Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Iragi rya Rwagasore ni inkinzo y’ubumwe n’iterambere ry’Uburundi

RwagasoreMuri iki gihe buca twibuka imyaka 56 irangiye abansi b’Uburundi bagandaguye incungu yabwo umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore abarundi twese dukwiriye gukubita agatima mpembero ku migabo n’imigambi y’iyo ntwari yaharaniye intahe y’ukwikukira kw’Uburundi gushika n’aho abwigura kuko ku wa 13 Gitugutu 1961 abansi b’Uburundi ariho bashira mu ngiro uwo mugambi wabo mubi wo kumugandagura.Ariko bikaba bitabujije ko ku wa 1 Mukakaro 1962 Uburundi buronka intahe y’ukwikukira, ibendera ry’Ububirigi riramanurwa iry’Uburundi rirurizwa, ururirimbo rwo guhayagiza igihugu cacu « Burundi bwacu » rurasamirana.Muri iki gihe buca twibuka imyaka 56 irangiye abansi b’Uburundi bagandaguye incungu yabwo umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore abarundi twese dukwiriye gukubita agatima mpembero ku migabo n’imigambi y’iyo ntwari yaharaniye intahe y’ukwikukira kw’Uburundi gushika n’aho abwigura kuko ku wa 13 Gitugutu 1961 abansi b’Uburundi ariho bashira mu ngiro uwo mugambi wabo mubi wo kumugandagura.Ariko bikaba bitabujije ko ku wa 1 Mukakaro 1962 Uburundi buronka intahe y’ukwikukira, ibendera ry’Ububirigi riramanurwa iry’Uburundi rirurizwa, ururirimbo rwo guhayagiza igihugu cacu « Burundi bwacu » rurasamirana.Imigabo n’imigambi ya Rwagasore tuvuga ngaha iri mu civugo c’umugambwe yashinze  UPRONA « Ubumwe –ibikorwa –amajambere ».

Nayo mu vyiyumviro vyiwe yashira imbere intwaro rusangi ariyo demokarasi ,akaba yararwanya ingendo y’akarenganyo, abasuma n’abambuzi aribo baryi b’ibiturire hamwe n’imihimbiri yama avuga ko atazobihanganira.Ivyo tukaba tubisanga mw’ijambo yashikirije abarundi n’amakungu ku wa 18 Nyakanga 1961 igihe umugambwe UPRONA waronka intsinzi mu matora y’abashingamateka. Umuganwa atari umugani Rududoviko Rwagasore yavutse ku wa 10 Nzero 1932  ku mwami Mwambutsa wa kane (Mwambutsa IV) yitwa kandi Bangiricenge na Thérèse Kanyonga.Mu mwaka w’1939 niho Rwagasore yatangura amashure y’intango y’i Bukeye hanyuma ayabandaniriza i Gitega.Mu 1945 niho yaja kubandaniriza amashure yisumbuye i Astrida muri prefecture ya Butare aho yamaze imyaka 6 hanyuma aca aja kubandanya kaminuza mu gihugu c’Ububirigi mu karere ka Anvers hanyuma mu 1956 aca aratahuka mu gihugu c’amavuko gutangura urugamba rwa poritike mu ntumbero yo guharanira intahe y’ukwikukira Uburundi bwari bwaranyazwe n’abakoroni baje bacura bufuni na buhoro abarundi benebwo.Mu mwaka w’1958 niho umuganwa Rudoviko Rwagasore yashinga umugambwe w’abadasigana UPRONA.  Amakuru yo kwizera avuga ko mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe UPRONA ryo muri Ntwarante 1960 ariho Rwagasore yashikiriza icipfuzo ciwe c’uko Uburundi bwoshikirizwa intahe yabwo y’ukwikukira itagabanije yongera asaba abanyagihugu kutagurira ikidandazwa na kimwe mu mangazini z’abazungu.  Ayo makuru nyene avuga ko iyo ntwari Rwagasore yari asanzwe ariwe samuragwa w’ingoma y’Uburundi, akimara guca ubwenge , akabona ko ibihugu ciwe gitwarwan’abanyamahanga,yaciye agira iciyumviro co kwiyamiriza   intwaro y’ababirigi bari bashize abarundi mu buja bwabo. Rero ngo yakuze afise umugambi uhambaye wo gusubiza igihugu c’Uburundi iteka n’ubwigenge camanye kuva ba sogokuru bakicubaka, bakagiha imbibe imbere y’umuzo wa bakavamahanga.Ngo abakurambere  bakiriho ubu bavyiboneye n’amaso yabo n’abandi babibwiwe n’ababiboneye izuba barazi ko intwaro ya gikoroni y’ababirigi yaranzwe n’ikimoko cakubitwa abanyagihugu mu maso y’abapfasoni babo n’ibibondo vyabo, babanje kubakurako agashambara mu ntumbero yo kubasuzugura no gusuzugura igihugu cose.

