Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Hagiye gushirwaho ikigega c’igihugu co gukingira ibidukikije

DSC 0051douMw’itegeko rishasha ryo gukingira ibidukikije ngo hagiye gushirwaho ikigega c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije. Ico kigega ngo kizofasha kugira ahaba hakorewe ibikorwa vyo gucukura ubutare, kwimba ibikoresho vyo kwubaka, n’ibindi hasubizwe uko hari hameze imbere yo kuharangurira ivyo bikorwa mu ntumbero yo gukingira ibidukikije. Izo ni zimwe mu ngingo ziri mu gitabu ngendarwako co gukingira ibidukikije, igitabu giherutse guhinyanyurwa mu ntumbero y’uko cojana n’ibihe.Itegeko riherutse guhinyanyurwa ryari iryo mu mwaka w’2000, ngo vyari ngombwa ko rihinyanyurwa inyuma y’imyaka 17 ririko rirakoreshwa. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe gukingira ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Alphonse Polisi, ku wa 26 Nyakanga 2017, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mw’itegeko rishasha ryo gukingira ibidukikije ngo hagiye gushirwaho ikigega c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije.

Ico kigega ngo kizofasha kugira ahaba hakorewe ibikorwa vyo gucukura ubutare, kwimba ibikoresho vyo kwubaka, n’ibindi hasubizwe uko hari hameze imbere yo kuharangurira ivyo bikorwa mu ntumbero yo gukingira ibidukikije. Izo ni zimwe mu ngingo ziri mu gitabu ngendarwako co gukingira ibidukikije, igitabu giherutse guhinyanyurwa mu ntumbero y’uko cojana n’ibihe. Itegeko riherutse guhinyanyurwa ryari iryo mu mwaka w’2000, ngo vyari ngombwa ko rihinyanyurwa inyuma y’imyaka 17 ririko rirakoreshwa. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe gukingira ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Alphonse Polisi, ku wa 26 Nyakanga 2017, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Alphonse Polisi yabandanije abishikiriza, ngo vyari ngombwa ko igitabu ngenderwako co gukingira ibidukikije gihinyanyurwa kubera cari kimaze imyaka 17 kiriko kirakora. Kuva mu mwaka w’2000 kiriko kirakora, ngo hariho ibikorwa bimwe bimwe  vyagorana gushira mu ngiro kubera ko bidafise ifatiro muri ico gitabu ngenderwako. Vyongeye, ngo ni no muri iyo ntumbero babonye ko ari ngombwa ko hari ibikwiye guhinyanyurwa kubera n’ibihe vyagiye birahindagurika ndetse n’ico gitabu ngenderwako co gukingira ibidukikije kijane n’ibihe vya none, narirya isi ihanzwe n’ihindagurika ry’ibihe n’Uburundi burimwo. Mu gitabu co mu mwaka w’2000, ngo ikibanza c’ihindagurika ry’ibihe nticari mw’itegeko ngenderwako ryo gukingira ibidukikije. Muri kino gihe, ngo ibikorwa biriko birarangurwa n’ibitegekanywa mw’itegeko rya kera ngo wasanga ataco ribivugako, ako rero ngo kari agahaze.

Icifuzo ngo ni uko boshiramwo uruhara rw’umwe n’uwundi mu ntumbero y’uko hoboneka uburyo bwo kurangura ibikorwa biba bikenewe.Bisubiye, ngo hari itegeko riherutse guterwako umukono n’Umukuru w’igihugu  riha ububasha amakomine kugira yitunganirize ibikorwa vy’iterambere. Ayo makomine rero nk’uko yitaho ibikorwa vy’iterambere, ngo ategerezwa kugira uruhara rudasanzwe mu gikorwa co gukingira ibidukikije. Muri iyo nteguro y’itegeko rishasha ryo gukingira ibidukikije rihinyanyuye, ngo amakomine yahawe  ikibanza gikomeye kugira atunganye ibikorwa vy’iterambere muri rusangi, n’ibidukikije bidasigaye inyuma.Amashirahamwe ngo ategerezwa kugira uruhara mw’ikingirwa ry’ibidukikije. Mw’itegeko ryo mu mwaka w’2000, ngo amashirahamwe uruhara rwayo ntirwagaragara mu gikorwa co gukinginira ibidukikije, ubu rero ngo bipfuje ko mw’itegeko rishasha rihinyanyuye ryo mu mwaka w’2017, urwo ruhara rwayo rwoboneka. Ayo mashirahamwe mu gihe akoresha ahanini ibikoresho bivuye mu bidukikije, ngo ategerezwa kugira uruhara rwo kubikingira. Kuri ivyo, ngo muri iryo tegeko barategekanya gushiraho ikigega c’igihugu cofasha gukingira ibidukikije, kubera mw’itegeko ryo mu mwaka w’2000, ako ngo kari gahaze. Ico kigega ngo categekanijwe kugira aharangurirwa ibikorwa nk’ivyo gucukura ubutare, kwimba ibikoresho vyo kwubaka hasubizwe uko hari hameze.Ivyo rero ngo birafasha gusubiza akanovera isi, ariko ngo bisaba uburyo bwinshi. Abo rero ngo baba baranguye ibikorwa mwene ivyo, nabo nyene  bategerezwa kugira ico baterereye babicishije muri ico kigega co gukingira ibidukikije. Amahinguriro nk’uko mu mirimo ajejwe ari uguteza imbere ubutunzi bw’igihugu, ngo mu bushikiranganji bw’amazi, ibidukikije no gutunganya amatongo n’ibisagara baremeza ko ata terambere rirama rishoboka ibidukikije bidakingiwe. Ku bwiwe rero, ngo nk’amahinguriro akoresha amazi mu mirimo yayo ya minsi yose, ngo ategerezwa gukora ibishoboka kugira ayo mazi akingirwe agume ari meza. Mu gihe mw’itegeko rya kera hari abavuga ko ibihano bitegekanywa ku bonona ibidukikije bidafashe, uwo muyobozi yamenyesheje ko ibidukikije ata gaciro bifise kubera amafaranga atangwa adashobora gusubirira ico kinyabuzima. Aho yatanze akarorero k’umusiba ufasha kumanyura intabire kugira icike utuvunji, gutyo igiterwa gishobore kuyinunuza bigatuma umwimbu urwira. Mw’isi ndimwa naho, ngo urafasha kubera aho uciye uhasiga utunogo dufasha umwuka isi ikeneye winjira ariwo « oxygène ». Ivyo binyabuzima rero ngo bipfuye, ntibiheza ngo bisubirizwe ndetse bigashobora gutuma n’isi iba urutare. Muri iryo tegeko rishasha, ngo amahadabu yaradugijwe mu ntumbero y’uko abantu botinya kwonona ibidukikije n’ibinyabuzima bibayo. Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe atera akamo abarundi kwijukira gukingira ibidukikije kuko ngo uko abantu barwira niko ibidukikije bigenda bigabanuka. Eka ngo vyobaye vyiza abantu bamenyereye kubana n’ibidukikije kugira tubeho navyo bibeho.     

  Déo Misigaro                                                                                                

Ouvrir