Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta buherutse kuronswa imodoka n’ishirahamwe Trust Company Limited

 

kzmweeeKw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 2017, ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta ( P.P.B.)  bwararonkejwe imodoka yo mu bwoko bwa « Toyota-Probox »  n’ishirahamwe  Trust Company . Kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 2017, ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta ( P.P.B.)  bwararonkejwe imodoka yo mu bwoko bwa « Toyota-Probox »  n’ishirahamwe  Trust Company . Iyo modoka ikaba atari ingabire ariko yatanzwe mu ntumbero yo gufashanya no guhanahana ibikorwa birangurwa  y’ayo mashirahamwe uko ari abiri. Umuyobozi mukuru iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta, Louis Kamwenubusa yakiriye iyo modoka ,yamenyesheje ko ubwo buyobozi arongoye bwarondeye ishirahamwe Trust Company,  baraheza barumvikana kugirango mu vyo bakora vya minsi yose vyo gutanga amakuru harimwo no kumenyekanisha ivyo   baze barahanahana ivyo bafise, ivyo bakora. 

Ni muri iyo ntumbero rero ngo ishirahamwe Trust Company limited ryaronkeje imodoka ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta, gutyo ubwo buyobozi nabwo ngo bugaca bumenyekanisha ibidandazwa vy’iryo shirahamwe rikora  bubicishije mu kinyamakuru le « Renouveau ».  Ubwo buyobozi rero ngo bwari bufise imodoka zibiri gusa, ivyo navyo ngo bigaca bituma hakotwa izindi modoka zo hanze zifasha mu kurangura umurimo wo kumenyesha amakuru n’ibindi. Ku bw’ivyo ngo amafaranga akoreshwa mu gukota izo modoka ashika imiriyoni 65 ku mwaka ku mwaka. Ariko ngo kubera iyo modoka ubwo buyobozi buronse, ica gatatu c’ayo mafaranga ngo azoheza akoreshwe mu bindi na cane cane mu gusohora ibinyamakuru. Ngo ni akanyamuneza ntangere rero kuko iyo modoka ije gufasha  vyinshi nko mu kwunguruza  abamenyeshamakuru bagiye kurondera  amakuru n’ibindi.Louis Kamwenubusa akaba yaboneyeho akaryo ko gutera akamo ayandi mashirahamwe cane cane ay’abikorera ivyabo kugirango nibaba bafise ivyo bakora bashaka ko bimenyekana ngo baze barabizana mu buyobozi arongoye babimenyekanishe gutyo nabo baheze baronse ubwo buyobozi ivyo bakora kuko ngo n’ubundi iyo baramutse baje kumenyekanisha ibidandazwa vyabo barinda kuriha amafaranga. Yarashimiye ishirahamwe Trust Company kuko uwo mugambi wo guhanahana ibikorwa ryawumvise kare  kurusha ayandi mashirahamwe. Yarongeye ashimira Reta y’Uburundi biciye mu bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru kuko hariho itegeko rijanye n’umwuga wo kumenyesha amakuru rivuga ko  ibinyamakuru birondeye ikintu hanze bidatanga ikori. Ku bwiwe ngo iyo modoka yari gutangirwa ikori naho ubuyobozi arongoye bwari buyironse butayiguze ariko ngo nta kori bwatanze. Yarangije asaba abagiye gukoresha iyo modoka ngo bazogerageze kuyibungabunga, bayikoreshe neza nk’uko ico gikoresho coba ari icabo. Uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Trust Company mu Burundi, Jean Baptiste Simbavimbere nawe yamenyesheje ko ubuyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta busanzwe bumenyekanisha  ivyo bakora biciye mu kinyamakuru « Le Renouveau », ko ari muri iyo ntumbero rero iryo shirahamwe naryo ryatanze iyo modoka yo mu bwoko bwa Toyota-Probox.

 Estella Niyongere

Ouvrir