Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu myaka 4 ngo Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba ushika ku rugero rwa megawati 300

 

444dugrasiiMu myaka 4 iri imbere, ngo Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba ushika ku rugero rwa megawati 300. Kuri urwo rugero rw’umuyagankuba, ngo abanyagihugu bose bazoba bafise umuyagankuba aho n’ubutare buzoshobora kwimbwa n’amashirahamwe yose akeneye umuyagankuba azowuronswa uko bikenewe. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu  ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya ku wa 4 Gitugutu 2017 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mu myaka 4 iri imbere, ngo Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba ushika ku rugero rwa megawati 300. Kuri urwo rugero rw’umuyagankuba, ngo abanyagihugu bose bazoba bafise umuyagankuba aho n’ubutare buzoshobora kwimbwa n’amashirahamwe yose akeneye umuyagankuba azowuronswa uko bikenewe. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu  ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya ku wa 4 Gitugutu 2017 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Nk’uko, Léonidas Sindayigaya yabivuze ngo umuyagankuba niwo muhora w’iterambere. Kuri ivyo, ngo yisunze imigambi itegekanijwe na Reta y’Uburundi ibicishije muri ubwo bushikiranganji, ngo mu myaka 4 iri imbere, Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba wo ku rugero rwa megawati 300. Muri ico gihe ngo abanyagihugu bose bazoba bafise umuyagankuba, aho n’ubutare buzoheza bukimbwa aho bisaba umuyagankuba hamwe n’amashirahamwe yose awukeneye azowuronswa uko bikenewe.Ivyo rero, Léonidas Sindayigaya akaba yabishikirije yisunze ingomero ziriko zirubakwa zikoresha amazi hamwe n’amasoko y’umuyagankuba akoresha imishwarara y’izuba. Muri izo nyubako, ku zikoresha amazi, ngo hari urugomero Uburundi busangiye n’ibihugu vyo mu karere arivyo : Urwanda na Tanzaniya arirwo «Rusumo Falls », ibikorwa vyatangujwe muri Ndamukiza 2017. Ku ruhande rw’Uburundi, ngo urwo rugomero ruzotanga megawati 27, ibikorwa bigashobora kuzoba vyaheze mu mpera z’umwaka w’2020 kubera bizomara imyaka 3. Mu bindi bikorwa vyo kurwiza amasoko ntanganguvu, ngo uno munsi abahinga bariko barasuzuma umuntu bashobora guha isoko mu bahiganywe kugira ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Jiji-Murembwe bishobore gutangura. Urwo rugomero rukazoba rufise ubushobozi bwo gutanga megawati 50.Ku rugomero rwa Mpanda rwubakwa ku buryo butanzwe na Reta, ngo harabayemwo utugorane dutoya ku bijanye no gukorana n’ishirahamwe ryatsindiye isoko yo kurwubaka, ariko ngo uno munsi bariko baravugana n’iryo shirahamwe kugira ibikorwa bisubire gutangura. Ibikorwa bikaba bigeze ku rugero rw’ibice 60%, rukazoshobora gutanga megawati 10. Mu gisata c’ingomero zikoresha amazi, ngo hariho urugomero ruriko rwubakwa mu ntara ya Cibitoke Kabu 16, urwo rugomero rukazotanga megawati 20. Mu bikorwa vyo kurwubaka, ngo harabayemwo utugorane kubera ko ivyigwa vyabaye bire bire gatoya. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka akizera ko ibikorwa bigiye kubandanya kubera ko bariko baravugana n’abemeye gukorana n’ubushikiranganji muri ivyo bikorwa.


