Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bwaratumiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini

dddoooezUburundi bwaratumiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize inama mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini (CIRGL) itegekanijwe ku wa 19 Gitugutu 2017, ikazobera i Brazaville ku murwa mukuru w’igihugu ca Kongo Brazaville. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA akaba yashikirijwe ubutumire bw’iyo nama n’intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo- Brazaville akongera akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Jean Claude Gakosso, mu bonano yahaye iyo ntumwa, ku wa 6 Gitugutu 2017. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa inyuma y’uwo mubonano, yongeye amenyesha ko muri iyo nama,  Uburundi buzoserukirwa ku rwego rwo hejuru.Uburundi bwaratumiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize inama mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini (CIRGL) itegekanijwe ku wa 19 Gitugutu 2017, ikazobera i Brazaville ku murwa mukuru w’igihugu ca Kongo Brazaville. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA akaba yashikirijwe ubutumire bw’iyo nama n’intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo- Brazaville akongera akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Jean Claude Gakosso, mu bonano yahaye iyo ntumwa, ku wa 6 Gitugutu 2017.

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa inyuma y’uwo mubonano, yongeye amenyesha ko muri iyo nama,  Uburundi buzoserukirwa ku rwego rwo hejuru.Nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yabandanije abishikiriza, ngo intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo-Brazaville yari azanye ubutumwa bwa mugenzi we arongoye ico gihugu, aho yamutumira mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe CIRGL itegekanijwe kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2017. Muri urwo rugendo rw’iyo ntumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo- Brazaville, Jean Claude Gakosso, ngo yari aje kwirabira kandi uko ibintu vyifashe mu Burundi, aho yasanze ngo ibintu vyifashe neza. Mu Burundi ngo hari amahoro n’umutekano, ibikorwa vy’iterambere hamwe n’imirimo itandukanye y’igihugu irabandanya. Ivyo rero ngo ntivyamutangaje, ariko ngo atangazwa n’ivyandikwa ku Burundi ata kuri kurimwo. Aho rero agatera akamo abandi  ko boza barishikira mu Burundi kugira barabe uko ibintu vyifashe.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ngo  yaramushimiye kuri ubwo butumire, aho yamubwiye ko Reta y’Uburundi ari igihugu kimwe mu bigize uwo muryango kandi ko Uburundi buzoserukirwa ku rwego rwo hejuru. Muri uwo mubonano kandi, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko amahoro n’umutekano biri mu gihugu vyobandanya bitsimbatara kugira ntihabe gusubira inyuma. Ivyo navyo ngo bizoshoboka ari uko intambamyi  n’inzitizi zihari zimwe zimwe zovanwaho. Muri izo ntambamyi akavuga igihugu c’Urwanda ngo cahaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’imirwi yagerageje gutera Uburundi ndetse ngo n’ubu igifise uwo mugambi, iyo nayo ikabandanya isasirwa indava muri ico gihugu.Vyongeye, ngo Reta y’Uburundi yarasavye ko hoza abahinga bakaraba ibirego vy’Urwanda rwareze Uburundi ko arivyo, ariko ngo abo bahinga basanze ivyo birego atarivyo. Ku ruhande rw’Uburundi nabwo ngo bwarasavye ko abo bahinga boja mu Rwanda kuraba ko gihaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’abitegurira guhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi ngo Urwanda rwaravyanse. Kabaye akaryo ko gusaba uwo mushikiranganji w’imigenderanire n’ugufashanya n’ibindi bihugu wa Kongo-Brazaville ko bokwicarira ico kibazo, mbere hafatwe ingingo zotuma amahoro n’umutekano bitsimbatara mu karere.

Déo Misigaro                                                                                                     

 

Ouvrir