Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu c’Ubushinwa ciyemeje kuba hafi Uburundi

chineImigenderanire iri hagati y’ibihugu vy’Uburundi  n’Ubushinwa izobandanya itera imbere. Ivyo vyashikirijwe na Alexis Badia Ndayihimbaze, umuvugizi w’Inama Nshingamateka inyuma y’umubonano umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda yari ahejeje guha uwuserukira igihugu c’ubushinwa mu Burundi mushasha Li Changlin. Badia Ndayihimbaze yamenyesheje ko imigenderanire iri hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa ari myiza cane kandi  ikazobandanya itera imbere kurusha.  Uwaje guserukira  igihugu c’Ubushinwa mushasha nawe akaba yamenyesheje ko yasanze amahoro ari yose mu gihugu c’uburundi ngo akazokora uko ashoboye kugira iyo migenderanire itere imbere gusumba. Yaravuze ko igihugu c’ubushinwa cama kiri hafi  Uburundi haba mu migambi mikuru mikuru irangurirwa mu bisata bitandukanye nka  poritike, amagarara y’abantu n’ibindi.Imigenderanire iri hagati y’ibihugu vy’Uburundi  n’Ubushinwa izobandanya itera imbere. Ivyo vyashikirijwe na Alexis Badia Ndayihimbaze, umuvugizi w’Inama Nshingamateka inyuma y’umubonano umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda yari ahejeje guha uwuserukira igihugu c’ubushinwa mu Burundi mushasha Li Changlin. Badia Ndayihimbaze yamenyesheje ko imigenderanire iri hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa ari myiza cane kandi  ikazobandanya itera imbere kurusha.  Uwaje guserukira  igihugu c’Ubushinwa mushasha nawe akaba yamenyesheje ko yasanze amahoro ari yose mu gihugu c’uburundi ngo akazokora uko ashoboye kugira iyo migenderanire itere imbere gusumba. Yaravuze ko igihugu c’ubushinwa cama kiri hafi  Uburundi haba mu migambi mikuru mikuru irangurirwa mu bisata bitandukanye nka  poritike, amagarara y’abantu n’ibindi.Ngo baragize umugambi mwiza wo kwubaka ingoro  Umukuru w’igihugu azokoreramwo ikaba igeze kure . Ngo ikindi naco bavuganye Ni uko Inama Nshingamateka y’Uburundi  iriko iragerageza gutsimbataza imigenderanire myiza n’Inama Nshingamateka y’Ubushinwa. 

 Thérèse Niyonkuru                                                   

 

Ouvrir