Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yaruguruye inyubakwa zitandukanye mu ntara za Ngozi na Kayanza

 

DSC 0237 Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA  yaruguye icese inyubakwa  yo kwakira ingenzi «Hotel  Ruhuka » iri i Buye, komine Mwumba intara ya Ngonzi ifise  ivyumba 52 , ahazokorerwa inama, hamwe n’ibindi bibanza bitandukanye vyo kwakiriramwo ingenzi haba ubunywero canke aho gufungurira. Aho hakaba  hari kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2017 .Abarwizatunga batandukanye bo mu Burundi bakaba aribo bagiye hamwe baraheza bararangura uwo mugambi wo kwubaka iyo nzu bakoresheje amafaranga y’amarundi  angana n’imiriyaridi zibiri n’igice. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA  yaruguye icese inyubakwa  yo kwakira ingenzi «Hotel  Ruhuka » iri i Buye, komine Mwumba intara ya Ngonzi ifise  ivyumba 52 , ahazokorerwa inama, hamwe n’ibindi bibanza bitandukanye vyo kwakiriramwo ingenzi haba ubunywero canke aho gufungurira. Aho hakaba  hari kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2017 .Abarwizatunga batandukanye bo mu Burundi bakaba aribo bagiye hamwe baraheza bararangura uwo mugambi wo kwubaka iyo nzu bakoresheje amafaranga y’amarundi  angana n’imiriyaridi zibiri n’igice. Mw’ijambo ryiwe, Prezida NKURUNZIZA  yarasavye abarwizatunga bo mu Burundi  kuja hamwe mu gihe cose bazoba bipfuza gukora imigambi y’iterambere nakare ngo umutwe umwe ntiwigira inama.Yarashimiye cane  abo barwizatunga bo batashimye kurangurira ico gikorwa mu kindi gihugu kandi bari babishoboye, amenyesha ko berekanye umutima wo gukunda igihugu cabibarutse mu kugiteza imbere.Yarabashimiye kandi ko bumvirije impanuro yabahaye,  ko batoba banyamwigendako kuko ngo nyamwigendako ntarimira impeshi . Evariste Ntungicimpaye yaserukuye abo barwizatungabubatse  nawe yamenyesheje ko iyo nyubakwa izofasha mw’iterambere ry’igihugu mu gutanga akazi n’amakori azoja mu kigega ca Reta. Imbere yaho, Prezida NKURUNZIZA yabanje kwugurura icese ivuriro rikuru rya Masanganzira riri muri komine Kiremba intara ya Ngonzi . Iryo vuriro rikaba ririmwo aho bazorwariza abakuze, abana, tutibagiye aho bazokwakirira abavyeyi n’ibindi bibanza bitandukanye bazoranguriramwo imirimo itandukanye.  Avuye aho, yaciye aja kwugurura icese inzu y‘inama iri muri komine Kiremba zone Rukere yubatswe muri ya mafaranga imiriyoni 500  Reta y’Uburundi yaronsa amakomine ibicishije mu kigenga Fonic Prezida NKURUNZIZA akaba yaruguruye icese ishure shingiro rya Ruyange riri muri komine Tangara, intara ya Ngonzi rigizwe n’amasomero 6 hamwe n’ibiro vy’umuyobozi. Yaciye kandi yongera aja ku musozi Musenyiri muri komine Tangara nyene aho hariko harubakwa ibitaro vy’akarorero kugira ngo yirabire aho  ibikorwa vyo kwubaka ivyo bitaro bigeze. Bukeye bwaho,  kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2017 Petero NKURUNZIZA  yaragiye mu Rukeco muri komine Busiga aho ishirahamwe ry’abasubijwe mu buzima busanzwe ryororera  ifi n’inkoko. Mu nyuma Prezida NKURUNZIZA yaciye aja kwugurura ishure ry’imyuga rya Magamba riri muri komine Kayanza intara ya Kayanza. Iryo shure rikaba ryubatswe n’abanyagihugu bafashijwe  n’intererano ya Reta y’Uburundi. 

 Thérèse Niyonkuru                                                             

Ouvrir