Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibanki AFREXIBANK ngo izofasha Uburundi mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi hamwe n’amabarabara

azDSC 0038Ibanki AFREXIBANK ngo izofasha Uburundi mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi, igisata c’amabarabara ya kaburimbo, amabarabara y’indarayi, ibijanye n’ingenzi, igisata c’amasoko ntanganguvu n’ubutare. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye ibanki AFREXIBANK Benedicte Okey ORAMAH ku wa 25 Nyakanga 2017 inyuma y’umubonano intumwa z’iyo banki zari zihejeje guhabwa n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.Ibanki AFREXIBANK ngo izofasha Uburundi mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi, igisata c’amabarabara ya kaburimbo, amabarabara y’indarayi, ibijanye n’ingenzi, igisata c’amasoko ntanganguvu n’ubutare. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye ibanki AFREXIBANK Benedicte Okey ORAMAH ku wa 25 Nyakanga 2017 inyuma y’umubonano intumwa z’iyo banki zari zihejeje guhabwa n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.Yamenyesheje ko iyo banki yamaze gushiraho ibisata izofashamwo Uburundi. Ngo iyo banki ikorera mu gisata co kugura ibidandazwa mu bindi bihugu no gushorera mu bindi bihugu ibikorerwa mu gihugu cacu. Yarashimye kubona Uburundi bushize umutahe muri iyo banki. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa nawe yamenyesheje ko Umukuru w’igihugu yashimiye intumwa z’iyo banki kuko zagendeye Uburundi mu gihe hari abantu bavuga ivyo bashatse ku Burundi. Ivyo ngo vyerekana ko mu Burundi harangwa amahoro n’umutekano kuko atawugendera igihugu kidatekanye. Ngo yarashimye n’umwitwarariko iyo banki ifise kw’iterambere ry’Uburundi kuko uwo ayirongoye yemeye ko izofasha Uburundi mu migambi itandukanye. Ngo barabonanye kandi n’abarongoye ibanki nkuru y’igihugu kugira bahanahane ivyiyumviro ku kugene bofashanya mu bijanye no gukarisha ubwenge. Niko kumenyesha ko iyo banki yashinzwe mu mwaka w’1993, itangura gukora mu mwaka w’1994. Iyo banki rero ngo yagiyeho mu gihe amabanki amwe amwe y’i Buraya no muri Amerika yari atanguye gukura akarenge muvyo gufasha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Iyo banki kandi ngo ifise icicaro ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, ikaba ifise n’amashami mu bindi bihugu bine vya Afrika.
Epitace Nduwayo   

 

Ouvrir