Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi ngo ntaco itazokora kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe, ivyaha vyose bihanwe

 

cndijhReta  y’Uburundi yariyamirije ingingo ya ONU 33/24 kuko yabonye kare  ko umurwi wakoze icegeranyo ku Burundi  washaka  kwerekana  ko uko bigenda kwose habaye ivyaha vy’agahomerabunwa mu gihugu.  Ngo kandi kwari kugira Uburundi  bukurwe mu kanama kajejwe ivy’agateka ka zina muntu,  no gutuma  sentare mpuzamakungu  CPI iza kugira amatohoza.  Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji  w’agateka ka zina muntu,  ugushikirana  n’iterambere ridakumira,  Martin Nivyabandi mu kiganiro yahaye  abamenyeshamakuru ku wa 28 Nyakanga 2017.Reta  y’Uburundi yariyamirije ingingo ya ONU 33/24 kuko yabonye kare  ko umurwi wakoze icegeranyo ku Burundi  washaka  kwerekana  ko uko bigenda kwose habaye ivyaha vy’agahomerabunwa mu gihugu.  Ngo kandi kwari kugira Uburundi  bukurwe mu kanama kajejwe ivy’agateka ka zina muntu,  no gutuma  sentare mpuzamakungu  CPI iza kugira amatohoza.  Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji  w’agateka ka zina muntu,  ugushikirana  n’iterambere ridakumira,  Martin Nivyabandi mu kiganiro yahaye  abamenyeshamakuru ku wa 28 Nyakanga 2017.

Kuva ku wa  11 gushika ku wa 29  Nyakanga 2017, mu gisagara c’I Genève mu gihugu c’Ubuswise  harabereye  inama igira 36 y’akanama kajejwe agateka ka zina muntu, kandi  Uburundi buri ku rutonde. Uburundi ngo bwerekewe kuko  hari icegeranyo cakozwe n’umurwi w’abatohoza ugizwe na Fatsah Ouguergouz «Algérie », ariwe awurongoye ,  Reine  Alapin «Benin » na Francoise Hampson « Ubwongereza »washikirijwe.Uwo murwi  kandi ngo wagiyeho ku ngingo inumero 33/24 yatowe n’amajwi 19 kuri 47.  Amajwi 7 yarayihakanye, 21 ntibagize ico bavuze. Abatatoye iyo ngingo ngo bagizwe n’ibihugu vya  Afrika,  igihugu catoye iyo ngingo akaba ngo ari Ghana gusa. Uburundi ngo bukaba bwarayiyamirije kuko bwabonye hari  ivyinyegeje inyuma.Yongeye kandi amenyesha ko uno munsi baravye icegeranyo umurwi wagize amatohoza, hasabwa kuwuha ikindi kiringo c’umwaka , iciyumviro ngo Reta  y’Uburundi idashobora kwemera kuko imvo ari za zindi.  Ubumwe bwa Buraya ngo bwarateguye  iyindi ngingo  isaba ko urya murwi uhabwa ikindi kiringo aha naho nyene ngo Reta y’Uburundi yararonse akanya ko kuvyiyamiriza.Umushikiranganji kandi akaba yamenyesheje ko Reta  mu kwanka ishingira  ku ngingo 33/24 yashizweho biciye mu nguvu z’Ubumwe bwa Buraya  aho kuja inama n’ingingo nk’uko bitegerezwa  kugenda.  Ahandi  ngo basanga ico cegeranyo  c’uwo murwi w’amatohoza ari ikopi y’ikindi cegeranyo ca EUNIB carimwo ibinyoma vyinshi gushika n’aho ngo kivuga ko abategetsi  bakuru b’i Burundi aribo bafise inzu haberamwo   ibikorwa vyo  kuboreza igufa abantu.

Reta y’Uburundi rero ngo ntiyashatse gushigikira ko akanama kajejwe agateka ka zina muntu kaba urubuga rwa poritike canke kiha ububasha katahawe n’ibihugu. Ngo amatohoza njarubanza akorwa n’umushikirizamanza gusa. Yaciye kandi amenyesha ko intumwa za Reta y’Uburundi zagiriraniye imibonano myinshi n’abaserukiye ibindi bihugu kugira basigurirwe uko ibintu vyifashe mu gihugu c’ Uburundi  no kubasaba ko iyo ngingo y’Ubumwe bwa Buraya boyihakana .Umushikiranganji  Martin Nivyabandi akaba yarangije amenyesha ko Reta  yiyamirije ico cose kizana ingingo iganisha ku matohoza akorwa n’abanyamahanga kuko ngo  Inama Nshingamateka  iheruka gushiraho umurwi ugiye kuraba mu mezi atatu ivyagirizwa inzego za Reta .Yongeye kandi amenyesha ko Reta   ataco itazokora kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe kandi ivyaha vyose bihanwe. Uburundi kandi ngo buzobandanya bukorana n’amakungu kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe ariko ivyo ngo bigakorwa hubahirijwe ukwikukira kw’igihugu icarico cose.

Christine Manirambona

Ouvrir