Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI igiye gutunganywa amatora y’abakenguzamateka mu gisagara ca Bujumbura

457Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora (CENI) Pierre- Claver Ndayicariye yarashikirije itangazo abarundi bose, abakurikirana ivya poritike , abanyamigambwe canke abitoza ku giti cabo abamenyesha  ko mu minsi iri imbere  umuRwi CENI wasabwe gutegura amatora yo gusubiriza abakenguzamateka bo mu gisagara ca Bujumbura cane cane umukenguzamateka Martin Mbazumutima aheruka gushingwa ayandi mabanga n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.  Iryo tora  rero CENI isabwa gutegura rizoba kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2017.Rizobera  i Bujumbura kubera ryerekeye igisagara  ca Bujumbura . Kukaba nkako, itegeko ry’Umukuru w’igihugu rihamagarira abatora ryarashizweko umukono kw’igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017,  rihamagarira  abajenama b’amakomine y’igisagara ca Bujumbura  basanzwe bari mu mabanga muri iki kiringo  c’2015 gishira ica  2020 kwitaba ayo matora.

Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora (CENI) Pierre- Claver Ndayicariye yarashikirije itangazo abarundi bose, abakurikirana ivya poritike , abanyamigambwe canke abitoza ku giti cabo abamenyesha  ko mu minsi iri imbere  umuRwi CENI wasabwe gutegura amatora yo gusubiriza abakenguzamateka bo mu gisagara ca Bujumbura cane cane umukenguzamateka Martin Mbazumutima aheruka gushingwa ayandi mabanga n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.  Iryo tora  rero CENI isabwa gutegura rizoba kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2017.Rizobera  i Bujumbura kubera ryerekeye igisagara  ca Bujumbura . Kukaba nkako, itegeko ry’Umukuru w’igihugu rihamagarira abatora ryarashizweko umukono kw’igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017,  rihamagarira  abajenama b’amakomine y’igisagara ca Bujumbura  basanzwe bari mu mabanga muri iki kiringo  c’2015 gishira ica  2020 kwitaba ayo matora.Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko ico bashaka gushikiriza ari uko imigambwe yose ivyifuza canke imigambwe yashimye kuja hamwe canke abigenga bavyifuza kandi bakwije ivyo amategeko asaba ko bashobora gutwara muri CENI ivyerekana ko bashaka kwitoza , bakaba biteguye kubakira  mbere ibikorwa bikaba vyaratanguye  kw’igenekerezo rya 25 Nyakanga 2017 bikazorangira  kw’igenekerezo rya  9 Gitugutu 2017. Muri make rero ngo itegeko rigenga amatora rirerekana ivyo uwitoza ashikiriza  CENI ngo akaba ari urupapuro rudonda  ubuzima bw’uwifuza kw’itoza , fotokopi ya karangamuntu,urupapuro rwerekana ko ata kimukurikirana mu butungane , urupapuro rwerekana amavuko yiwe,igipapuro cerekana aho haba,urupapuro rwerekana ko afise amagara meza,amafoto pasiporo 4 n’icerekana ko yatwaye mw’ibanki y’igihugu amafaranga ibihumbi 400 n’igipapuro ashirako umukono cerekana ko ashigikiye amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Umurwi uzakira amadosiye warateguwe, uzokwakira abazanye amadosiye yo kwitoza iminsi yose  y’akazi  mu gitondo  kuva isaha imwe n’igice gushika isaha zitandatu, inyuma y’umutaga naho kuva isaha y’8 gushika isaha 11 n’igice.Yarangije amenyesha ko itora ryose ribaye mu gihugu aba ari umwanya uhambaye  wo gushigikira gutsimbataza  ingendo ya demokarasi mu gihugu. 

 Josélyne Ndayegamiye

                        

Ouvrir