Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi ngo barafise uruhara runini mu gusanura ivyasambutse no guteza imbere ubutunzi n’imibano

 

uuuuwimMu Burundi no mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ngo abakenyezi barasinzikajwe  kandi babandanya basinzikazwa n’intambara n’ingaruka mbi zifatiye kuri poritike, imibano n’ubutunzi. Naho biri uko ngo nibo begwa ahanini no gusanura ivyasambutse no guteza imbere ubutunzi n’imibano. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi, Félix Mpozeriniga ku wa 29 Nyakanga 2017 mu gihe yariko yugurura inama yo kuraba ukugene hoba icigwa ku bijanye n’ubusumbasumbane hagati y’abakenyezi n’abagabo mu buzi bwa Reta. Mw’ijambo ryiwe, Félix Mpozeriga  yaribukije ko hari umugambi wa Reta ushingiye ku ntumbero nkuru nkuru zitandatu harimwo guteza imbere uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere ry’ingo n’igihugu; kugira amategeko n’amateka amwe n’abagabo ; kugira uburenganzira bumwe co kimwe n’abagabo mu migwi ifata ingingo no mu bijanye nivyokorwa mu  gutsimbataza amahoro n’umutekano n’ibindi. Mu Burundi no mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ngo abakenyezi barasinzikajwe  kandi babandanya basinzikazwa n’intambara n’ingaruka mbi zifatiye kuri poritike, imibano n’ubutunzi. Naho biri uko ngo nibo begwa ahanini no gusanura ivyasambutse no guteza imbere ubutunzi n’imibano. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’akazi no gutegekaniriza kazoza abakozi, Félix Mpozeriniga ku wa 29 Nyakanga 2017 mu gihe yariko yugurura inama yo kuraba ukugene hoba icigwa ku bijanye n’ubusumbasumbane hagati y’abakenyezi n’abagabo mu buzi bwa Reta. Mw’ijambo ryiwe, Félix Mpozeriga  yaribukije ko hari umugambi wa Reta ushingiye ku ntumbero nkuru nkuru zitandatu harimwo guteza imbere uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere ry’ingo n’igihugu; kugira amategeko n’amateka amwe n’abagabo ; kugira uburenganzira bumwe co kimwe n’abagabo mu migwi ifata ingingo no mu bijanye nivyokorwa mu  gutsimbataza amahoro n’umutekano n’ibindi.Kugira hashigwe mu ngiro umugambi wa Reta ushingiye kwiterambere ridakumira, uwo mushikiranganji yamenyesheje ko umurwi w’abahinga washizweho ushigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD kugira ushire ahabona urugero rwubusumbasumbane hagati y’abagabo n’abagore  mu nzego za Reta, uzokwerekana ibituma haba ubwo busumbasumbane, no gutanga intumbero zofatwa kugira ubwo busumbasumbane buhave.Umushikiranganji Félix Mpozeriniga yasavye abarongoye ubuzi bwa Reta kworohereza abo bahinga mu kubaha inkuru zose bazoba bakeneye mu gihe bazoba bariko barangura ico gikorwa. Yarangije ashimira abari bitavye iyo nama yongera ashimira ishirahamwe PNUD ku mfashanyo yaryo kugira iyo poritike ya Reta ishigwe mu ngiro.

 Gloriose Nshimirimana(Uwimenyereza)                                                                                        

Ouvrir