Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yaratanguje ibikorwa vy’irima ry’ agatasi

agatasiUmukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA  yararanguye  ibikorwa bitandukanye mu ntara  ya Ngonzi aho yatanguje ibikorwa  vyo kurimira  agatasi hanyuma yifadikanya  n’abanyagihugu bo mu makomine atandukanye aho baba bariko bararangura ibikorwa vy’iterambere rusangi.  Aho hari kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 2017.Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA  yararanguye  ibikorwa bitandukanye mu ntara  ya Ngonzi aho yatanguje ibikorwa  vyo kurimira  agatasi hanyuma yifadikanya  n’abanyagihugu bo mu makomine atandukanye aho baba bariko bararangura ibikorwa vy’iterambere rusangi.  Aho hari kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga 2017.Ibikorwa vy’uwo munsi Prezida NKURUNZIZA yabitanguriye ku mutumba Rutanga komine Gashikanwa aho yatanguje ibikorwa vyo  kurimira agatasi mu mirima yiwe. Prezida  NKURUNZIZA akaba yateye imbuto zitandukanye zirobanuye zigizwe n’ibiharage, ibiraya,amateke, imibito y’ibijumbu n’ibindi . Umukuru w’igihugu imbere yo gutera akaba yabanje gusengera izo mbuto hamwe n’izizoterwa mu gihugu cose. Yarateye izo mbuto ku buringanire bungana na hegitari  3 aho hegitari  imwe yaterwamwo ibiharage , iya kabiri igaterwamwo ibiraya, iya 3 nayo  ibigori. Prezida NKURUNZIZA yarasengeye  imbuto ziriko ziraterwa mu gatasi ko zomera zikazokwimburwamwo umusesekara kandi Imana ikazorinda inkukura  imirima. Umukuru w’igihugu yaciye atanga imfashanyo ku miryango ifise amikoro make bava muri komine ya Mwumba, Nyamurenza  na Gashikanwa . Iyo mfashanyo ikaba yari igizwe n’itoni 5 z’umuceri, amasafuriya ashika ku 557, amasahani angana 557, hamwe n’ ivyaruzo bishika 557. Umuryango umwe  ukaba waronswa  ibiro 7 vy’umuceri.Prezida NKURUNZIZA kandi yarifadikanije  n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi mu kwubaka bw abarorerezi  b’umupira ku  kibuga « Agasaka »  c’ingozi . Yarongeye abandaniriza ibikorwa Rusangi muri komine Mwumba aho  i Ngozi aho bariko barasasa amabuye  hasi basiga  n’isima bongera bagura ishure shingiro ryo kw’i Hayiro . Iryo shure rikaba igizwe n’ amasomero abiri n’ibiro umuyobozi azokoreramwo. 

Thérèse Niyonkuru
                                                                         

 

Ouvrir