Ingomero zikoresha imishwarara y’izuba zirategekanijwe mu ntara za Gitega na Bubanza
Iruhande y’ingomero zikoresha amazi, ngo hari izindi zikoresha imishwarara y’izuba, muri izo ngo hari izo ibikorwa biriko biratera imbere. Aho akavuga ururiko rwubakwa muri zone ya Mubuga, muri komine n’intara ya Gitega, rukazotanga megawati 7,5.  Ibikorwa vyo kurwubaka vyatangujwe muri Nzero mu mwaka w’2017, mu nteguro vyari bitegekanijwe ko bizoba vyasozerewe mu kiringo c’amezi 12, ariko ngo kubera utugorane utu canke turiya, ivyo bishobora guherana n’umwaka uza. Muri izo ngomero zikoresha imishwarara y’izuba, ngo hari urundi rutegekanijwe kwubakwa mu Rubira, mu ntara ya Bubanza, rukazotanga megawati 11. Ibikorwa vyo kurwubaka bikaba bitegekanijwe gutanguzwa mu minsi iri imbere. Imigambi itegekanijwe mu gisata c’amasoko ntanganguvu, ngo ni myinshi narirya amategeko yorohereza abanyamitahe ariho, ku bwiwe rero akabona ko ata nkeka abanyamitahe bagiye guhurumbira ico gisata narirya ibiciro biherutse guhindurwa.Ikibazo c’umuyagankuba mu Burundi ngo kirashobora kuba catorewe umuti mu myaka 4 iri imbere. Ico kibazo ahanini ngo catumwe n’ibihe igihugu caciyemwo, aho urugomero rwa Rwegura ruri mu zubatswe ubwa nyuma haciye hafi imyaka 30.  Eka ngo n’ihindagurika ry’ibihe ridasigaye inyuma kubera ko urwo rugomero rucubakwa, ngo rwari gutanga umuyagankuba ku rugero rwa megawati 18, ariko muri kino gihe, ngo rutanga megawati 6 gusa. Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’umuyagankuba, Reta yagiraniye amasezerano n’umurwizatunga kugira atange umuyagankuba uhinguwe n’imashini zikoresha ibitoro, izo mashini zigatanga megawati 30.Mu gihe hakunze kwibonekeza ubukene bw’ibitoro mu Burundi, ngo amasezerano bagiranye n’uwo murwizatunga ntaho asa asana n’abarangura bakongera bakadandaza igitoro, bisigura ko izo mashini zidashobora guhagarara kubera ubukene bw’igitoro. Vyongeye, ngo hari umurwi mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka ujejwe gukurikirana kugira urabe ko uwo murwizatunga ariko atanga ivyo bemeranije, ni ukuvuga megawati 30. Izo mashini zikoresha amaritiro ibihumbi 135 y’amazutu ku munsi, ngo ni ngombwa rero ko uwo murwizatunga arihwa neza kugira abandanye atanga uwo muyagankuba. Nico gituma no ku mashirahamwe ya Reta atawe ishirahamwe REGIDESO rizokwihanganira atarishe umuyagankuba yakoresheje, nino muri iyo ntumbero ngo hagiye gukwiragizwa mu Burundi  amakonteri aho umunywanyi akoresha umuyagankuba yaguze imbere y’igihe, ayo bakunze kwita « cash power ». Uwu mwaka ngo ukazohera izo konteri zakwiragijwe mu Burundi bwose.


Ibiciro vy’umuyagankuba ngo vyisunze ivyo mu karere duherereyemwo
Ku bijanye n’ibiciro, ngo amazi ntacahindutse, kubera ko m3 y’amazi igurwa amafaranga 324, ku muryango. Ariko ngo amatara ibiciro vyarahindutse naho nyene ngo bisunga uburyo bwa bamwe n’abandi. Uwukoresha umuyagankuba mwinshi, araheza akariha menshi. Ariko ngo ku miryango ibayabaye itarenza kirowati 50, ibiciro vyavuye kuri 3400 FBu bija kuri 4100 FBu, ico giciro ngo cari kimaze imyaka 5 kidahindutse. Imiryango yo hagati na hagati yahora ikoresha kirowati 150, ibiciro ngo vyavuye ku 17200 FBu bija kuri 33600 FBu. Ivyo biciro ngo vyashinzwe biciye mu Nama Nshikiranganji yo ku magenekerezo ya 14 na 15 Kigarama 2016, mu ntumbero yo kubishira ku rugero rumwe n’ibihugu vyo mu karere duherereyemwo. Ivyo rero ngo ni mu ntumbero yo kugira abarwizatunga bahurumbire gushira imitahe muri ico gisata. Ico giciro naco ubu ngo ibice 20% vy’idorari rimwe ry’abanyamerika.Tubamenyeshe ko bariko bariga ingene twokoresha umuyagankuba uturutse ku muyaga, ngo mu Burundi turashobora kuba ata muyaga ukwiye dufise wotuma duhingura umuyagankuba. Ku muyagankuba uturutse ku mishwarara y’izuba, ngo abahinga baravuga ko ataworenza ibice 20% vy’umuyagankuba wose ukenewe mu gihugu kubera ko igihe hoba hari imvura canke ibitutwe ku minsi ibiri ikurikirana, ngo vyotuma imihora itwara umuyagankuba haba uguhungabana kubera umuyagankuba woba wagabanutse.

Déo Misigaro

Ouvrir