Mbere ngo ntibatinya no kubafata nk’udukoko two mw’ishamba  mu guha  umunyagihugu  amazina y’inkende «mushenzi»  (singe) canke «makaki»  (macaque).Vyongeye ngo indya z’inryoshi nizo zategerezwa kugemurirwa abakoroni ,  akaba  ari naco gituma inkoko, amagi n’amasoro vyatozwa mu banyagihugu bigashikanirwa abo babirigi kandi ata n’isenge itoboye biguzwe.Rero umuganwa Rwagasore ngo amaze kubibona uko, kubwo gukunda igihugu ciwe n’abarundi, yahavuye atangura urugamba rwo  guhabuza igihugu ciwe no kwikurako ako kagaye, aca arashinga  umugambwe w’abadasigana UPRONA mu ntumbero yo guharanira intahe y’ukwikukira kw’Uburundi.Nk’uko uwo mukurambere Zénon Nicayenzi yabandanije abivuga ngo uwo mugambwe ukimara gushingwa ,abarundi bakumva imigabo n’imigambi ya Rwagasore baciye bawuhurumbira ku bwinshi.Ngo Rwagasore ari kumwe n’abamufashije  kurongora umugambwe UPRONA barakwiragiye mu gihugu cose begeraniriza abarundi muri uwo mugambwe ku civugo  «Ubumwe-ibikorwa–amajambere» nabo baramuyoboka.Ngo niwe rero yigishije abarundi kuja hamwe bakiteza imbere babicishije mu makoperative kugira barwanye ubukene batarinze kuzera inze.Ngo ababirigi bamaze kubibona uko baciye batangura kwiyegereza abarundi b’abahemu na ba nsumirinda, babagira ibikoresho vyabo bihekako mu kurwanya Rwagasore, ngo baraheza bashinga umugambwe PDC w’abadashaka ko Uburundi buronka intahe yo kwikukira n’uwundi mugambwe PP ngo wari wihaye ihangiro ryo kuvangura abarundi mu ntumbero yo kubacanishamwo. Rwagasore n’abarundi isinzi bari inyuma yiwe bakaba bararwaniye iyo ntahe gushika ku ntsinzi y’umugambwe UPRONA yo ku wa 18 Nyakanga 1961 mu matora y’abashingamateka aho, uwo mugambwe waronse amajwi arenga ibice 80 kw’ijana. Ababirigi babonye ko Rwagasore abakuye amata mu kanwa  niho bamwambura ubuzima ku wa 13 Gitugutu 1961 .Ivyo biranemezwa n’ikinyamakuru « Toudi » casohotse mu 2013 kivuga ivyatohojwe n’umuhinga w’umwongereza Ludo De Witte kw’igandagurwa rya Rwagasore.Vyaremejwe n’umugirigi Jean Kageorgis nyene kumugandagura amurashe.Ivyakurikiye birazwi, inyuma y’igandagurwa rya Rwagasore, uburongozi bw’umugambwe UPRONA bwaciye buhungabana, abayoboke ba Rwagasore nabo bacika nk’ingabo zitagira umutware arizo mpehe! Abari kurwanira umugambwe   batangura gucanamwo, bamwe baricwa bazira ubusa, abacitse kw’icumu nabo bangarira inyuma y’igihugu. Ubumwe bw’abarundi bumaze gutirigana, abayoboke ba Rwagasore bari gusegura inkingi z’umugambwe bahavuye basa n’abihebuye, batangura kubona ko ataco bokwishoboza  batagikorewe na bakavamahanga. Abo nabo ivyo bakoze mu myaka ishika 45 si vyinshi namba. Ariko ubu abarundi bakaba bashobora kwirimbura bakabona ko kuva mu 2007 gushika muri uwu mwaka w’2017 (ni ukuvuga imyaka yababa 9) bamaze gutunganya babicishije mu bikorwa vy’iterambere rusangi, imigambi irenga incuro gatanu ivyo bakavamahanga baranguriye Uburundi kuko  bamaze kwiyubakira amashure y’intango, ayisumbuye na kaminuza arenga 5000 tudasize inyuma izindi nyubako rusangi nk’ibiro vya ba buramatari, ba musitanteri , amavuriro ibitaro, ibibuga vy’inkino n’ibindi.Iryo terambere abarundi dushitseko  niryo abo bahoze badufukamye mu nda bakubitizako ijisho bakajingitwa,bagakubita urutoke rugaturika ngo bashirwe babisambuye babicishije muri vya vyipfuzo vyabo vy’ihonyakwoko n’amaraporo y’ibinyoma acafuza Uburundi.Intsinzi y’abarundi kuri ivyo bikorwa vyose bibi abanyaburaya badukorera tukaba tugumye tuzirikana iragi rya Rwagasore kuko ariyo nkinzo y’ubumwe n’iterambere ry’Uburundi.

Jean-Robert Nshorirambo

 

Ouvrir