzego zijejwe umutekano zaranguye neza amabanga yazo aravye ingene mu gihugu harangwa amahoro n’umutekano muri iyi minsi, nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Alain Diomède Nzeyimana, inyuma y’inama yagiranye n’abaserukira abandi mu nzego zijejwe umutekano, mu butungane ,mu ntwaro n’abanyagihugu,iyo  nama ikaba yabereye  ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo ku wa 3 Munyonyo 2017.

Nk’uko Alain Diomède Nzeyimana yabandanije abivuga ngo muri iyo nama basanze  bikenewe ko abanyagihugu bahimirizwa cane kubumbatira amahoro n’umutekano aho baherereye. Muri iyo nama, ngo kabaye akaryo ko kwihwereza hamwe ingene umutekano wifashe mu gihugu mbere iyo nama ibaye wifashe neza cane muri rusangi, mbere ngo Umukuru w’igihugu, yaciye aha amanota 95 kw’ijana inzego zijejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano. Ikindi babonye ngo ni uko hariho imirwi y’abitwaje ibirwanisho n’abandi banywa inzoga zibujijwe n’amategeko. Ngo baciye bumvikana ko ivyo vyose bazogenda biga uburyo burashe bwo kubirwanya.Ngo ikindi abari muri iyo nama bashimye ngo ni uko abagitunze ibirwanisho batafitiye uruhusha bashishikara kubishikana mw’ibanga kugirango ntibamenyekane. Ngo ivyo bishika mu turere twose tw’igihugu. Nk’uko Alain Diomède Nzeyimana yashishikaye abishikiriza ngo Umukuru w’igihugu yarasavye ashimitse ko abiba amahera mu mabanki bohanwa bimwe vy’akarorero kuko ngo ubwo busuma buheza bugatera ubukene ababa barabikije amafaranga yabo. Abari muri iyo nama ngo biyemeje ko bagiye gufata ingingo ruhasha zizotuma ubwo busuma budasubira. Ngo ikizokorwa ni uko uwivye ayo mafaranga hazokorwa ibishoboka vyose kugirango ayasubize. Vyongeye ngo Prezida NKURUNZIZA yarasavye abajejwe umutekano kuwucungera rwose aho hose hariko haracukurwa ubutare kugira ngo bene imitahe bakore mu mahoro n’umutekano.

Ngo abajejwe umutekano bose borikanura kandi muri ino minsi yo kurangiza umwaka, kuko hari abama barota kuwuhungabanya. Mu kurangiza iyo nama Ngo Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarasavye ko mu gihe Uburundi bwafashe ingingo yo kuva muri ya Sentare mpanavyaha mpuzamkungu CPI, ubutungane bw’Uburundi bwoca bwongereza umuvuduko wo gukora neza kugira ngo inkozi z’ikibi zihanwe hisunzwe amategeko. Ngo ivyo bizotuma vya vyegeranyo bifatira ku binyoma bishikirizwa na bamwe bamwe bitemerwa.

Nathan Ntahondi

 

Ouvrir